Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano muvy’ubutunzi abandi barundi batatu.
Babiri ni abo mu nzego za gisirikare, uwugira gatatu ari mu barwanya Reta y’Uburundi.
Marius Ngendabanka, ari mu begereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba arongoye akarere ka mbere ka gisirikare. Yagirizwa kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu gisagara ca Bujumbura.
Ivyo bihano vyafatiwe kandi Ignace Sibomana, wo mu nzego z’umutekano z’Uburundi, umwe mu ndongozi z’umuhari w’imbonerakure, urwaruka rukomoka ku mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.
Nawe nyene muvyo yagirizwa harimwo kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abo bose bari bateye kubiri n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.
Uwugira gatatu ni Edouard Nshimirimana, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, Niwe arongoye umuhari FOREBU wafashe ibirwanisho kugira urwanye Reta y’Uburundi. Uwo muhari wagirizwa gukora ibitero ku makambi ya gisirikare i Bujumbura, mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015.
Abo barundi uko ari batatu bafatiwe amatunga yabo bafitiye muri Amerika, ndetse n’amatunga yabo agenzurwa n’abanyamerika arahagaritswe. Abanyamerika barabujijwe kandi kugiranira igikorwa icarico cose n’abo bantu, mu bijanye n’ubutunzi.
- Adam Szubin, ayoboye ibiro vy’Amerika bigenzura ubutunzi bw’abanyamahanga.
EMWENANKURUNZIYARIKWIYEIBIHANOCANGWEAKAJANWAIRAHE.