IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abagumyabanga birukanwe muri CNDD FDD bashinze umugambwe wabo

Abagumyabanga birukanwe muri CNDD FDD bashinze umugambwe wabo

vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par egide

Abahoze ari abagumyabanga ba CNDD FDD birukanwe mu mugambwe, bari basanzwe biyise Abaryumyeko, bashinze umugambwe wabo. Uwo mugambwe bawise PPD GIRIJAMBO, ukaba urongowe na Leonidas HATUNGIMANA.

Leonidas HATUNGIMANA yahoze avugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba ariwe mukuru wa PPD GIRIJAMBO amenyesha ko bashize uwo mugambwe kugira abirukanwe muri CNDD FDD n’abandi barundi bose bacinyijwe bashobore kugira aho basohorera ivyiyumviro, bitegurire ihiganwa.
Akarangamutima k’uwo mugambwe akaba ari : Igihugu ni ic’abarundi twese, kandi twese abarundi turi bene Burundi.

JPEG - 60.6 ko
Leonidas HATUNGIMANA, umukuru wa PPD GIRIJAMBO

Nk’uko Leonidas HATUNGIMANA yabishikirije, uwo mugambwe washinzwe inyuma y’aho bibonekeye ko uko igihugu kirongowe, ingene abantu bigenza, umenga uwuri ku butegetsi niwe murundi wenyene, abatowe bagatunganya itunga ry’igihugu ku neza yabo n’imiryango yabo, aho uwutari kumwe n’ubutegetsi afatwa nk’uwutari umurundi. Mu mugambwe PPD GIRIJAMBO bakaba bazoharanira ko imigambi y’iterambere ry’igihugu ikorwa ku neza ya bose, umuntu wese asubizwe ijambo, umunyagihugu abeho atekaniwe atama yicura ko ejo azogirirwa nabi, abantu ntibabeho nk’utunyamaswa.

Ku kibazo c’ukumenya namba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzokwemerera uwo mugambwe gukorera ku mugaragaro kandi washingiwe hanze y’igihugu, Leonidas HATUNGIMANA umukuru wa PPD GIRIJAMBO asigura ko bazokorera ku mategeko agenga igihugu, akibutsa ko umugambwe udasabirwa uruhusha ko gushingwa, ahubwo usabirwa uruhusha rwo kwemererwa gukorera ku mugaragaro gusa. HATUNGIMANA avuga ko uwo mugambwe udashingiwe hanze, agasigura ko aho ushingiwe ari akabanga, hakaba hazomenyeshwa hanyuma, kuko mu bawushinze harimwo abari mu Burundi n’abari hanze. Abarundi bazobimenyesha hanyuma.

Leonidas HATUNGIMANA akaba kandi yamenyesheje ko uwo mugambwe PPD GIRIJAMBO ari umunywanyi w’urunani CNARED.


IGIHE

Messages

  • Mwari mwaratevy mugabo turaziko mwiyta utuzina twiza atariko muri mwiberey ba ndwanire inda

  • ngabo banyamyoma bampema yuzuye basumirinda bagurisha benewabo....YUDA!!!!!

  • Mbe Uburundi muzoramutswa imigambwe ingahe ga yemwe? Iyo dufise n’umurengera, hanyuma n’abahemukiye igihugu n’abo ngabo ngo bagira bashinge umugambwe! Uyo mwanya muriko muratakazo muwufushij’iki? Ninde Umurundi w’umutima azobaja inyuma, kugeza n’ubu bakiri mu ngorane mwabateye. Erega haracari ibipfamutima mu Burundi! Igihe c’amagaburanyama cajanye na ba Domisiyano na Ntiba. Nimwemere ko mwamenje hanyuma musabe ikigongwe musubire m’uruhongore, atar’uko muzopfa mwangara nka Nyangoma.

  • NI MUSOKOROKE TUBABONE TUBONE NIVYO MUSHAKA KUDUKORERA. NEJO NIYINDI MIGAMBWE IZOVUKA ARIKO UWO TUZOHA AMAJWI TURAMUZI

  • Ni abana ba SINA head ya Nyangoma na Sinduhije, abo nabo bakuze Ingwe yakanze ibihunyira na ndayubusa basohokanye mukadirisha ka sinahead ubu nabo ni baca bitwa ba SINA leg. Banguha INKONA iracari hejuru.

  • ahubwo ivyo gushingimigambwe nimubihebe muze musabikigongwe mwemereko mwahenzwe kuko mwatugiriye nabi twebwe banyagihugu

  • niba mutanguye gucikamo ibice naba bwira ngo bye bye bye!!! opposition ya leta y’uburundi muzahera nkabamwe bahoze barikumwe na Kagame nyuma bagashinga icitwa RNC, kubera bose baba barondera kuba president gusa, kandi niyo mandat yaba 1 mois bose batoshyikigwa. bye bye bye!!!! mbabajwe nabari kubagwinyuma mutazabibuka narimwe.

  • Ewe Leonidas vyababuriye. Ariko uribuka aho nahora ndaguhanura ntivyo bireke none raba wataye urugo abana umugore none ngugira ushinge imigambwe. Oya mbwira ico warubuze cari igiki. Igiti uzoronka gisumba kirya warufise ni giki. Ewe mawe niwe yahora yivugira ati ( uruhende rwosha amavyi bitajana none nawe ni hatari kweri)

  • Haaaaa Nyakubahwa Leonidas Kukubona Honyene Binteyumunezero,undasajwe!! Sha Nanje Ndagushigikiy Mbere Sindijenyene Harabandi Beshi Barinyumayawe Hama Gobaragukeney Mubutugane Baribesha Urimutama Komera,pPD Girijambo Turinyuma Yawe

  • ahubwo ivyo gushingimigambwe nimubihebe muze musabikigongwe mwemereko mwahenzwe kuko mwatugiriye nabi twebwe banyagihugu

  • Manyina Igeragereze Ngira Muzotsinda.Nuburenganzira Bwanyu.

  • Ahubwo yomwavuga muti CNDD FDD twarabonye ko mumwaka 10 iheze ataruganda rwoguhigura umwavu wogushira mubiterwa atirero dutanguje urwiruganda rwabarundi muti duhamagariye aba CNDD FDD kuruzamwo nabandi bose babishaka bomuyindi umugambwe. Nayo muvuze ngimutanguje umugambwe ntagishasha kuko hano Burundi dufise iyirenga 40 ivyonavyo muvuze munegura CNDD FDD harihimigambwe myishi yabivuze kuvakera namwebwe mutarahendwa nababirigi bafatikanije numwambari wabo Kagame .

  • Ahubwo.sugucoka?.emera.ko.mwahenzwe.muzi.ngo.mujahamwe.atarivyo.barya.bakinye.poritike.kera.ntahandibaca.mugusamburumugambwe.nakagame.kugira.afatigihugu.yaciye.mubahutu.ikibabaje.atsinze.acarabica..namwe.muriha.pore.musabikigogwe.mwice.nimpongano.muhe.abo.mwahemutseko

  • Ni mureke gupfa mwangara ngo mufonda iyindi migambwe. Akananiye umwe na bandi karabananira. Raba rwasa yararavye aranuma none ugira yatemera guta umwanya ngo afhe nokuja murikirya kibanza ubu aba arihe. Ndakurahiye nta munywanyi numwe Wiwe aba akiriho. None wewe ga Leonidas ugire ukwegere abantu wewe ubona ko ba peter na ba pascal na naba nyamitwe muzobatambukana intambwe nimba ugomba ko birya bibondo numukenyezi wasize babivyeta.reka mugezi ndababwiye Peter Imana asenga irakomeye. None ideologie yiwe abwira abahutu ati mwebwe muri ivyitso vya batutsi sigaho sigaho. None wewe uri umuhutu amajwi ava mu bahutu. Ubona neza uwuzoguha amajwi akayima peter ari umuhuhutu nyarucari ninde sha. Mbwira ko ari mucezo wandani aho ndemera. Mbwira kwari kugira mu sauver le parti cndd-fdd. Ewe irekere vyabananiye ntaguta abantu mumunyororo. Hemwe umuntu afise amahigwe yo kuba President rimwe gusa. Harya ko irya coup d etat yabananiye ni muhebe kandi wewe nta nikibanza c umuvugizi uzoshobora gusubira kuronka. ewe ndakubariye kandi ndagukunda. Imana rero Ikuzigame Bonne chance

  • Mama Muhungu!! N Amayeri Urimwo Nabo Mwarikumwe Vyanse Mwananiwe Mushaka Mwihinduke Barya Bana Mwagumuriye Mwibarabara? Mushaka Muzohave Muburana Muti Nta Coup Detat Mwarimwo? Abo Mwabikoreye Hamwe Ndumva Mwacanyemwo. Mwe Guhendwa Gutyo Mukuze Ntawukibizera Inda Ni Mbi Kandi Warufis Ikibanza Ciza! Ubu Wabonye Ko Amategeko Y Igihugu Ariyo Akomeye. Inteko Mwari Murindiriye Zapfuye Nimwishikane Nta Yindi Nzira. Ugasubira Mw Ishamba Uzorigwamwo.

  • Jewe atari Pita Piyeri Petero Nkurunziza abandi ntimumbarire. Kumushigikira ni mpaka atagishoboye gutwara Uburundi. Apfa canke akira turikumwe!

  • Ewe tout autres sha saba ikigongwe hakiri kare

  • aba b’agabo mubona batwipfuriza amahoro niterambere .oya bafashe barya ibiturire vya bazungu ba babirigi nabandi....ngo babahe uburundi. baragowe iyo bazokura amahera yabandi bariye.

  • Abagumyabondo!!!! Inda nini zizabakoraho. Bagombye gusaba imbabazi bagasubira mumugambwe.

  • Igifpa Kidasamvye N Inzoka Igonzwe N Imodoka

  • ewe tout totre,mbega kuduhamagarira umugambwe ukuri muri cndd wakoreyiki abanya cankuzo,ahubwo uyutubwira uti narihenze ubu ndi muri pdd kohageze itera numuze mutore umufuko wumwavu mutere muri cndd narinabibuze,mbe urazi imyaka wewe twabanye.ukumbuye zandege wakuranya nki mwesho.

  • ni ugutumwanya,twebwe aba CNDD-FDD muzoducah?nimwimwinyez iyo mu Bubirigi nyen!

  • None uwomugabo kwadashaka kurekurigihugu y’itwajiki?Niwemurundiwenyene?

  • ivyo nivyo abarundi nivyo dukeneye twikureko izombonerakure ziraturembeje mwobamukoze mugire ibihevyiza murakoze

  • karibu muze mwese mwoba mukoze mudufashe kurimira impeshi irageze

  • jewe ikibazo mfise ko ababirukanye aribo barongoye igihugu ntiyibaza kwatazobaterana intambwe? basha biramembone!

  • None.ibimurimwo.ko.iyobashitse.mubwokobwanyu.kobabaturirira.ibinTu.abandi.bakica.ngozina.muhutu.ngo.nimbonera.kure..vyose.bokononwa.nabobabahenda.ngo.murikumwe.muganahe.kokagame.yifuza.gusubiriza.munkoko.abamushikanye.kubutegetsi.murimwo.urabaza.kabarebe.nabasendashonga..nabizimungu.nabandi.mubishugwa.ntimurimwo

  • imigambwe itandukanye ni ubutunzi ku gihugu! Dukore muntumberi yo guteza imbere igihugu cacu! Muradushiramwo

  • Ivyubu n’amacandya gusa.rek turindire turabe ngira ya mikenyuro ya mcezo wa ndani yoba yaratey imbere!

  • Tous ces gens anciens CNDD/FDD mbe igihugu ashitse ngaha barihe ? Ko bahora biba nk’abandi ! Porte parole de Nkurunzinza pendant 10 ans ! Hama ngo uje guhindura ibintu ! Tu n’as pas les mains propres mon cher Leonidas. Uricokimwe n’abo witwa ngo utanguye kurwanya

  • Nawe nyene ntamaramara!ko avuga ngo igihugu gitwawe nabi akab yar umuvugi imyaka 10,mbega kubera yitungiye nazane turonkeko!kugira agisubireko data mpaka yezu agarutse.

  • imigambwe izoba myinshi kabisa

  • imigambwe izoba myinshi kabisa

  • Mwashinga mwareka turaz akarangamutima kumugambwe naho wadukuy.mb mw mwamariy iki umugambw?rk abaz icuri tuwubumbatir

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.