IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bariyamiriza ingingo y’ukutabaha (...)

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bariyamiriza ingingo y’ukutabaha icayi

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Nk’uko bari babimenyeshejwe, ingingo y’ukudatanga icayi co mu gatondo mu bigo vyose vya Kaminuza y’Uburundi yagiye mu ngiro kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2016. Abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bariyamiriza iyo ngingo bavuga ko izobakwegera ingwara.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’uko bari babimenyereye, abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bagizwe ahanini n’abo mu gisata c’ukwinonora imitwi (IEPS : Institut d’Education Physique et de Sport) bazindukiye aho bahora bafatira icayi, ariko basanga imeza ziragaragara. Baciye baja kwambara imyambaro yirabura, bagaruka imbere y’uburiro (Restaurant) kugira bagaragaze umubabaro wabo.

Abo mu gisata c’ukwinonora imitsi bavuga ko bakora ibikorwa vyinshi bisaba inguvu, bakamenyesha ko bigoye kubishobora ataco barengeje umunwa. Abo banyeshure bafise amakenga ko bashobora kuzoca bafatwa n’ingwara nk’igituntu, bagasaba ko iyo ngingo yosubirwamwo, kuko yafashwe batagishijwe n’inama.

Mu buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi (Régie des Oeuvres Universitaires) basigura ko iyo ngingo y’gukuraho icayi yatewe n’iduga ry’ibiciro vy’imfungurwa kw’isoko, bakavuga ko batoshobora kugabura gatatu ku munsi, ari naco gituma bakuyeho ico cayi kugira abanyeshure bashobore kugaburirwa neza imfungurwa z’isaha zitandatu n’izo mw’ijoro.

Anatole Nzinahora umuyobozi w’igisata (Régie des Oeuvres Universitaires) avuga ko iyo ngingo ari ntabanduka.


IGIHE

Messages

  • Mes eleves vont mourir de la faim!

  • Abantu Munganangana ukwo Muracaririra Icayi Numukate Mugahagarika Icabajanye Kwiga Mwajanywe Nicayi ? Shake Mutahe Ntaco Mwomariye Igihugu,, Nabiga Mumwaka Wambere Wamashure Mato Ntaco Banywa Ariko Bariga .Nkeswe mwebwe Muri Abagabo Bubwanwa Nabakenyezi .Emwe Ndabatwenze Muri Intwenza.

  • Ewe Reta Gir Impuhwe Wibuke Urwaruka Ruri Muri Kaminuza Y’ Uburundi Musubiremwo Ingingo Yo Kubima Akayi.Nukuri Ubuzima Bugiy Kubagora, Bari Gupfuma Bakagabanya Hako Kagenda Burundu.Ico Mbona Nibubak Anti Malaria Mu Ma Campus Kuko Igiye Kubirenza Kubera Inzara.Rwaruka Mwihangane Murondr Ukundi Mwifasha Kuko N’umwana Abaye Impfuvyi Aca Yiga Ingene Azobaho.Kuri Bourse Nibace Babaha Amahera Y’akayi, Mbega Birakunda?Ngo Igihugu Kirakenye Mbere Na Budget Ya Ministere D L’ Education Yaragabanijwe Ni Co Gituma Ata Buzi Butangwa Ku Bamaze N’iyo Kaminuza Muri Uwu Mwaka, Namw Nta Kayi Murigumya Mwige. Ukuri Kurababaza Ariko Umuhinga W’ivyo Muri Kaminuza " Ariga Akahava".Murakoze

  • mugwanda mwirigwa murirukankira ho iyo kaminuza itegetse ntacyo barenzaho, nakare abonyene nibo baribashushe mumigumuko ahobukera nivya sasita babikureko bimenye nkuko ahandi mubindi bihugu vyishi bigenda. muri intashima, puuu!! leta yanyu muri dukeyi yarifise yagerageje kubitaho uko ishoboye none dore aho mugejeje ubutunzi bwayo none irabaha ivyo ikuyehe,umenga atabwenge mugira, abashuka abana babo barikwiga za buraya na chine.

  • Mu bisanzwe mu gupfunga uw’ivubi ntibategerezwa guhera ku dupfungurwa; kuko nitwo mu bintu vyose nkenerwa ku muntu dutangura (inyigisho ya Maslow)! Vyiza bari kuraba indi bintu bitaronswe ubuzima bw’abanyeshure butageramirwa!

  • Bazarya amasasu niyo yasimbuye icyayi.

  • Yooo Mwihagane Mwisinikobimera Ntavyama Arivyiza Kabis Ntivyoroha Ariko Mutegerezwa Kwihagana Ncuti Zanje Por

  • NAMWE MWABANYESHURE MWE MUREKE KWIGA NGO NI ICAYI ? MBE TWEBWE TUYAKORERA KO ATA CAYI TUKINYWA ? NIMBA MWABUZE IVYO MUKORA MAYINA UMWANA AHETSWE NABI ASOHORA AMABOKO. NAYO UMUHETSE NEZA URAYABOHA NTAYO ASOHORA. KUBERA BABAHAYE LIBERTE MUCA MWIBAZA KO ARI DROIT ZANYU. NIMWISUBIREKO CANKE MUTAHE MUHIRA MUJE KUNYWA ICO CAYI MUHIRA IWANYU NIMBA ARICO CABAZANYE. SAWA OK.

  • Bjr. Icayi ntigikwiye gutuma muhagarika kwiga. Ese nimubaze ku isi no mu bihugu bikize ni hehe baha abiga kaminuza icayi? Gusa niba muri minerval mutanga haba harimo amahera y’icayi mufise droit kuri ico cayi. Bourse uzi ko aho igitangwa ari i Burundi ahandi waka inguzanyo(dette) ya minerval n’amahera yo kugura ibikenegwa vya minsi yose nkuko uyaka banque. Mukurikije rero situation economique u Burundi burimwo mwoshira ku munzani mukaraba ivy’icayi niba ari ikintu gihambaye.

  • ngo icayi , nkuwo yazavamwo umuyobozi? umugabo uririra icayi muteye isoni kbs

  • ngo guhomera iyiyonka biraca imitsi! Baturondey kera,muragomb mutwar ayomarike iwany,icay ico o!ng abakn ng ntibanwa icayi,uk nukwikunda gsa.ntac tuzokinwa mwijuru natw.

  • Ego icayikukironkanivyo arikoigikurun’ukwiga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.