Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagendana ubumuga nabo bitaweho mu nyigisho botera imbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abagendana ubumuga nabo bitaweho mu nyigisho botera imbere

Abagendana ubumuga nabo bitaweho mu nyigisho botera imbere

mardi 10 Nyakanga 2013

Mu gihe umwaka umwe ariwo uheze hatanguye kwakirwa abana bagendana ubumuga mu mashure atari ay’abagendana ubumuga, kuri uno munsi, mu nyubakwa za Centre communautaire hatunganijwe inama ku bijanye no kwitegurira umwaka w’ishure 2013 -2014 ku banyeshure bagendana ubumuga "Indero idakumira".

Muri iyo nama babonye ko indero idakumira ishoboka, ariko hagikenewe ibikoresho hamwe n’abigisha bakurikiye inyigisho bijanye.
Mu mwaka uheze w’ibihumbi 2012 - 2013, ishure Lycée Notre Dame de Sagesse ryo mu ntara ya Gitega ryakiriye abana icenda bagendana ubumuga, abatumva hamwe n’abatabona. Muri abo banyeshure bagendana ubumuga bose bakiriwe, batatu nibo bazosubiramwo umwaka, abandi basigaye baramenye, vyerekana ko abagendana ubumuga nabo bashobora gukurikirana inyigisho nk’abandi mu gihe boba bafise ibikoresho, ni ukuvuga amamashini yo kwandikako, imashini ifotora hamwe n’abigisha bakwirikiranye inyigisho bijanye.

JPEG - 33.2 ko
Chantal Bajinyura, umuyobozi mukuru w’ibiro vy’inyigisho

Chantal Bajinyura, umuyobozi mukuru w’ibiro vy’inyigisho arashima cane intambwe bagezeko naho batanguye ata bikoresho ndetse n ’abigisha batari bateguwe neza.
Amenyesha ko bagiye gufashanya n’ababijejwe bose. Barizeye ko nko mu kwezi kumwe gusa, ibikoresho bimwe bimwe bizoba vyamaze kuboneka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.