IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abahuza mu kibazo c’Uburundi basavye ko amatora yosubira kwigizwa (...)

Abahuza mu kibazo c’Uburundi basavye ko amatora yosubira kwigizwa inyuma

vendredi 26 Ruheshi 2015

Abahuza mu biganiro vyo gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi, basaba ko amatora yosubira kwigizwa inyuma ,mu ntumbero yo kugerageza gushiraho icuka ciza cotuma haba amatora yizewe na bose.

Amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine ategekanijwe kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi,2015.Abahuza mu matati y’Uburundi basavye ko amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,yobera rimwe n’igice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro,kugira ntihabe ihungabana ry’inzego.

Abo bahuza babona ko ico kiringo ari kirekire,kandi cotuma haboneka akaryo ko kuganira ku bibazo biraje ishinga abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi.

Igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu coba kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kw’umunani,mu gihe vyoba ngombwa.Ayo matariki yasabwe n’abahuza mu kibazo ca politike kiri mu Burundi,ashobora gutuma Reta iba yubahirije ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ko hoba ikirangaminsi guhurijweko na bose kandi vyotuma ibibazo bitora umuti.

Abatavuga rumwe na Reta bose,babicishije ku mushingamateka Karori Nditije,bamaze kumenyesha ko badashobora kwitaba amatora ategekanijwe kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi.

Muri Reta no murwi utegura amatora CENI bavuga ko isango ry’amatora ari ntabanduka,kuko ibisabwa vyose kugira amatora abe vyaramaze gushika,aho bitegerezwa gushika.


IGIHE

Messages

  • Ndababaze mwabahuzamwe, icogihe muvuze nicagera icuka mubanye politique kikimeze nkuko kiri kuruyumusi hazocahabiki? Mwobamwibutse kubivugana kugira ntimuzotungurwe wamugani wabanyarwanda? Jewe kukombona icocuka ngishobora nokuzomara imyaka irenga 40 kandinwirirwakwizontebe zubuhuza vyoza amatora yobakuruyu wa 29/06/2015 hanyuma iyontebe yubuhuza ikabandanya.

  • URAGENDEMWUNGURUZE AMATORA YOKWANYOKO CANKEKWASO ISANGONTIRIHINDUKA TURAZINDAKAKAREKARE

  • NIBAKUNDE BAYAGE JEMBONA ATARIKINDI BARONDERA ICOKIRINGO NTACO COKWICA NAYAHANDIHO NIBEMERA KWITA MUMUTEGO KAZOBADERERENA KANDI BURYA PITA BARAMUSUKA UWORABA UKUNTU ASIGAYE YONZE ARIKWIVYO BIMUSUKA MBONA BIGUMA BIDORA KANDI BURYA ATARAVYE NEZA ABO BAMUSUKA NIBO BAZOMUHINDUKA NIBEMERE ABAMATORAHUJWEKO NABOSE BABANZE BAKIZINKOHO NAYAMA.GRENADE IZIMBONERAKURE MBONA ZIGIZE SURIVU NAYAHANDIHO NKURUNZIZA ARIKO YIYIMBIRICOBO ATAZIKURAMWO MWABA DD MWE IYI NI COD YABAZUNGU KANDI NTABWO YARIGOYE ATARUKO MWIGIRA NDANYAYE

  • Icokorek Nimb Ceni Atar Bansumirind Cnk Bampemuk Ndamuk Nuk Bokubahriz Ivyasabw Nivy Bihug Bakunguruz Amator Kuk Nakar Ceni Siy Ija Mumator Niyompamv Yorek Guforcinga Ibidaknda!

  • Kubwac twebw abanyagihug turasavy yuk amatora yokwigizw inyuma nkuk mwari mwiyumviriy kugirir impuhw abanyagihug@ tugasab faraon nicorek ziw cn kwumva impanur kuk twebw abanyagihug nitw tugiy kuhagirira ingorane!! Mubandany muduhanurir uwo nkurumb atumva!!!

  • Abarwanya Nkurunziza ubu babuze ayo bacira nayo bamira!! Ngo kwigiza inyuma amatora kugira ngo babona uko batera grenade batwika n’abanyagihugu!! Ibyo ni ukubyamaganira kure kuko ibuye ryagaragaye ntiriba rikishe isuka

  • None Ko Nkurunziza Yanka Kumvira Amakungu Niwe Ari Mumugambwe Akwiye Kwitoza Mumugambwe.

  • eeheee ivy,uburundi tuzoba tubibona.amatora y,umugambw umw haaa ni vya danger

  • KUMBURE MWEMERE IBISHIKIRIJWE NIYONTUMWA IDASANZW SINON CELUI QUI VEUT LA MORT CARESSE LES NOTABLES DU PAYS COE SINDUHIJE ET LES AUTRES Y COMPRIS LES GENERAUX QUI ONT QUITTE LE PAYS!ATTENTION!!!

  • igiteye umutima uhagaze abarundi ntakindi niyi manda nubu turacavuga ntarote ngwarayitwara ntibikunda ntitumwemerera twebw’abanyagihugu.

  • NKURUMBI NA BAJA BIWE BAKORA IVYABO KUKO IGIHUGU CAHINDUTSE ITONGO RYA BA SE CENI NA RETA NI CNDD-FDD

  • LUNDI AMATORA N’ABE HAMA HABE ICOBAYE MBEGA KUVA LE8.7.2OO15 BA MUSITANTERI BOBA BATWARA NI BANDE? CANKE 2O1O KO BATITAVYE HARI MANDAT YA KANGAHE? CANKE BELGIQUE IRIBAGIYE IVYA BA WARO N’ABAFARAMA .NAKARE HOTOYE ABATOYE AMA CARATA KANDI BIYANDIKISHIJE

  • Abandika kuru rubuga.nibabe bisonera ivyogutukana nkabungere ntaco bimaze.amatora nayo niyigizwe inyuma nabe yumvira abamuhanura.kuko bizomugora gutwara!!mbega hazotora bande bose kobihunguye?

  • mbe icokiringo cogera ibiganiro bijanye na poritike bitarahera bizoca bigenda gute?ntimwumvako tuzohava twinjira muriyantwaro yamagaburanyama abanyeporitike bipfuza bibazango niho zoca baronka igihugu ariko bizobagora

  • Ibiyago nivyza arko kubwnje amatora yoba kko abanypolitique bo nugteganimitego gusa.naho boygeznyuma,ejo wok8umva kndi ngumuhza arahngamy ati nn nibzane uwndi.ukwo sukjuragiza abndi?nimugnde mumtora ivyo bibzo niho biztorerw’umuti nayo guskora siwo muti.kko nyamwongerez’ikibi mukndi yasanz’uruzi rwuzye arusobamwo.

  • Ako nakaga gakomeye nigute abayita abahuza bashaka kwitega imitego bibwirako bariko barayitega leta? mbega burya abo banyepolitike banse kuja mumatora kubera bakunda abarundi canke nuko babakunda cane.? ikizoba bazocemange.

  • ntagihugu ndabona kuri inosi kigiza inyuma amatora inshuro zigera kuri 3!, ni ukwitonda bibaye vyoba bihishe undi mugambi mubisha,none ko abanyagihugu bahari,CENI ikaba ihari,bose bakaba bafise amakarata yogutora, abiyamamaje nabo bakaba bahari,umutekano ukaba ari99% icyobuza amatora kuba n’iki. none ko bananiwe kumvikana kuvyo buri ruhande rusaba bumva niyo bakigiza inyuma gute hari ico bashika ko!! ahubwo uyumuhuza wa 2 reta iraje imuhe 24,maze bazategereze Yesu mwene Mariya ariwe uzobahuza.

  • NIBAJEHAMWEBAGANIRE UKO IBIGIYINAMABIGIRA IMANA

  • Ayomatora Nayuguhenda Abarundi Namakungu Ariko Twe Abarundi Ntituzoyemera Kuk Agamij Gucinyiza Abanyagihugu.Nkurunziza Yaturambiy Nagend Nabiw Bose.

  • NIBAJEHAMWEBAGANIRE UKO IBIGIYINAMABIGIRA IMANA

  • KANANIRA BAGABO NTIYIMYE.

  • barundi mukore ibyanyu ONU muyihorere,natwe murwanda yaradutereranye muri 94 iyo hataba abanyarwanda bakunda igihugu ngo bagikure mukaka ubu ntimuba mubona aho muhungira mukirirwa muvugira ku maradio yaho. namwe nimukore ibyo mwateguye gusa ntimwicane, nyuma bazoza babasaba imbabazi. tubifurije amatora meza kandi Imana ibarinde.

  • ntamatora yumugambwe umwe abaho tuzoyatoba vyanka vyakunda!

  • umwine bukadineza yarumvise ubutumwa agamika izosi yemeye yiboneyeko nawe azibonerako ese babonako aribo imana yaraze uburundi kugira baze badukoresha nkindogoba uwubizi nijewe ntakigira icondirako vyose baratwaye imana izibahezagire

  • Amatora yamye ari ihiganwa ryabantu barenga umwe hanyu hakaba numucamanza ariwe ajejwe guharura no gutangaza uwatsinze. Mugabo uno musi kuri embassade y’ uburundi muri zambia bahejeje kudutangariza ko hazoba amatora . Tubabajije abahagarikiye ayo matora barabuze ico batwishura . Bigaragarako ceni y’uburundi ari wa mugambwe nyene . None nubuhe burundi twimirije kuraga abana ? Ubusuma nukwica uwo mutavuga rumwe ?

  • d.accord!!! hama turiteguriy izo mbonerakur !! iryo honya bwok bab bararisubir iy barikuy

  • d.accord!!! hama turiteguriy izo mbonerakur !! iryo honya bwok bab bararisubir iy barikuy

  • aba bahuza baba bagirango missions zisununure baronke amahera atubutse,ahubwo kubwabo amatora boyashyira muri 2017 kugira babone ivyo bakora.

  • aba bahuza baba bagirango missions zisununure baronke amahera atubutse,ahubwo kubwabo amatora boyashyira muri 2017 kugira babone ivyo bakora.

  • Umutima uhagaze niwe uwufise mbebasha ayitwara kangahe?, mbe uvuzengo twe bw’Abanyagihugu ubugomvye kuvuga iki? be mwigakuvuga wewe userukira abanyagihugu bangahe urigerezako wewenyene urabe kutamesurwa atacamira

  • mbe ko mwidoga CNDD-FDD yafashe igihugu murabe he?mwari mwagitobatovye none ngo umugambwe umwe!!!igihugu ciragoye basha!!amatora le 29/06/2015 azoba kandi meza cane.Petero NKURUNZIZA guma kwi vola tukuri inyuma abarundi dukunda igihugu!!!

  • SVP imvyiyumviro dutanga ntimubirungika ariko abatuka umukuru w’igihugu mukabirungi kbs ce n’est pas bon il faut changer vos comportements kuko mbona ko iciyumviro mpejeje gutanga kitarenganye iyo site ntaco imaze muri kuri coté imwe mais amatora azoba kandi meza kandi neza m6 et ayez le courage de changer vos comportements SVP!

  • Reka Amatora Abeneza Erega Nonebase kujamumatora Niwomuti Babony?Nibagende Kuko Imbe Niheza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.