Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza basubiriye kwitura umuhuza
Abanyeshure ba kaminuza basubiriye kwitura umuhuza
mardi 11 Ruheshi 2013
Abanyeshure basanzwe biga mu gisata c’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru muri kaminuza y’Uburindi bamenyesha ko bariko bararenganywa n’ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bazindukiye kwugariza ku biro vy’umuhuza w’abarundi.
Vyatanguye batumvikana ku bijanye n’ukugene babandanya amashure yabo. Kubera uko kutumvikana bivuye ku ndinganizo y’integuro y’ivyigwa bakaba batashoboye guheza umwaka.
Bahavuye bahitamwo kwitura umuhuza w’abarundi kw’igenekerezo rya 02 Ndamukiza 2013, inyuma yaho bari baje kubasohora mu kigo ca kaminuza. Umuhuza rero yahavuye abumvikanisha babamenyesha ko bazosubira mu bigo mu kwezi kwa Rusama.
Bararindiriye ukwezi kwa Rusama kurahera baca babaha isango ryo kw’igenekerezo rya 03 Ruheshi ko bazoza gutangurana n’abandi. Iryo genekerezo bamenyesha ko baryubahirije barataha barindira isango ryo ku genekerezo rya 10 Ruheshi 2013 bari bahawe.
Naho nyene baritavye bagenda mu kigo ca kaminuza aho baca bababwira ko ata ruhusha bafise rwo kubakira muri ico kigo, babona kwigira inama yo gusubira ku muhuza w’abarundi.
Bavuga ko baraye aho imbere y’ibiro vy’umuhuza kubera ataho bari bafise ho kurara. Ariko rero aho twahashika umuhuza ntiyari bwabakire bari bakimurindiriye bikavugwa ko yoba akiri mu rugendo mu mahanga.

Prosper Ndayikeza