Accueil > Amakuru > Poritike > Willy NYAMITWE : "Ibiganiro vyo hanze vyunganira ibiganiro vyo hagati mu (...)
Willy NYAMITWE : "Ibiganiro vyo hanze vyunganira ibiganiro vyo hagati mu gihugu’’
jeudi 18 Rusama 2017
Mu kiganiro "Akabirya’’ caciye ku nsamirizi Rema FM umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko ibiganiro bihuza abarundi bibera hanze atari ibiganiro vy’amagaburanyama, ariko ko ari ibiganiro bivugirwamwo ibibazo vy’ubukene, gutsimutsimbataza intwaro rusangi, hamwe no gutsimbataza amahoro n’umutekano.
Willy NYAMITWE avuga ko ibiganiro bihuza abarundi ari ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no gutorera umuti ingorane zamye zihanze igihugu c’Uburundi.

Kubwa Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha mu biro vy’umukuru w’igihugu, nta wanka ibiganiro, ariko akavuga ko abagize ubwicanyi kandi bakurikiranwa n’ubutungane badashobora kwitaba ivyo biganiro.
Willy NYAMITWE amenyesha ko i Arusha ahabera ibiganiro bihuza abarundi bibera hanze y’igihugu hatazova ivyiyumviro vya politike gusa, ariko hazovugirwa n’ibindi vyiyumviro vyofasha Uburundi.
Messages
19 Rusama 2017, 08:23
Hhh
21 Rusama 2017, 06:06, par Wakera
Mbe ivyo biganiro vyohagati mugihugu iyi mbonerakure ivuga nibimwe vyahuza interahamwe, FDLR hamwe n’imbonerakure bigira hamwe ukwo bazomara abantu! Mbe bwo butungane avuga nubwahe ko nubuzobakubita intahe mugahanga babwikuyemwo! Baribesha intahe izobokera!