IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ZHUO Ruisheng yemeye kuba umuserukizi w’ubucuti hagati y’Ubushinwa (...)

ZHUO Ruisheng yemeye kuba umuserukizi w’ubucuti hagati y’Ubushinwa n’Uburundi

vendredi 18 Myandagaro 2017

Mw’ijambo yashikirije ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Myandagaro 2017 mu birori vyo gusezera, ZHUO Ruisheng yavuze ko naho hari ibihe bigoye igihugu c’Uburundi caciyemwo, ashima ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubushinwa ibandanya gutera imbere.

ZHUO Ruisheng yahora aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yavuze ko mu gisata ca poritike, ukwizerana mu bijanye n’imigenderanire bizobandanya gukomera biciye mu ngendo zizokorwa n’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru, nkuko vyatanguye gukorwa haba ku ruhande rw’Uburundi canke rw’Ubushinwa.

Mu bijanye n’imico,uwo yahora aserukira Ubushinwa mu Burundi yavuze ko Ubushinwa buzobandanya imigambi yo guhanahana imico,muri iyo ntumbero umurwi uvuye mu Bushinwa uzoremesha igiteramo i Bujumbura mu kwezi kw’icumi.

Mw’ijambo ryiwe,Ambas Albert NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikiranganji w’imigenderanire akaba ari nawe yaserukiye Reta muri ivyo birori yarashimye imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Uburundi yifashe, arashima kandi uko ZHUO Ruisheng yakoranye neza na Reta y’Uburundi, kandi yagumye hafi y’Uburundi mu bihe bitari vyoroshe.

Ambassadeur Albert NTAHIRAJA amenyesha ko biteze ko uwuzoza gukorera mu ngata ZHUO Ruisheng nawe azokorana neza na Reta y’Uburundi.

ZHUO Ruisheng yari amaze imyaka 2 n’amezi atanu aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, akaba agira 13 mu bamaze guserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.