Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abacuraranzi barashima ko Leta ibitaho ikabashigikira
Abacuraranzi barashima ko Leta ibitaho ikabashigikira
mardi 8 Gitugutu 2013
Abacuraranzi bahurikiye mw’ishirahamwe, “Amical des Musiciens du Burundi” barashima cane intambwe Leta igezeko yo gukingira ibikorwa mvabwenge vy’abahinga harimwo nivy’abacuraranzi. Ivyo vyashirikijwe na Simbavimbere Bruno, asanzwe arongoye iryo shirahamwe.
Simbamvimbere Bruno avuga ko kuva mu mwaka w’2005, Leta yateguye itegeko rigenga iyubahirizwa ry’ibikorwa vy’abahinga mbere inama nshingamateka na nkenguzamateka ziraryemeza, icari gisigaye kwari ugutegura urwego ruzoshira mu ngiro iryo tegeko. Aha rero abanywanyi b’ishirahamwe “Amicale des Musiciens du Burundi” barakenguruka kubona Leta imaze gushiraho n’urwo rwego OBDA (Office Burundais du Droit d’Auteur).
Ku kibazo co kumenya ico abahinga bashima urwo rwego rwoba rumaze kurangura, Simbavimbere Bruno yabariye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Le renouveau ko rumaze gutegura inama nyinshi zo kwereka abahinga ingene rukora, rurabigisha ko iyo umuhinga yateguye ikintu ciwe aca aja kucandikisha muri OBDA kugira ngo kize gikingirwe. Ku bw’uyo arongoye iryoshirahamwe akaba abandanya avuga ko ico gikorwa ari ciza kandi abacuraranzi bagishima cane. Ariko naho biri uko, Leta yotegura itegeko riha amahinguriro uburenganzira bwo kumenyekanisha ivyo ahingura, abicishije ku baririmvyi kuko baheza bakaronka uburyo bakoresha. Amenyesha kandi ko amategeko bene ayo asanzwe ariho no mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko. Asigura ko ihayanishwa ry’ibikorwa n’amahinguriro rica kenshi mu biteramo bitunganywa n’abacuraranzi b’umuziki.
Umukuru wa “Amicale des Musiciens du Burundi” Simbavimbere Bruno, akaba yarangije asaba abaririmvyi gukora cane, kuko iterambere ry’umwuga wabo iridahagaze gusa ku mategeko abagenga ariko rihagaze na cane cane ku vyo bahingura. Amenyesha ko botegura indirimbo zikwije ibisabwa n’ubuhinga kuko niho zigira akanovera maze zigahurumbirwa na benshi.
Aristide Nizigire
Messages
9 Gitugutu 2013, 02:31, par N Paci
Babandanye tubari inyuma