Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagize umugwi uzotegura amatora CENI barahiye imbere y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abagize umugwi uzotegura amatora CENI barahiye imbere y’umukuru (...)

Abagize umugwi uzotegura amatora CENI barahiye imbere y’umukuru w’igihugu

lundi 17 Kigarama 2012

Bose hamwe ni 5. Umukuru wawo hamwe n’uwujejwe kumenyesha amakuru bahora mu mugwi CENI wateguye amatora yo mu mwaka w’2010. Abatari bake cane cane imigambwe itavuga rumwe na Reta barabiyamirije. Kuri uyu wa mbere, barahiye ko bazotegura amatora yo mu mwaka w’2015 badahengamye.

Bose uko ari 5 barahiye indahiro imwe iri mw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ingingo y’7 itegekanya ishirwaho n’igikorwa c’umugwi CENI utegura amatora.

Uwabatanguriye ni Pierre Claver Ndayicariye umukuru w’uwo mugwi CENI. Yagize ati’’Imbere y’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka ,bahawe ubutegetsi n’abanyagihugu bobo bene bwo, jewe Pierre Claver Ndayicariye ndarahiye ko ntazodohoka ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwirizwa nshingiro hamwe n’ayandi mategeko agenga igihugu. Niyemeje gutegura amatora mu bwigenge, mu butungane, ntatamitswe ijambo,ntahengamye kandi nfise umutima wo gukunda igihugu’’.

Hakurikiye umupfasoni Spes Caritas Ndironkeye icegera c’uwurongoye CENI, hanyuma Prosper Ntahorwamiye ajejwe kumenyesha amakuru , hanyuma umupfasoni Illimine Ndabahagamye ajejwe ubutunzi n’intwaro. Ubwa nyuma hakurikiye Jean Anasthase Hicubundi ajejwe integuro y’amatoro n’ibijanye n’amategeko.

Barahira bafashe ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe. Bateye kandi umukono mu gitabo ca sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kiri imbere y’abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka. Bahejeje, baca baramutsa umukuru w’igihugu imbere yo kunamira abatumire b’iteka bari mu ngoro y’abashingamateka mu Kigobe.

Pierre Claver Ndayicariye arongoye CENI co kimwe n’uwujejwe kumenyesha amakuru Prosper Ntahorwamiye bahora muri ivyo bibanza nyene mu mugwi CENI wateguye amatora aheruka mu mwaka w’2010. Ayo matora ntiyizewe na bose kuko imigambwe itavuga rumwe na Reta yahavuye ikuramwo akarenge imaze kubona itsinzwe mu matora ya mbere y’abajenama b’amakomine. Yaciye iheba amatora y’abashingamateka, ay’umukuru w’igihugu n’ay ‘abakuru b’imitumba. Iyo migambwe yasiguye ko amatora yibwe n’umugwi CENI.

N’ubu imigambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri yariyamirije abo bagabo babiri. Yavuze ko badahinduwe, iyo migambwe itazokwitaba amatora yo mu mwaka w’2015. N’iyindi migambwe itari ku butegetsi yarabiyamirije.
Umuhinga mu vya politike Jean Salathiel Muntunutwiwe yamenyesheje ko ibikorwa vyose vy’umugwi CENI bitazotanga umwizwero kuko utemewe na bose. Yasavye umukuru w’igihugu kubasubiriza. Yasavye abo bagabo babiri ko botanga imihoho bagakinjura ku neza y’igihugu n’ubwigenge bwa CENI.

Abo bantu batanu bagize umugwi CENI barahiye imbere y’umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere italike 17 Kigarama 2012, bitegekanijwe ko baca batangura amabanga yabo yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015 kuko itegeko ribagena ryatewe ko umukono n’umukuru w’igihugu italike 5 Kigarama 2012.

kw’ifoto:Pierre Claver Ndayicariye arongoye CENI


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.