Abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bazohurira mu nama yabo kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Nyakanga 2016, mu gisagara ca Dar es salaam, igihugu ca Tanzania. Abashikiranganji b’imigenderanire baramaze gushika aho muri Tanzania, na Leontine NZEYIMANA w’Uburundi akaba ariyo ari.
Iyo nama idasanzwe y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko izokwitabwa n’umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo Salva Kiir, Uhuru Kenyatta wa Kenya, Paul Kagame w’Urwanda, Yoweli Kaguta Museveni wa Uganda, Petero Nkurunziza w’Uburundi, hamwe na John Pombe Magufuli wa Tanzania ari nawe uzokwakira abo bakuru b’ibihugu.
Muri iyo nama, mu bibazo bizokwigwa, harimwo ic’Uburundi, umuhuza mu bibazo vy’Abarundi, Benjamin William Mkapa akaba ariho azoshikiriza icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano yagiranye n’imirwi itandukanye yegwa n’ibibazo vya poritike biri mu Burundi. Amakuru ava mu bunyamabanga bukuru bwa Afrika y’ubuseruko, ariko ataremezwa n’ibiro vy’umuhuza, avuga ko muvyo umuhuza azoshikiriza abakuru b’ibihugu, kugira Uburundi buve mu ntureka, ari uko hoshirwaho Reta y’Ubumwe ihurikiyemwo bose.


Mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ihurikiye muri CNARED bamenyesha ko iyo nyishu y’ugushiraho Reta y’ubumwe (Gouvernement d’Union Nationale) itigeze iganirwako n’abitavye ibiganiro vyatumweko n’umuhuza.
Kubwa CNARED, umuti wonyene w’ibibazo vya poritike mu Burundi, n’uko hoshirwaho Reta y’imfatakibanza itarimwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, iyo Reta y’imfatakibanza ikaba ariyo yoca itegura amatora yizewe kandi yitabwa na bose.
Urunani CNARED ruvuga ko ishirwaho ry’iyo Reta ryova mu biganiro vyohuza abashigikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku ruhande rumwe, hamwe n’abatemera ubutegetsi bwiwe, ku rundi ruhande, harimwo n’imirwi yafashe ibirwanisho vy’ukurwanya ubwo butegetsi.
ntavyireta mfatakibanza dushaka mu burundi ndababaze uwo arikubutegetsisumuntu?Nimumurentaco mumwandurako.