Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyeporitike bahuje mu biganiro barindiriye ishirwa mu ngiro
Abanyeporitike bahuje mu biganiro barindiriye ishirwa mu ngiro
samedi 21 Kigarama 2013
Inama yari imaze iminsi ibiri iriko ihuza abanyeporitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yasozerewe ku mugoroba w’ejo kuwa gatanu. Abari bitavye iyo nama, impande zose, barashima ivyahavugiwe, ariko bakamenyesha ko igisigaye ari ukurindira bakaraba namba inama nshingamateka na nkenguzamateka zizoshira mu ngiro ivyumvikanywe mu kwemeza impinyanyuro z’ibwirizwa shingiro.

Umunsi wose w’ejo kuwa gatanu abari muri iyo nama yari yatunganijwe n’inama nshingamateka y’Uburundi bawumaze mu bikorwa vyo mu mirwi vyari bitegekanije ko bisozerwa isaha cumi z’umuhingamo. Siko vyabaye bikigenda kuko babihejeje hafi isaha imwe y’ijoro. Uwo mwanya wiyongereyeko ntiwabaye impfagusa kuko bose bashimishijwe n’ivyapfunditswe. N’aho mu gatondo ku munsi w’ejo nyene kuwa gatanu mu runani ADC Ikibiri barahatswe kwikura muri ivyo biganiro, Léonce Ngendakumana arongoye urwo runani yarashimye ko bumvikanye, kandi bemeranije ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigiye guhinyanyurwa hisunzwe ineza y’abarundi bose, bakabanza gusubiramwo gusa ingingo zijanye n’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, izindi zijanye n’ivyumvikanwe i Arusha zikazosubirwamwo inyuma y’amatora, imitima imaze gutekana.
- Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri, inyuma y’iyo nama, arashima ibiganiro bari bamazemwo iminsi ibiri
Mu gihe mu nteguro y’ibwirizwa shingiro Reta yari yatanze bategekanya uguhindura ingene ubutegetsi butunganije, uguserukirwa mu nama nshingamateka ku bice bitanu kw’ijana bavuye kuri bibiri, ukwaka uburenganzira bwo kwemeza canke kwanka ingingo mu nama nkenguzamateka ku bahoze ari abakuru b’ibihugu, Léonce Ngendakumana amenyesha ko bumvikanye kuba barabangira kugira bizokwigwe inyuma y’amatora. Ingingo zigiye kwigwa ubu zikaba ari izidafitaniye isano n’amasezerano y’i Arusha, nk’ingingo zijanye n’ukwitegurira amatora, hamwe n’ingingo zijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Imbere y’uko ivyo biganiro bisozerwa, abafashe amajambo bose barakeje ubutwari bw’umukuru w’inama nshingamateka yashoboye gutunganya ivyo biganiro, agahuza abanyeporitike bari bamaze iminsi baterana amajambo, bagashobora guhuriza ku mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro riraba abarundi bose. Domisiyano Ndayizeye, yahoze ari umukuru w’igihugu yasavye ko Reta itoza irarindira ko icuka gitosekara kugira biyumvire guhuza abaserukira abandi. Yahamagariye abatwara kwama bashira imbere kwumviriza bose.
Pacifique Nininahazwe, ari nawe yafashe ijambo kw’izina ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yamenyesheje ko icipfuzo ciwe ari ukuzoshobora gukeza umukuru w’igihugu, inyuma y’amatora y’umwaka w’2015, amushimira ko yashoboye kwitandukanya n’abandi bakuru b’ibihugu bo muri Afrika, akareka abandi bakitoza mu kwubahiriza ibiringo bibiri gusa ahabwa n’amasezerano ya Arusha. Pacifique Nininahazwe yamenyesheje kandi ko yipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2015 yohuza bose mu ntwaro rusangi.
Icegeranyo c’ivyumvikanyweko muri ivyo biganiro vyasozerewe mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuwa gatanu kizoca gishikirizwa umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya poritike, kugira bagikorereko mu mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro. Igisigaye co kurindira, kandi kizotanga umwizero ku bari bitavye iyo nama bose, ni ukuraba namba Reta, inama nshingamateka na nkenguzamateka bazoshira mu ngiro ivyumvikanwe.


Egide Nduwimana
Messages
21 Kigarama 2013, 14:02, par Kabizi
Reka tubitege amaso!
Aba DD bariko bariga uwundi mukenyuro!
22 Kigarama 2013, 00:27, par Mama
Leonce kombona protique yahevye ikamutera imiramu mumaso nkuwakubiswe amakofi!? Mumafotoyose mbonangaha Leonce niwegusambonamengo bwamuyaganye!
22 Kigarama 2013, 10:58, par Ndagijimana Francois
Reka Tuvyizere Ko Bazohava Bahindura Amanyanga Yabo Bagakora Ivyabanyagihugu Bagomba Ariko Sinzi Burya Bafise Ibindi Bategura.