Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muma kaminuza basaba ko agafashanyo kotangwa uko (...)
Abanyeshure bo muma kaminuza basaba ko agafashanyo kotangwa uko vyahora
mardi 18 Ruhuhuma 2014
Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi hamwe no mu zindi kaminuza z’abigenga barungikiye urwandiko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bamwereka amakenga bafise ku vyerekeye itegeko rishasha rizogenga ka gafashanyo gahora karonswa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta.
Muri urwo rwandiko, abo banyeshure bamenyesha ko ingingo ziri muri iryo tegeko riteye kubiri n’amategeko agenga kaminuza asanzwe ahari. Kubw’abo banyeshure, nta yindi ntumbero ihari atari iyo gushaka kwirukana umurwi w’abanyeshure ba nyarucari (abakene) batagira uburyo, hamwe n’ugushaka gusubiza inyuma inyigisho mu Burundi.

Abo banyeshure basaba umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi gusubiramwo iyo ngingo, bigume nk’uko vyahora bigenda mu mashure ya kaminuza.
Amakenga y’abo banyeshure ashikirijwe inyuma y’aho umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi amenyesheje ko uko agafashanyo gahora gatangwa bigiye guhinduka. Nk’uko bitegekanijwe, ku banyeshure 18026 barangije amashure yisumbuye muri uno mwaka w’ishure 2013 ushira 2013, abagera ku 4495 batoye ikibazo ca Reta bafise amanota angana canke asumba 69,2 nibo bazoronka ka gafashanyo kahora gatangwa na Reta. Abandi 2032 batoye ikibazo ca Reta baronse amanota ari hagati ya 69,1 kw’ijana hamwe na 66,5 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza za Reta yaba muri kaminuza y’Uburundi canke mw’ishure nderabigisha ENS (Ecole normale superieure) ariko ata gafashanyo na kamwe baronka.
Abandi 2049 batoye ico kibazo ca Reta muri uno mwaka w’ishure wa 2012 ushira 2013 baronse amanota ari hagati ya 66,4 na 64,2 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muma kaminuza y’abigenga, bakazoronswa agafashanyo k’amafaranga 200. 000 vy’amarundi yo kubafasha kwiyandikisha gusa, vyumvikana ko amwe bahora baronka ku kwezi ku kwezi bitazosubira kubaho.
Ku vyerekeye naho agafashanyo kahora gatangwa na Reta y’Uburundi ku banyeshure baja kwiga hanze, mu gice ca mbere c’amashure (premier cycle universitaire), ntibazofatwa mu mugongo na Reta mu kuronswa agafashanyo. Ku vyerekeye igice ca kabiri c’amashure ‘’Master’’ hamwe na Doctorat, abazoba bari mu bisata biri ngirakamaro cane gusumvya ibindi nibo bazoronswa agafashanyo.
Floxella Karire
Messages
18 Ruhuhuma 2014, 21:23, par ninquin
mb muk reta yuburund ibandanya icinyiza umwana wumukene kandi har hagezeko natw twiga nkaband ay mategek basigay badutorera bibaza k atworoheraza turazk nabayasinya biz basanga reta ibaha vyos sinz rrk babaony aratw abubu twoca duhasigagatw gus tuzovyiyamiriza.
21 Ruhuhuma 2014, 23:57, par Umunyeshure Uni
Bavyeyi,abana banyu botey’imbere ariko politike yubu irabacuvya ntibumva!! None ga Mana,bave kubutegetsi basige bishe ibintu!oya bisubireko,ntawundi tubona twoha igihugu ari hafi!Twashaka kwiga:MANA IBIBA MW’IJURU BIBE NO MW’ISI.