IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyamahanga babiri bavuzwe mu mugambi w’ugushaka gutembagaza ubutegetsi (...)

Abanyamahanga babiri bavuzwe mu mugambi w’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa CNDD FDD

mercredi 17 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR, hamwe na Louise Arbour yahoze ari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare y’i Arusha (TPIR) mu gihugu ca Tanzaniya, bompi bo mu gihugu ca Canada, bagirizwa n’umugambwe CNDD FDD ko bariko baronderera isoko ingabo zabo, mu bikorwa vyo kugarukana amahoro, cane cane mu Burundi.

Muri CNDD FDD bavuga ko umugambi nyamukuru w’abo banyamahanga babiri, ari ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’ugushikana muma Sentare mpuzamakungu indongozi z’uwo mugambwe.

ITANGAZO NO 016/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Mu gihe ONU itegekanya abaporisi 228 barungikwa mu Burundi ku nguvu, Roméo Dallaire na Louise Arbour bariko batega imitego mu Karere Uburundi buherereyemwo.

1. Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU karafashe icemezo giteye isoni inomero 2303 ku majwi 11 mu gihe ayandi 4 ataco yabivuzeko. Ico cemezo cashitsweko mu kajagari ntangere. Ico cemezo caje kivuguruza icemezo inomero 2248 co ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’icemezo inimero 2279 co ku wa 1 Ndamukiza 2016 mu bijanye no kwubahiriza Ubwigenge bw’igihugu, ukwikukira kw’Igihugu, imbibe zaco n’Ubumwe bw’Abarundi. Ico cemezo cafashwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama nk’uko womengo Uburundi ntiburongowe n’inzego zitorewe n’Abenegihugu ;

2.Ako kajagari kibonekeje mu Kanama k’umutekano kw’Isi ka ONU, igihe bariko barafata ingingo zininahaza ibikorwa vy’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu kw’itariki ya 13 Rusama 2015, kaherekejwe n’amakuru amenyesha ko umunyakanada Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR zari mu Rwanda kugira ngo zishikane FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu 1994 be n’umunyakanadakazi Louise Arbour yahoze ari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare y’i Arusha (TPIR) mu gihugu ca Tanzaniya yari ijejwe kwemeza ihonyabwoko no gucira urubanza abatsinzwe ku butegetsi mu Rwanda, bariko baragendera ibihugu bimwe vya Afrika. Ayo makuru yasohotse mu kinyamakuru ngurukanabumenyi http : www.rcinet.ca co ku wa 8 Myandagaro 2016 kimenyesha ko abo banyakanada baje muri Afrika kugira baronderere isoko ingabo zabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro. Abo bantu babiri b’abanyakanada, kubona basubira kuvugwa mu Karere k’Ibiyaga binini no mu buseruko bwa Afrika si impanuka canke si ivyashitse giturumbuka, ahubwo bari ku bikorwa vy’iperereza no kurondera ababashigikira kugira ngo ingabo za ONU zize muri kimwe mu bihugu vyo muri kano karere, na cane cane mu Burundi ;

3. Ibikorwa bibi abakunzi ba demokarasi bibukirako Roméo Dallaire ni ivyo kuba yararongoye MINUAR mu Rwanda, agafasha FPR-Inkotanyi mu kuyishigikira no gushira mu ngiro vya vyiyumviro vy’ihonyabwoko Paul Kagame yagenderako, no mu kuyifasha muvya gisirikare. Nk’uko vyagiye biravurwa no kwandikwa bikandikwa n’abantu batari bake, uwo mugabo Roméo Dallaire na MINUAR yategeka mu Rwanda, niwe yinjije Inkotanyi mu muji wa Kigali azikuye aho bita ku Murindi akazishikana mu nama nshingamateka bita CND. Izo nkotanyi Roméo Dallaire yagenda azikura ku Murindi be n’ibirwanisho, akavuga ko bagiye gusenya inkwi MINUAR ikoresha n’izo Nkotanyi nkeya zababa amajana atanu (500) zari zemejwe n’amasezerano ya Arusha hagati ya Juvenal Habyarimana na Paul Kagame, ariko mu mwanya mutoya izo nkotanyi zahavuye zirenga kure n’iyo 2000 zifise n’ibirwanisho bikomakomeye zahabwa na MINUAR. Ikindi cavuzwe ni uko uwo Roméo Dallaire ahantu hose yashize ikirenge mu muji wa Kigali yagiye ahashinga ibikoho vya muzinga bikomakomeye, akaba yabisigiye inkotanyi za FPR igihe yiruka asubira iwabo, avuga ko ubutumwa (mission ) bwaheze, intambara ibaye. Ukugenda kwiwe rero na MINUAR kwerekana ko ubutumwa yari yahawe bwari buheze kuko ivyari bikenewe vyose kugira FPR-Inkotanyi ifate ubutegetsi vyari vyahejeje gushirwa mu ngiro. Bikumvikana rero ko, iyo hataba ugufashwa kwa FPR-Inkotanyi na Roméo Dallaire wa MINUAR, FPR-Inkotanyi itopfuye ifashe ubutegetsi mu Rwanda. Amarementanya y’ihonyabwoko ryategerezwa gusukwa kuri Reta yitwa ko yari iy’aba « Bantoue » b’abahutu yari yaramaze gutegekanywa no kwubakwa neza, hakaba hari hasigaye kuyashira mu ngiro. Paul Kagame rero, mu gutera Urwanda yisunze ihonyabwoko, yari azi y’uko abantu biwe bazopfa kuko yababwira ko batitanze ; bagahwera ata ntsinzi bazoronka n’aho bamwe mu biwe bamubaza, barira bariragurika ingene bizogenda kuri ayo mahano bateje mu Rwanda no kw’Isi ;

4. Hariho umunyakanadakazi yitwa Louise Arbour yari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare mpanavyaha y’i Arusha (TPIR) yari yateguriwe kwemeza ihonyabwoko abatsinzwe, gutyo bakazoboneraho kwica uwo wese Paul Kagame abona ko ari intambamyi ku gihugu ciwe. Birababaje rero kubona abo bantu babiri bongera kuvugwa mu Karere kabereyemwo ibara, bikaboneka ko bazanywe no kwuzuza umugambi wo gutembagaza ubutegetsi badashaka mu gihugu iki canke kiriya mu Karere na cane cane mu Burundi ;

5. N’ikimenyamenya mu gihe bariko baratembera mu Karere, Komiseri Mukuru ajejwe ivyo agateka ka zina muntu muri ONU Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arakokeza ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ngo bariko barica abantu urubozo, kandi ngo harabafatwa bagapfungira ubusa ku banyeporitike, emama ! ngo abantu bariko baranyuruzwa, ngo Imbonerakure ziriko zirafata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, n’ayandi mabi menshi. Ivyo vyose bikaba biri muri wa mugambi mubi w’amarementanya begeka ku ndongozi z’Uburundi kugirango baronke aho bahera, baheze barungike ingabo zo gutera Uburundi no gutembagaze ubutegetsi badashaka nk’uko babikoze muri Libiya, Siriya, Iraq n’ahandi. Ni muri iyo nzira abo bahinga b’amarementanya n’amahonyabwoko agamije gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu barungitswe na ONU kugira baze kuraba neza ingene ivyabaye mu Rwanda arivyo vyokorwa mu Burundi canke n’ahandi hose bipfuza gutembagaza ubutegetsi mu karere. Umunyakanadakazi Louise Arbour, bica vyumvikana ko ajejwe kuba arategura amarementanya azosuka ku ndongozi z’Uburundi kugira baze bazijane muri ya sentare y’i Lahaye canke mu yindi sentare ;

6. Iki ciyumviro ntabwo ari indoto mbi kuko categuwe cane kugeza muri ONU. Muri ca cemezo c’Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 yo ku wa 29 Mukakaro 2016 ku ngingo yaco ya 17 ivuga ibi bikurikira : « Gasaba Amareta yo mu karere kureka abakozi n’abaporisi barungitswe na ONU mu Burundi bakishira bakizana hagati y’Ibihugu mu kwinjira no mu kuva mu Burundi mu gihe bazoba bagiye kurondera ibikoresho, ivyo kurya n’ibindi vya nkenerwa bazoba bakeneye kandi bigakorwa bidatevye ». Iyo ngingo iha uburenganzira budasanzwe izo ngabo ni nk’imwe Roméo Dallaire yakorerako muri MINUAR, igihe yaza arakura Inkotanyi ku Murindi azijana i Kigali. Biraboneka rero y’uko amayeri ariko arashaka gukoreshwa mu kuzana abaporisi 228 ba ONU i Bujumbura mu Burundi afise aho afatira kuko ariyo yakoreshejwe mu gushikana Paul Kagame na FPR yiwe ku butegetsi ibihugu vy’ Ububirigi, Ubufaransa, Ubuhorande, Amerika bikaba vyarafashije cane. Nk’uko abenegihugu bamaze kwiyamiriza izo ngabo mvamakungu, Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo nabo nyene barongeye kwemeza ko ata ngabo za ONU bashaka mu gihugu cabo, kuko imigambi yinyegeje inyuma ari iyo gusenyura ubutegetsi bwa CNDD-FDD na Reta yawo. Baboneyeho gusaba ko Ibihugu bizogenderwa n’abo bantu babiri twavuze, bitohirahira ngo vyemere ko ONU irungika ingabo muri kano Karere na cane cane mu Burundi. Roméo Dallaire na Louise Arbour ni inkwezi z’amarere ;

7. Ingingo ya 17 yinjijwe mu cemezo c’Akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 itihwejwe neza kuko yerekanye ico ako kanama gashaka gushikako ariko katashaka kwerekana ; karabacorotse kuko kaciye kerekana amarementanya bariko barakorera Uburundi nk’amwe yakorerwa Urwanda. Haradendekanijwe ko ngo Urwanda ari rutoya rutokwakira impunzi kugirango babone aho bahera kugira basenyure ubutegetsi bwari buhari. Muri Iraq Saddam Hussein yagirijwe ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda vyo kumara abantu kandi atari vyo, bahemutse bamugandaguye, Muri Libiya Muammar Khadaffi bamwagirije ngo ariko aramara abantu biwe kandi atari vyo bahemuka bamwishe, muri Siriya Bashar Al-Assad bamwagirije ngo agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, baramutera uretse ko acihagazeko n’ubu, mu Burundi naho ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bariko bategura ihonyabwoko kandi ari ibinyoma, n’ahandi n’ahandi. Nk’uko abakurambere bayamaze «uwugushakira inabi ntabura aho agukura”. Twihweje ibi vyose tuvuze aho haruguru, turibaza duti biri hehe vya bihugu vy’ibihangange muri Demokarasi? Demokarasi yoba ivuga ko Igihugu cifise gihonyanga ibindi bihugu bitifise ? Agateka ka zina muntu koko ko umengo ni igikoresho c’ivyo bihugu vyifise kugira bikandamize ibihugu bitifise ? Vyakabonetse he aho ishirahamwe rya ONU ryitwa ko riharanira agateka ka zina muntu ari ryo rishigikira abashaka gutembagaza ubutegetsi ? Mbega iyo havuzwe ubutungane iryo shirahamwe ryishira hehe mu gihe ryahindutse igikoresho c’Ibihugu bimwe bimwe co kurementaniriza no gukandamiza ubutegetsi budashakwa. Ejo bitwaza Demokarasi none ubu naho bitwaza agateka ka zina muntu, ejo hazovumburwa ibindi, ariko ibiboneka muri rusangi ni uko ubutungane buhonyangwa n’ibihugu vyifise. Igihe cose ubutegetsi ubu canke buriya bushatse kuvugira Abenegihugu, ico gihugu gica giharirwa ivomo, kigatotezwa gushika bagisenyuye kandi aho hose nta tegeko mpuzamakungu na rimwe ridahonyangwa mu gihe ibihugu vy’ibihangange biharanira inyungu zavyo ;

8. Ubwa nyuma, Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko abo baporisi 228 ba ONU akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU kashaka kuzana mu Burundi si ako kuzana ineza na gato kuko hageze n’aho ibihugu vyinshi vyo kwisi duhereye kuri Angola, Venezuela, Egiputa, Ubushinwa, Uburusiya n’ibindi vyinshi vya Afrika bibonako Ubwigenge bw’Uburundi n’ukwikukira kwabwo bitubahirijwe kandi Reta y’Uburundi yategerezwa kugishwa inama igihe cose ako kanama kiga ibibazo vyose biburaba. Ntivyumvikana rero ingene igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gashigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bimwe bimwe na cane cane Uburundi ugasanga n’ibihugu bimwe bimwe vyitwa ko vyateye imbere ugasanga nivyo vyama bitegekanya ugutembagaza intwaro mu bihugu bigendera kuri demokarasi. N’ubwo bidakunzwe kuvugwa, ivyo bihugu vyadutanguriye muri demokarasi, nivyo ahubwo biyica bikazotuma demokarasi isinzikara mw’Isi kubera inyungu ivyo bihugu birondera kugeza n’abo bisambura ibindi bihugu. Ikibabaje ni uko ata tegeko mpuzamakungu na rimwe bemera mu gihe ritaroresha ku nyungu z’ivyo bihugu. Abakunzi ba demokarasi bagaca bibaza bati « none bimaze iki kugiriranira amasezerano n’ivyo bihugu mu gihe biboneka ko ari amasezerano ahagaze ku nyungu zabo gusa ». Agateka ka zina muntu gafise insiguro imbere y’ivyo bihugu kwumviriza ababapfukamira, abaharanira agateka k’abenegihugu baboneka nk’ibicibwa. Ni muri iyo nzira Umugambwe CNDD-FDD uherutse kwumva ko abashatse gutembagaza ubutegetsi, bimaze kubata k’uwamazi bagahungira i Buraya baherutse kugira inama ngo yo kwica abanyamahanga bafise uruhu rwera kugirango bace babisuka ku Burundi hanyuma babonereho kurungika ingabo, Abafaransa nabo kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2016, basavye Abanyagihugu babo kugabanya ingendo mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko hagiye kuba intureka, ivyo navyo akaba ari ikinyoma cambaye ubusa ariko bikagaragara ko uwo mugambi bawuteguriye hamwe kanatsinda ni nabo batanga amahera yo kugura ibirwanisho. None bahenda nde?


IGIHE

Messages

  • NDASANGA IBI BITEKEREZO BY’UYU MUGABO WA DD NTAHO BIZAGEZA ABARUNDI USIBYE KU MABI GUSA. NJYE MBAGIRIYE INAMA YO KUREBERA IKIBAZO AHO KIRI AHO KWIBESHYA KO KIRI AHANDI BAKAMENYA MBERE NA MBERE KUGIRA ISHYAKA RY’UKWISHYIRA UKIZANA KWA BURI MURUNDI MU GIHUGU CYE. ICYA KABIRI BEGERE IBINDI BIHUGU BAKORANE NTA KWISHISHANYA KUKO IBYO BARIMO BARI KWIFUNGIRA MU KAZU KATAGIRA IDIRISHYA. NIBICARE BASUBIREMO POLITIQUE ABABARWANYA BABAHAMAGARE BABAHE IMYANYA MU BUTEGETSI NTAWE UVUGANA INDRYA MU KANWA BAZACECEKA IKINDI BIRINDE MUNYANGIRE YA FDRL KUKO NTAHO IZABAGEZA NIMUREBERE KURI DRC ABATURAGE BAHO BIRIRWA BAPFA KUBERA KUYICUMBIKIRA NONE UBWO MU BURUNDI NTIBYATANGIYE? NABAGIRAGA INAMAAAAAAA

  • ce type a completement perdu la tete, completement deboussole...indwara arwaye ni RPF gusa kandi ntateze kuyikira igihe cyose adashakiye ikibazo aho kiri! ikibazo kiri mu butegetsi bwanyu mwihaye ku ngufu, FDLR nayo mwahaye karibu izasiga ibakoreye ibyo yakoze mu Rwanda n’ibyo irimo gukora muri DRC...A BON ENTENDEUR SALUT...

  • Birababaje kandi biteye agahinda kuyoborwa n’abantu nkaba kabisa,ikibazo cyabo bagishyira kubindi bihugu, byatangiye ari u Rwanda,after iba Belgium

  • Ewe Gélase Ndabirabe sha, uraruhtse kweli!!! Mumutwe wawe habitsemwo vyinshi. None jewe ko ndumuhutu mwenewanyu nkaba ndiko ndaturatura, mukaba mwica abahutu nabatutsi, ivyo muvuga ntimwumvako mwishakira kwigumira kubutegetsi mubicishije muguhuma amaso twebwe abahutu benewanyu?????

    Twarabahinyuye gusa uvuze menshi ngira uno munsi urasinzira neza kuko akari kakurimwo urakagabanije!!!!

  • komera mutama wanje niwirambire abonabo bandiko uko bishikiye nibiwiji

  • Abarundi byabayobeye pe. Harya ubwo ayo matangazo muzerereza buri cyumweru mubona abamariye iki. Igitangaje kandi kigaragara nuko kuyobora igihugu byabananiye. Mu meze nku mwana wariwe n’intozi yakumva icyatsi ki mukoze agataka nga arapfuye, cyakora mwitegure byo ubutegetsi bw’ingoma yanyu y’abicanyi bugeze aharindimuka. Ibi binyibutsa Habyarimana muri za 1993 yirirwa ataka ngo Inkotanyi ziramurasa atabaza kuko yabonaga byarangiye. Aba DD nabo niho bageze, cyakora ni mukomeze mwicwe n’ubwoba hanyuma kubarasa bizoroha sana. Ikindi kibazo mufite ni uko mutigira ku mateka, ntasoni ngo Romeo Dallaire yafashije FPR gufata Kigali, ibi n’umwana w’imyaka 5 ntabwo yabyemera. Inkotanyi zarwanye zifite just cause yo kubohora Abanyarwanda n’igihugu cyacu. Ibyo byari bihagije ngo zitsinde inzirabwoba n’interahamwe za Habyara. Kandi ibyo byabaye izuba riva. Burundi kuburasa ni affaire yoroshye cyane. Ni mukomeze mwanjwe ngo murandika amatangazo yaburi cyumweru igihe cyo kubara cyageze ntakabuza muzaraswa.

  • Ewe Ndabirabe uteye isoni,jewe ndumuhutu no kunyo mugabo mwebwe aba dd ntimukwije mu mitwe,none ivya Kagame na Havyarimana ubitubwira ngo dukore iki?twebwe abarundi bumutima nta honyabwoko dushaka,nimwatangura ihonyabwoko muzoryifasha,mwebwe turabazi murwanira izo nda zanyu,mbe ko abahutu mwirirwa murabica?ahubwo mwebwe mwa binywamaraso vyaba dd nukubarwanya twivuye inyuma.

  • Ewe Ndabirabe uteye isoni,jewe ndumuhutu no kunyo mugabo mwebwe aba dd ntimukwije mu mitwe,none ivya Kagame na Havyarimana ubitubwira ngo dukore iki?twebwe abarundi bumutima nta honyabwoko dushaka,nimwatangura ihonyabwoko muzoryifasha,mwebwe turabazi murwanira izo nda zanyu,mbe ko abahutu mwirirwa murabica?ahubwo mwebwe mwa binywamaraso vyaba dd nukubarwanya twivuye inyuma.

  • Ivyo Mutama avuze niko vyagenze mu Rwanda nivyo yani abo batutsi bobo ntibasubiza amaso inyuma ngo bibuke igihe bagandagura Ndadaye Melchior nabandi isinzi bamukurikiy amajambo yavuze ariko aricwa imivumo yabavumy arya maraso yabamij niyo ariko abakurikira bobo baribaziko nabonyen bitobashikiy jew ndi umututsi kandi niyemera ibibi bakoze ndanivuga naho harimwo abavyeyi banj igihe baturira abahutu mumapine ndavyibika nari muto ariko narabibonye n’a twebwe nitwisubireko hanyuma dusabe ikigonwe ngarutse kuba DD nabonyene bararembej abantu yani bapfa nkuburo ariko ntibokwihora kimwe gusa bobasabana imbabasi vyose bigahera nivyovyiza ahandi hoho karabay ok mwirambir.

  • Yooo,ko Muboroga nk’umwana ar’imbere y’imbwa isara igomba kumurya,reka kwimaramaza muvuga ayamuhe,reka gutera imigere yanyu kumihunda,mwica bene wanyu babarundi abandi mukabangaza ,abandi buzuye ubusho mubica urwakabozo mufata abakenyezi kunguvu ,mwicishije abavukagihugu inzara n’ubukene mukuduza amatagisi nukubuza ibihugu vyagaburira abarundi kwinjiza ibifungurwa,ayomabi yose mwayakoreye abarundi kubwanyu amarira yabarundi niyo ar’umunezero wanyu,muvyanke muvyere nicokimwe ,IMANA itera yumva amaborogo yabarundi ,reka kwitwenga pfamwambaye ,ivyomwita umunezero bigiye guhinduka amarira,nakare mwame muzi ko URYA UWAWE UKINOVORA INTUNTU

  • ewe mwamburakimazi mwirigwa mutukana , ico muzi nukwicana gusa mubura kuja kuma radio muvuga iterambere mukaja gutukana ,nukuri igihugu cacu carapfuye ubonye abantu bakigize, nakare ntagihugu mwisi yose gitwagwa nababoyi hiiiii ico bimbura atari urwanko n’inzigo ntakindi muzi mwaravumwe mura gapfa uko .

  • abo nabo nabo nyamitwe yakuye muri canada, nyamitwe we muzomubona azobazanira nibaca umutwe kuko ariko yiterekera umutwe turamuzi bihagiye, mutagize ubwenge nkubwa salomo namwe muzisubiraniramwo kubera we. wait and see

  • Nyakubahwa mutama wacu twebw abarundi twes twakenyerey urugamba ntaho bazoduca pee turi maso nibyaba ngombwa ko dutanga amaraso yacu kubwigihugu cacu niteka ryacu nkabarundi tuzoyamena turwan nizombwa zabazungu na ntare Rugamba yarahanganganye nabo nta mbunda yarafis rero mupfe kuduha uburenganzira tuzorwana gushika kuwanyuma anogots nayo dalail we ntantambwe azoduterana ndabarahiye kirimwabagabo pee.

  • Ntawuyobewe ko ivyo Gelase avuga ari ukuri. Aba bose bavuga ibindi ni ba bandi nyene bari inyuma y’ihonyabwoko mu Burundi.Biratangaje kandi kubona ahanini ari abanyarwanda kuri uru rubuga.Umugani wa Kagome wanyu murababwababwa, murota gusesa amaroso kuko ariwo mwuga wanyu ariko muteshwe mute i Burundi ntavyo muzoshikako. Imana izigame Uburundi n’Abarundi.

  • Icyo mbona cyo, ni uko uriya wiyise Nzovu ibye ari uguhakana gusa yiyemera kandi ntatange ingingo zigaragaza ko ibyo Romeo Dallaire ashinjwa ari ibinyoma nk’uko abivuga! Ingabo zari ziyobowe na Romeo Dallaire ntacyo zakoze ngo zihagarike ubwicanyi bwakorwaga, kandi zari zifite ibyangombwa bihagije, ariko Kubera ko yari arangije mission yo kugeza inkotanyi ku butegetsi, yahawe imidali n’ibihembo aho kugawa kuko ntacyo yakoze ngo arengere abicwaga! Yego ubutegetse bwarafashwe hamaze kumeneka amaraso menshi nk’uko babishakaga...., abacu barishwe ntabwo tuzababona ukundi nimukomeze mwirire

  • Ntawuyobewe ko ivyo Gelase avuga ari ukuri. Aba bose bavuga ibindi ni ba bandi nyene bari inyuma y’ihonyabwoko mu Burundi.Biratangaje kandi kubona ahanini ari abanyarwanda kuri uru rubuga.Umugani wa Kagome wanyu murababwababwa, murota gusesa amaroso kuko ariwo mwuga wanyu ariko muteshwe mute i Burundi ntavyo muzoshikako. Imana izigame Uburundi n’Abarundi.

  • twebwe ico dusaba nkabarundi bumutima. nibaze kuko turi tayari gupfa cankwe. gukira kuko ntakindi gihugu dufise imana yaduhaye atari uburundi nkajewe njanye nabakeya nzopfana nabazungu 10.000 mubazoba baduteye. imana ibahe umugisha. bene data babarundi

  • Ayo majambo uwo mugabo yandits yonyen yerekana ko mu mugambws wiwe banka ubwoko bw’abatutsi. iyo aza kuba uwuzi ubweng yari gukoresha ayandi majambo ntashiremwo ivy’amoko. Turazi ko bakoreshej ivyamkoko ngo barabe ko boronka benshi babashigikira mu kubibutsa ivyakera. kandi hari abarundi bamwebamwe bari babashigikiy ariko ubu aho bigez ningaruka bategerezwa guhangana nazo kuko muri bimw bita kwiyamamaza baguma bavuga umututsi. Amakaritiy asakwa mu gisagara ca Buja ni ayo bo bitirira abatutsi ngo bariyamirij ikiringo ca gatatu. Rero urumva uwubibona nawe ntiyobura gutahura ico bipfuza. "Uworwikarihiriza rwo mumwa!!!!!!" Gusa nokebura bene Burundi mwibuke ko Peter ataraba ivyamoko ahubwo araba abatamushigikiye. Ntikoba akaryo ko kwemera ko hari ihonyabwoko ririko rirategutwa kuko ndazi ko abarundi batakiri impumyi nka baraho. Rube rero urugamba rwa bose ntirube urwubwoko ubu canke buriya. otherwise uburundi bushobora gusubira inyuma gose

  • Iki gihungu nico gusabigwa. Twinginge Imana igitabare. Mbe ndabira wowe nturi mubakoze genocide yo mu Rwanda. Ntiwamaze abatutsi ntitubizi. Twababuze mubutabera ariko tuzobabona tu. igihe canyu cashitse mwishure kumaraso y’abanyarwanda mwanyoye.

  • Barabikoze Ku Rwanda rwomuri 94 ariko mu Burundi bitegerwzwa kubagora.
    Hanyuma ntamuntu numwe azovuga ngwarakunda ihihugunakimwe c’Africa abanje kwanka uburundi ivyontibishoboka, akarorero harukuntu umuganganga yovuga ngwagomba kugiriraneza umuntu ngwagire ubuzimabwiza ariko akaca amutobagura mumutima? Uwomuntu ntabamukunda kuvakubirenge gushika mumushatsi, nokuva mukiganza ciburyo gushika mukiganza cibubafu.
    Uburundi numutima c’Africa uwobashaka ko Afrika igira amahoro ntiyihende ngwakomeze guhatikiririza kugiriranabi uburundi kuko nibakomeza afrikayose murayisanga kurubuga bwimirwano ndabivuze kuruyumusi urihejuru murakoze.

  • vuga make mugabo birakomeye!

  • vuga make mugabo birakomeye!

  • Jewe ndatagazwa no kubona uikinyagwanda muribi vyiyumviro.ariko abo banyagwanda barajwe ishinga niki kukuvuga ivyuburundi?uretseko bafise ishavu ko bananiwe no gukuraho ubutegetsi bwitorewe nabanyagihugu.ivyo mutama avuze ni ukuri.muzopfa nabi nimba muzokwama mufatigwa ubutegetsi nabazungu.muri ba nfatira ndamwende.

  • Jewe ndatagazwa no kubona uikinyagwanda muribi vyiyumviro.ariko abo banyagwanda barajwe ishinga niki kukuvuga ivyuburundi?uretseko bafise ishavu ko bananiwe no gukuraho ubutegetsi bwitorewe nabanyagihugu.ivyo mutama avuze ni ukuri.muzopfa nabi nimba muzokwama mufatigwa ubutegetsi nabazungu.muri ba nfatira ndamwende.

  • abo bazungu barababesha bakabakoreshe ngo mucinyize bene wanyu .Imana iratubona .Ntamu onu aza honyora iwacu .Baze turwane berekane aho bahagaze bataje kuduteranye ngo bimare imyaka bigoranye buhorobuhoro.Ibicucu byinkotanyi baguma bakoresha nkimpemuke za africa bazoteba bamenyekane .
    PLEASE RETA BURUNDI NTIMWEMERE DUFUMA TURWANA KARI NABO BA ANU AU LIEU YUKURWANA NABENEWACU BIJUJU MUNYUMA AYA MAHORO NUBUMWE DUFISE UBU NTAYO BIFUZA KANDI NTIBIGEZE BIFUZA DEMOCRATIE DEVELPMENT IBURUNDI .KUGIRA BAYICE BACIYE BAZANA IDEE YA GENOCIDE KUGIRA BAZO JUSTIFIER DICTATURE YIMPEMUKA.

  • Ibivyose nibimenyetso vyiherezo ryisi.Yesu nagaruka,azobirangiza vyose.Ntibikabahagarike umutima kuko bitegerezwa kubaho ahubwo dutegwubwoba nuko twoba tugendera muvyaha kuko twoca tubura ubuzima budashira.HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MUMWAMI NGO BARUHUKE UBUTAME BWABO KANDI IBIKORWA VYABO VYIZA BIRABAHEREKEZA.Icompa twese tukizera YESU vyukuri.

  • Mwa nantuwe reka gukokeza indyane z’amoko mu Burundi. Ingorane zihari ni ibwicanyi bukorerwa Abahutu cane ndetse kurusha Abatutsi. Dukeneye intwaro ibereye yubahiriza bose. Ibisigaye ayo moko yanyu yatware hiyo.

  • Ibivyose nibimenyetso vyiherezo ryisi.Yesu nagaruka,azobirangiza vyose.Ntibikabahagarike umutima kuko bitegerezwa kubaho ahubwo dutegwubwoba nuko twoba tugendera muvyaha kuko twoca tubura ubuzima budashira.HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MUMWAMI NGO BARUHUKE UBUTAME BWABO KANDI IBIKORWA VYABO VYIZA BIRABAHEREKEZA.Icompa twese tukizera YESU vyukuri.

  • ESE cndd FDD mufiseubwoba bwiki inkubisi yamavyi iraYitarukiriza kandi

  • nimba arivyo birakomeye IMANA itugirire ikigingwe

  • emwe balaza tUzotolo imipanga namahili muga adya macaltien yazanyakajagali azobe yakuye meza uzokwihenda abazungu bakazana abobasoda akibunabuna atalishika amahama emwe nakabayi.abadede balabumukî mwavuze ngo nibihuna..jela ulumugabo kanda balumva nuko alipfamatwi.babahungu babili mwatulila balabangaje muzopfa mutulatula nka gahini atawuzi iyageze.?

  • MANA garukiruburundi,ibivyose vyatumwe niyonyasi ngo nipeiezida.iya tagirindandende ngwasubire kwitoza,ibivyose ntivyoshitse.

  • MANA garukiruburundi,ibivyose vyatumwe niyonyasi ngo nipeiezida.iya tagirindandende ngwasubire kwitoza,ibivyose ntivyoshitse.

  • MANA garukiruburundi,ibivyose vyatumwe niyonyasi ngo nipeiezida.iya tagirindandende ngwasubire kwitoza,ibivyose ntivyoshitse.

  • MANA garukiruburundi,ibivyose vyatumwe niyonyasi ngo nipeiezida.iya tagirindandende ngwasubire kwitoza,ibivyose ntivyoshitse.

  • Sibyo guseka ahubwo birababaje iyo mbona abarundi mwifuza intambara gusa icyo wiyatuiyeho nicyo kikubaho niko bible ivuga si intambara abarundi muri kwiyaturiraho !!!!???? mubonye ibyo mwiyaturiraho ,,,, izaza ibasorome mugirengo n’inzozi muri kurota nkuko umuhinzi asoroma imyaka ye imaze kwera ,,,, nuko abarundi mureba hafi ariko mukuri ntakeza kintambara

  • Ejo yari louis michel ubuhaj romeo na dallair,ejo hazaza naho nibande?ahoga yemwe ntitwomenya kwabarundibos arabantu?ntawanyagupfa nuwanyagukira biteb bitebuke intahe izoteba ironk ijambo kuvyabaye vyose.

  • Aba DD benshi bagirizwa Genocide yakorewe abatutsi mu Rwanda nico gituma batangiye kwikanga Minuar na Louise Albour,ubwo ni ubwoba ntakindi, murahenda abatabizi sha,akari inyuma karahinda,muzovyishura murabesha

  • MUNSOMERE IBYO ABARUNDI BABA BANDIKA ’’’’umunyakanada Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR zari mu Rwanda kugira ngo zishikane FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu 1994’’’ IBI BIGARAGAZA INTERA AMACAKUBIRI AGEZEHO MU BURUNDI, KUKO NTABWO ROMEO DALLAIRE YARAJEJWE KUGEZA FPR K’UBUTEGETSI!!!!!! Pauvre Burundi!

  • banyakubahwa turabashimira cane ukuntu mudahengeshanya gukwirikirana kumunsi kumunsi ivyigihugu cacu, turiyamirije caaane izongabo zinkorabara, nongera nkebura benewacu bataye umurongo bashaka ubutegetsi babanje gusesa amaraso yabene burundi bateswe bate, basabe ikigongwe bazetwubake igihugu, abashatse gutembagaza ubutegetsi bahanwe, tugihema umwuka muzima ntibazohonyoza ikirenge kubutaka bwuburundi, nakare barayamaze hakuba imbwa wobimva

  • Mbega ibinyoma, mbega amacakubiri ari muri CNDD, ngo Dallaire yashikanye FPR k’ubutegetsi, kubona umuntu nkuyu mukuru mu gihugu yokabaye ahagarariye abarundi bose akavugira bose, none murabe imvugo yiwe arimwo ’’bantou’’ hutu’’ n’ibindi bigaragaza ko ari umuvugizi w’ubwoko kurusha abarundi n’uburundi. ikiboneka nuko mufise ubwoba bwivyo mukora mugashaka kurempentanya mubishiramwo u Rwanda rebe namwe iryo tangazo ukuntu ryanditsemwo ibinyoma gusa vyuzuye amarangamutima y’amoko! Ivyo mukora muyovya abanyagihugu, mubigisha amacakubiri, mubankisha abaturanyi n’abavandimwe babo igihe kizogera mubibazwe!!!

  • None Romeo Dallaire niwe na Louise Arbour nibo bazanye inzara, ubukene bwokora amakara bugata,cholera,umwanda mu gisagara, ubwicanyi, ugufata kunguvu,guhohotera no gupfungira abantu ubusa.vyabananiye

  • NTAVYO MUNAZI CND YARIGIZWE NA50O?WAPI 1ÈRE FAUTE YARIGIZWE 60O

  • ufise ubwoba mushingantahe ko bo guta muri yombi kubera ubwicanyi CNDD FDD yakoze.Mbe romeo dallaire na 3eme mandat bihuriyehe. ivyo n ugukokeza indyane z amoko

  • muzapfa mushire mukivuga u Rwanda kabisa kd ntacyo muzigera mushikaho nskimwe mizabibona

  • Ntaco bazoshikako kuko ivyabo vyaramenyekane. Nkuko ataco bafashije muri Libiya atarugusiga anyagihu mukangaratete. No gusahura gusa. Uburundi nta mabombe bazobutera kuko nta gitoro gihari. Uwu kunda abarundi na bafashe munzira yi biganiro. Kuko niyo ishika. Reta nayo ibinyaruce ata mitego. Kugira umwansi abure ivyitwazo. Nkuko nabivuze aho hambere, mbega ivyo bigwanisho vyari bimaze kwinjira mu gihugu vyari vyo gutabara nde? Kw’igihugu cari mumahoro. Iyo hatogwa uwundi akiri musha vyari kuyangara. Bava amaraso ntibokwiyahura ngo binjire ku nguvu. Hazokomezwa ibiganiro. Ndabashimiye. Nihahangame Uburundi na Barundi. Gakozi i Pretoria.

  • Plz abantu ntibagira ubwenge urazi kuva mubukwe bugahura nubujuju.ivyo mwanditse vyose bihuriye na politike uburindi.UN nurwanda ntivyakagonvye kuvugwa muburundi. Vyagaragaye ko urwanda ruri hejuru gose.

  • @ikangure. Nibyo.sinumva ibyo bene wacu birwa bivanga muri politique yuburundi icyo bagamije. Gusa abo baginga bamenyereye kunywa amaraso bafatanije n"inkoramaraso kagame. Ako kagabo gategeka urwanda kiyita Ndaribwaribwa kamye ko iyo usuze numujinya urinera. Kazambuke akanyaru maze abarundi bagahe paracetamol
    bagahambe aro kazima

  • Abobagabo,Mubacunge Ntibatugir,ukobagize Mugwanda

  • HARIHO ABAGABO NUTUGABO .AHO MUROKOMBOKA UBUJAMBO MWIBAZAKO MUTERA UBWOBANDE? NI CNDD-FDD? NI SEBARUNDI? AHO MURIHENDA MUZOKWAMA MUBWEZA UKONYENE. HARUWACIYE UMUGANINGO ISHAVU RYIMBWA RIHERERA MUKUJUNGAGIJA UMURIZO IRYO RERO NIRYASHAVU RYIMBWA MUKORESHA GUMA MUZUNGAGIZA UMURIZO NAYO CNDD-FDD IGUME KWIVORA ITWARA ABIYAHURA BIYAHURE.

  • Dallaire ni umubisha mumurwanye! Abapolisi ba UN nabo ntimuzabemere, murwanire ubusugire bw’igihugu cyanyu. Ubatera bizatangira ariwe uhitanywe n’intambara ari gushoza! Que Dieu protege le Burundi, son gouvernement et ses institutions democratiquement elues!

  • Ubwo bubeshi bwanyu buzobageza kure basha!. abonabo urikuravuga nibaze bakore akazi, nkeka abarundi tworonka amahoro, abantu nabo mwabamaze mubica simbeshere kuko nivyomukora izuba ryaka, nivyomukora mwijoro biramenyekana, kuko nuwendeye nyina mukuzimu yara menyekanye. gusanga abagore mumazu kubabaka vyirirwa birakorwa nizombonerakure zanyu mwatumye gukora umurimo mwabatumye, nayivyo banyakubahwa bavuze mumanama ni vyukuri, kwica murica, kubaka murabaka,mucuvyikana murafata kunguvu, izongabo nazo nibazizane bive mumajambo bije mungiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.