IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abapolisi bariko bariga ibimenyetso vy’abatavuga ntibumve

Abapolisi bariko bariga ibimenyetso vy’abatavuga ntibumve

mardi 11 Kigarama 2012

Mu ntumbero y’uko hagabanuka ukutumvikana hagati y’abantubafise ubumuga bw’ukutavuga n’abapolisi, ishirahamwe ANSB ry’abagendana ubumuga bwo kutavuga ryaratunganije inyigisho ku bapolisi kugira bamenye imvugo n’ibimenyetso yabo.

Abapolisi bamenyesha ko baryohewe n’ukwiga ibimenyestso n’imvugo y’abantu bagendana ubumuga bw’ukutavuga n’ukutumva. Izo nyigisho zatanzwe n’ishirahamwe ry’abatavuga mu Burundi ANSB. Abapolisi bo mu ntara ya Gitega nibo bariko barahabwa izo nyigisho.

Israël Mungumwema arongoye iryo shirahamwe yavuze ko izo nyigisho zizotuma abajejwe umutekano bakingira abanyagihugu bose harimwo n’abatavuga.
yavuze ati ‘’Abatumva kandi ntibavuge barinubwa n’ababanyi babo, umutekano wabo ntucungerwa neza n’igipolisi’’. Rimwe na rimwe ngo hari aho abapolosi bahohotera abatumva ntibavuge kubera badatahura ibimenyetso vyabo mu gushikiriza iciyumviro. Yongeyeko ko abatumva ntibavuge bahura n’ingorane nyinshi harimwo no kwitiranywa n’abagizi ba nabi.

Abapolisi bakurikiranye izo nyigisho z’ibimenyetso vy’abatavuga ntibumve barashima ko ari ngirakamaro mu gikorwa cabo. Umwe muri abo bapolisi amaze imyaka irenga 10 mu kazi avuga ko vyari kuba vyiza izo nyigisho zishizwe mu mashure y’intango n’ayisumbuye.

Ishirahamwe ry’abatavuga ANSB riremeza ko rishaka ko abatavuga ntibumve bamera nk’abandi banyagihugu iyo hageze kwitura igipolisi ku mvo imwe canke iyindi.
Mu minsi iri imbere ngo inyigisho nk’izo zizotunganywa mu bindi bice vy’ubuzima bw’igihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.