IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abanyororo barenga 7000 bararekuwe muri uyu mwaka w’2012-Pascal (...)

Abanyororo barenga 7000 bararekuwe muri uyu mwaka w’2012-Pascal Barandagiye

dimanche 30 Kigarama 2012

Abanyororo barenga 790 bararekuwe kubera ingingo y’umukuru w’igihugu yo gutezurira abanyororo. Bavuye mu mabohero ya Bururi,Gitega, Ngozi, Bujumbura,Rutana,Rumonge na Murambya. Barekuwe kubera barengeje ica kane c’igihano baciriwe.

N’akanyamuneza ntangere ku banyororo 796 bahawe amahirwe yo guhimbaza umunsi mukuru utangura umwaka w’2013 bari mu miryango yabo. Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye amenyesha ko muri uyu mwaka w’2012 abanyororo barenga 7000 bakwije ica kane c’igihano baciriwe barekuwe.

Abo bamaze kurekurwa cokimwe n’abandi bagiye kurekurwa bategerezwa kwama bitaba ubutungane igihe cose mu ntango y’ukwezi mu gipolisi c’inyamiramabi gushika igihano baciriwe kizohere.

Abamaze kurekurwa barashimira umukuru w’igihugu yafashe iyo ngingo yo kubatezurira kugira basangire iminsi mikuru n’imiryango yabo. Bavuga ko bagiye kwigenza neza kugira ntibasubire gufungwa. Bahora bagirizwa ivyaha bitandukanye harimwo ubusuma butobuto.

Naho biri uko, ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu rimenyesha ko muri abo banyororo harimwo abariko bararekurwa hatisunzwe amategeko.

Bavuye mu mabohero ya Bururi,Gitega, Ngozi, Bujumbura,Rutana,Rumonge na Murambya. Ubushikirangani bw’ubutungane buvuga ko bwaravye abakwije ica kane c’igihano bakatiwe,abafise imyaka myinshi bageze mu za bukuru, abarwaye ingwara zidakira kandi bigenza neza.

Ivyo ngo bizotuma ubuzima mu mabohero busubira kworoha, aho ni mugihe bahora babayeho nabi kubera ubwinshi bwabo. Bahora barenga ibihumbi 10 mu mabohero 11 ari mu Burundi yategerezwa kwakira abatarenga ibihumbi 5.

Pascal barandagiye abasaba kuba akarorero keza mu mihana yabo igihe basubiyeyo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.