Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 mai 2016 saa 10:31
Yasomwe : 42120
0 0

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bandikiye umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.
Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.
Mu rwandiko barungikiye umuyobozi wa (...)

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bandikiye umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.

Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.

Mu rwandiko barungikiye umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure baserukira abandi baragabishije ko umwanya uwariwo wose ivyigwa bishobora guharikwa, bakavuga ko bafise kandi amakenga kuko badakoze ibibazo ku mwanya bishobora gutuma baza kugira umurengera w’ibibazo bategerezwa gukora mu mpera z’umwaka, bigatuma benshi muribo bayoberwa. Abo baserukira abandi banyeshure basaba ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi gutora umuti w’ico kibazo cabo.

Muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko ibibazo vy’abo banyeshure babizi, kandi ko bariko baravyiga.


Kumenyekanisha

1
CIZA BONIFACE 12-05-2016 à 00:54

NIVYOKABISA NIBABATUNGANIRIZ NABONYEN NIHAMW BIBAGRA NINGOGA HARYA UWOBABWIRA ABABAZ MWIRYA MI6 21 NDAZ KOHOMENYA UMW NIKIBEGU.MB KUK BATAVYIGSHA MWIZO 21JRS NGOBIB BIHEZ.

2
egide mugisha 10-05-2016 à 13:43

nukur vyar bikwiy no kub botunganirizwa ikibaz cab kuk barabangamiw vyob vyiz babikorew

3
Rich. Nz. Julius ndayisaba. 9-05-2016 à 14:34

Ahubwo iyo mutaha mwesi mumihira, nakare abize nibo bahanze igihugu.

4
hamza 9-05-2016 à 07:27

inda uyibaza uwayirayeko. vyoba vyiza guhagarika hako wokwiga utazomenya !!!

5
NYISHU Orginal 9-05-2016 à 04:53

Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya !Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahaboneye !Ahubwo gwiza IBIGANIRO kuko ubu mu BURUNDI nta vy’ITERABWOBA kuko ntimwoza musumvya ITERABWOBA aba EL SHABABU,NIYOMBARE,NYANGOMA,SINDUHIJE n’abandi.

6
NYISHU Orginal 9-05-2016 à 03:19

Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya !Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahabonye !Ahubwo nyabuna gwiza IBIGANIRO ntimwirirwe muta umwanya kuko ubu mu BURUNDI ivy’ITERABWOBA ni oya kuko ntimwoza musumvya aba EL SHABABU.

7
cakira 8-05-2016 à 20:17

Bandanya mwasama ngo leta murayikangisha, guhagarika nimwe muzoba mwihagaritse muta umwanya wubusa,benshi muri kaminuza baje bava ruguru mubitoke rero iyo bashitse ngaha iwacu buja amavya acavyimba abandi amabere agashinga kuko baba babonye ikiyaga ca tanganyika,bamenye yuko Pacifiqeu president wabagumutsi yabakokeza ubu atajambo afise mugihugu ! jewe narize ngaho muri kaminuza ingeso zaho ndazizi,gusa ico nobahanura kugumuka sivyiza murazi abagumutse ayo babonye,baja kuri ambasade ya amerika !

8
ZURU ZEN 8-05-2016 à 18:21

ENDA BASHA,NIMUBIHEBE,IGIHECOGUFYINA CARAHEZE

9
Burundi 8-05-2016 à 13:42

Hari igihugu co muri Afrika catoreye inyishu yegereyegere y’urutavanako rw’abanyeshure b’imburakimazi nk’aba mu mutekano ntangere :
- Restaurant yarugawe kuko abanyeshure bagaburirwa kuko bariko bariga
- Amazi yarugawe kuko yagenewe gukoreshwa n’abariko bariga
- Umunyeshure asohotse ntiyasubira muri campus kuko compus yagenewe abariko bariga.

None leta y’Uburundin arireyeko abo banyeshure arico gituma bazokwama mu ruhagarara.

10
MUYAHUDI 8-05-2016 à 13:16

NIBABATUNGANIRIZ ARIKO MUBITWAR BUKEBUK NTIMWIHUT GUHAGARIKA IVYIGWA MBONIVYUBU BIGOY ! BOHAVA BANABAGIRIZA IBINDI

11
Dogo 8-05-2016 à 13:13

Ibintu Bizoja Mungro Aruko Babonye Abagiye Mumigumuko ?

12
Salatière 8-05-2016 à 12:24

Abobanyeshure nibatware ibintu buke kko bahagaritse nibobahomba cane vyiza bobisavye mubwitonzi batarinze guhagarika,umwumvikano niwo mwiza

13
John 8-05-2016 à 11:49

nibashaka bahagarike umenga hari undi bariko barigira, agahombo n’akabo bonyene. barafise umuteto ntangere, bakomeze bate umwanya 2ans zizohinduka 5ans.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha