Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abacuraranzi barashima ko Leta ibitaho ikabashigikira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abacuraranzi barashima ko Leta ibitaho ikabashigikira

Abacuraranzi barashima ko Leta ibitaho ikabashigikira

mardi 8 Gitugutu 2013

Abacuraranzi bahurikiye mw’ishirahamwe, “Amical des Musiciens du Burundi” barashima cane intambwe Leta igezeko yo gukingira ibikorwa mvabwenge vy’abahinga harimwo nivy’abacuraranzi. Ivyo vyashirikijwe na Simbavimbere Bruno, asanzwe arongoye iryo shirahamwe.

Simbamvimbere Bruno avuga ko kuva mu mwaka w’2005, Leta yateguye itegeko rigenga iyubahirizwa ry’ibikorwa vy’abahinga mbere inama nshingamateka na nkenguzamateka ziraryemeza, icari gisigaye kwari ugutegura urwego ruzoshira mu ngiro iryo tegeko. Aha rero abanywanyi b’ishirahamwe “Amicale des Musiciens du Burundi” barakenguruka kubona Leta imaze gushiraho n’urwo rwego OBDA (Office Burundais du Droit d’Auteur).

Ku kibazo co kumenya ico abahinga bashima urwo rwego rwoba rumaze kurangura, Simbavimbere Bruno yabariye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Le renouveau ko rumaze gutegura inama nyinshi zo kwereka abahinga ingene rukora, rurabigisha ko iyo umuhinga yateguye ikintu ciwe aca aja kucandikisha muri OBDA kugira ngo kize gikingirwe. Ku bw’uyo arongoye iryoshirahamwe akaba abandanya avuga ko ico gikorwa ari ciza kandi abacuraranzi bagishima cane. Ariko naho biri uko, Leta yotegura itegeko riha amahinguriro uburenganzira bwo kumenyekanisha ivyo ahingura, abicishije ku baririmvyi kuko baheza bakaronka uburyo bakoresha. Amenyesha kandi ko amategeko bene ayo asanzwe ariho no mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko. Asigura ko ihayanishwa ry’ibikorwa n’amahinguriro rica kenshi mu biteramo bitunganywa n’abacuraranzi b’umuziki.

Umukuru wa “Amicale des Musiciens du Burundi” Simbavimbere Bruno, akaba yarangije asaba abaririmvyi gukora cane, kuko iterambere ry’umwuga wabo iridahagaze gusa ku mategeko abagenga ariko rihagaze na cane cane ku vyo bahingura. Amenyesha ko botegura indirimbo zikwije ibisabwa n’ubuhinga kuko niho zigira akanovera maze zigahurumbirwa na benshi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.