Accueil > Amakuru > Poritike > Abakenyezi bo mu bwoko bw’abatwa basaba kutaguma bashirwa inyuma
Abakenyezi bo mu bwoko bw’abatwa basaba kutaguma bashirwa inyuma
mercredi 1er Nzero 2014
Abakenyezi bo mu bwoko bw’abatwa barakumirwa mu nzego zifata ingingo, ivyo bigatuma bama bari inyuma mu bikorwa bitandukanye biraba ubuzima bw’igihugu haba muri poritike, imibano, ubutunzi n’ibindi nk’uko vyavugiwe mu ruganda bari bamazemwo iminsi ibiri.
Muri urwo ruganda rero, bakaba bamenyesheje ko abakenyezi bava mu bwoko bw’abatwa, kuva mu nzego z’imitumba gushika no mu nama mpanuzwajambo z’amakomine batarimwo, ivyo bigatuma kenshi, bama bari inyuma mw’iterambere, bakama bigunze kuko bataronka aho baserurira ivyiyumviro. Bamemyesha ko mu ntonde zo mu matora yo mwaka w’2015, boshirwa imbere nk’abahutu n’abatutsi kugira nabo baze batorwe, bashobore kuja mu nzego z’igihugu kuva ku mutumba gushika hejuru.

Mw’ishirahamwe UNIPROBA( Unissons nous pour la promotion des Batwa) bakaba basaba umurwi w’igihugu ujejwe amatora, gukurikirana neza ico kibazo c’abakenyezi b’ababatwa, kugira ku ntonde z’abazitoza mu matora yo mu mwaka w’2015, baze baronke ibibanza vy’imbere kuri zantonde zugaye. Eka kandi, basaba Reta y’u Burundi, gukora ibishoboka kugira ubwoko bw’abatwa na cane cane abakenyezi bakurwe mu bugunge barimwo, baje ahabona, bafashanye n’abandi mw’irongorwa ry’igihugu.
Aristide Nizigire
Messages
1er Nzero 2014, 15:18, par ryondori
zewe ndisabira amasure ntavyo biti ndishakira ishwiiiiiiii
2 Nzero 2014, 14:28, par Kirinyota
Muze mubwira abagabo banyu babasohokane mu kirabo babahe akarwa. Ze uwanze twaratanguye kuza ahabona da.