IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abagirizwa gusambura UPRONA basabwa kwinjira ku mugaragaro muri CNDD (...)

Abagirizwa gusambura UPRONA basabwa kwinjira ku mugaragaro muri CNDD FDD

lundi 15 Nyakanga 2014

Umwiherero wari umaze iminsi uriko uhuza Abadasigana ba UPRONA washitse ku gushiraho inzego kuva hasi gushika mu ntara, ndetse bakaba bagiye gushiraho umurwi uzoba ujejwe kwiyamamariza uwo mugambwe mu matora yo mu mwaka w’2015.

Uyo mwiherero wariko ubera mu ntara ya Gitega mw’iseminari nkuru, ukaba wari witabwe n’abari mu nzego zitandukanye ziserukira uwo mugambwe, hamwe n’abanyamabanga ba mbere bo mu makomine no mu ntara. Muri uyo mwiherero wamaze iminsi ibiri, Concilie Nibigira yemewe na Reta ko ariwe arongoye uwo mugambwe wa Rwagasore, akaba avuga ko bagiye no kuzotanga amazina y’abazobaserukira mu mirwi izoba ijejwe gutegura amatora haba mu ntara canke mu makomine.

Ku ruhande ruvuga ko rwiyemeje kwambika umutamana umugambwe UPRONA, Evariste Ngayimpenda, avuga ko abo bari bitavye uyo mwiherero ata kindi barimwo atari uguhamba umugambwe wa Rwagasore. Ngayimpenda agasaba abo bose bariko barica umugambwe wabo, kwinjira ku mugararagaro muri CNDD-FDD, bakareka guhenda abarundi n’amakungu ko bari kumwe mu mugambwe UPRONA. Avuga ko we n’abo bari kumwe muri urwo ruhande rwa UPRONA rutemewe n’ubutegetsi, bazitabira amatora yo mu mwaka w’2015. Yasavye umurwi CENI ko wokwerekana ko wigenga, mu kutakira amazina azoba yatanzwe n’uruhande rwa Concilie Nibigira, y’abazoja mu mirwi itegura amatora mu ntara na komine (CEPI na CECI).


Aristide Nizigire

Messages

  • Asha politique nihatari uprona asigaye ari Urudubi

  • wanka bangwe ntiwanka zana ndabe,intwaro iriho ubu yashimye gusambura imigambwe yose ariko iyo migambwe umusi yamenye ukuri iyontwaro izoba yambaye ibara.Reka ndabibutse ko gukumirana biri gukogwa n’umugwi CENI ubitegetswe ni intwaro iriho umusi zahinduye imirisho sinzi iyo bazokwigwa.Mbega iyo muronse ibiti ko muca mwigira intungane aho muyobewe ivyo namwe muzoregwa nimuva muriyo myanya murimwo?CNDD-FDD nireke kudyanisha bene Burundi kuko na Mobutu ntawuzi irengero dyiwe,Kabira nuko nyene,ese Juvenal we murazi aho yagiye,None Nkurunziza niki mu Burundi?abo nabo bari kuva muri UPRONA wamugani nibnjile muri CDD kumugaragaro.Mwibuke wa mwibutsa natanguriyeko.Murakoze.

  • CONCILIE naho yoshaka akareka porona ni bayi ugira inyuma ya matora izosubira kuvugwa jewe ndabibabwiye kandi muzoba mubibona nayo le groupe Concilie bazoca binjira neza muri cndd-fdd. wait and see.

  • basha BARINJIYE !!!!BASi, AMARASO YABARUNDI AZOBAZWE CONCILI NA BAMUKWIRIKIYE MUKWICA ABARUNDI.bashigikira DD mumigambi mibi yabo.bayiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii MPORONA .

  • agapfa kaburiwe ni impongo """

  • Ingwano ya politike iragora benshi. Bamwe batuma abandika, abandi amaradiyo. Ariko nibaza ko iyo nzira idashika. Abaporona ni begerane kandi birashoboka. Nayo ahandi ho mbona abo bavugwa ngo ni aba Conciliya bo ibikorwa babirembeje kandi mbona no kukibuga bariho. Ko none abadasigana babitaba bazobuzwa n’iki kuronka amajwi. Ako ni agashi ndabakubise.

  • Ahubwo CNDD FDD nitizi kuyigaburamwo ibice.UPRONA iribagiye ko ariyo yatumye ibi vyose biba.Iyo itaja mumatora ya kabiri ururudubu turimwo ntituba tururimwo.Rero nibakinywereko babone ko kurya vyabaye kuri FNL ko na bone bishoboka.Kuko iyo babona kobishikira bose bari kugira ico bavuze mw’isenyurwa rya FNL.

  • mwebwe murarinda komuvuga amajambo meshi ivyimigabwe re wobita mwagahanga jewe ntaconvuze
    mwe nimukomeze mwe mupfise imitwe ikomeye.

  • Abantu muratimba mukirakwandika muyavuga gusa mwembega murazi imigambwe? gabanya akarimi kandi uwutagira icatinya ntaco aba aribukize.
    kubwukuba ivyo ntazi ntaco pfise nobivugako .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.