Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bongewe izindi ndwi 2 z’ukwiyandikisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bongewe izindi ndwi 2 z’ukwiyandikisha

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bongewe izindi ndwi 2 z’ukwiyandikisha

samedi 12 Ndamukiza 2014

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yasubiye kwongera ikiringo c’ukwiyandikisha gushasha ku banyeshure bo mu ma kaminuza ya reta.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uno wa gatanu , igenekerezo rya 11 Ntwarante 2014,umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi yongeye ubugira kandi ikiringo c’ukwiyandikisha ku banyeshure bo mu ma kaminuza za Reta gushika kuwa 25 Ndamukiza 2014. Mu gihe ku munsi w’ejo ku wa gatanu ariho ikiringo c’ukwiyandikisha carangira. Bikaba vyaribonekeje ko abo banyeshure batigeze bitaba akamo ko kuja kwiyandikisha. Gushika ubu ibiharuro vyabamaze kwiyandikisha nubu biracari ibanga.

Mu bigo ahari hasanzwe hategekanijwe kwiyandikishiriza yaba kw’ishure nderabigisha ENS no mu kigo ca IPA, abanyeshure ntibitavye akamo k’umushikiranganji.

Mu kigo ca kaminuza nderabigisha ENS ibintu si bisanzwe, abandika basa n’ababivuyemwo kuko atawukibasanga mu bibanza bandikiramwo, abayobozi bajejwe gutanga amakuru muri kaminuza y’Uburundi nabo ntibashima gutanga ibiharuro vyabamaze kwiyandikisha.

Umushikiranganji akaba amaze gutanga ikiringo c’ukwiyandikisha incuro zitatu zose ariko abanyeshure basa n’abatitaba ako kamo batewe n’umushikiranganji.

Tubibutse ko umushikiranganji yabasaba ko bokwiyandikisha hama bakabona gutangura ibiganiro ku kibazo c’itunganywa rishasha ry’agafashano abanyeshuri bahabwa na Reta. Ariko ku ruhande rw’abanyeshure nabo bagasaba ko umushikiranganji yobanza gufuta no guhagarika ingingo zimwe yabafatiye gutyo ibiganiro bigashobora gukunda. Ku bwabo banyeshuri, urwandiko bategerezwa kubanza guterako igikumu n’urwandiko rurimwo imitego myinshi.


KARIRE Floxella

Messages

  • nn umukuru wigihugu arindiriyiki gukura uwo mushikiranganji.ntubona katavyo ashoboye abana baguhakaniye ko batiyandikisha udakuye nkintambamyi ikibagisigaye nigiki?canke nubujuju buri mumutwe wiwe?ubwenge namashure umuntu yiga biratandukanye kweli!!!

  • Jew nibazo ko umushikiranganji yihaye indwi zibiri kugirango atange imihoho.

  • Mbega abobagesera ba BUTUNU ngo ni butore buteze agum’kweger’igihugu ngo kije mubihano ntakuntu yokurwa karashinz’ingani DDisasir’inkozi z’ikibi gusa cane cane nka E.NDUWIMANA na BUTORE ndetse n’abandi benshi ntavuze bariyizi atakindi kibaraj’ishing’atar’ugukweger’IGIHUGU mundyane nibarek’Abana baci bige bareke kugir’ihonyabgenge kandi bobo barize bamenye neza ko bariko bakweg’intambara kendi itazocagur’amoko,izohig’abo bafat’izongingo gusa kukw’abana babo baguma biga muma Prive;dufit’ingorane caaaaaaane kukw’abana bacu batagira ngene basom’ivyo twandika bokwanse gooooooose ako karenganyo bivuy’inyuma,tukarab’imbwa n’Umugabo akataretse kaba gasema nta Mutegetsi numwe Abiwe batiga hanze mugabo bibaye ngombwa ntibazoherayo bazoteba bataha tu turab’ico bazunguka nohanze baragwayo!nibatworohereze bamenye ko hadator’abize gusa HAMWE BATOBATO BOBIVAMWO NTIBATORE NT’AMTORA BOTSINDA kuko muti muto nyarucari niw’agowe atagir’ayo kwigish’umwana hanze ou bien muri Prive:mbeg’abo bigisha ngo k’ubuntu bariko babajana he?kw’imbere bahugaye bivuye kur’izonda zabo zizohag’ivu,es’iyobaba bobibahambanye ivyo bihera vyooooooose birirwa barasahura dutubits’uwa vubi,merci beaucoup mw’abasomyi mwe kuko n’aho bic’amatwi kuko badasoma n’ivyo twandika kuko batagir’umwanya wo gusoma bafis’uwo gusahura,Imana Irababona!(UVUMWA naBENSHI UGATEB’UGATOTA)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.