Accueil > Amakuru > Poritike > Abaporisi bahora bugarije ku Mugumya wa UPRONA basubiye mu makambi (...)
Abaporisi bahora bugarije ku Mugumya wa UPRONA basubiye mu makambi yabo
samedi 8 Ruhuhuma 2014
Kuva aho ingoro y’umugambwe w’Abadasigana UPRONA iri aho bita ku Mugumya imariye igihe yugarijwe n’abaporisi isinzi, amakuru atangwa na bamwe mu badasigana amenyesha ko ubu yasubiye kwugururwa.
Ku va kuri uyu wa 8 Ruhuhuma uyu mwaka w’2014 igihe c’isaha zitanu, abo badasigana bamenyesha ko baja kwigina ingoro yabo, yari yugawe ku buryo ata muntu n’umwe yashobora kuhashika w’umudasigana, kw’itegeko bavuga ko ryari ryatanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. Umunezero rero akaba ariwo urangwa muri abo bahurikiye mu mugambwe UPRONA, aho bavuga ko ari intsinzi, kubona bashobora gusubira kwishikira ku Mugumya amaraso adasesetse.

Ku bw’Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari w’urwaruka rwa JRR mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko ari umunezero kubona basubiye kwinjira mu ngoro y’umugambwe wabo atarwaruka rwabo canke uwundi mudasigana wese ahakomerekeye, naho vyagaragaye ko basotowe na bamwe mu baporisi ariko bakabirinda. Agasaba ko ubwitonzi bwabaranze muri iki gihe kitoroshe bari bamazemwo iminsi, n’ubu bwoguma bubaranga no muri kazoza.
Tukabamenyesha ko gushika n’ubu, umugambwe wa Rwagasore umenyesha ko gusubira mu nzego za Reta atari ubu, kuko bategerezwa kuvugana na Reta igikorwa c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kuko bavuga ko uwuheruka gukurwa yarenganijwe, mu gihe yazize ko yahagaritse ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe no kuja ku Mugumya. Bavuga ko icegera c’umukuru w’igihugu adakwiye kuja muri Reta nk’ishurwe, ko ategerezwa kurangura amabanga yiwe nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.
Bakavuga ko bababajwe n’ukubona Bernard Busokoza yarashoboye gutumako Edouard Nduwimana kugira bavugane ikibazo ca UPRONA akarenga kabiri, ariko uyo mushikiranganji akarahira kwitaba uwumutwara, ariko guca agarikwa mu mabanga yiwe, Umugumya wabo nawo, ugaheza ukugarizwa n’abaporisi injojo.



Aristide Nizigire
Messages
8 Ruhuhuma 2014, 12:14, par BUDISI
mbega ko mutatubwiye uwabahaye itegeko ryo kuva ku Mugumya???? abo ba police ngo bari bamaze iminsi bashonje eka ntanuwubasimbura bituma bigirinama yo kwisubirira mu makambi baje bavamwo
8 Ruhuhuma 2014, 17:52, par vianey
Naje nuko nabaye kure narikubafasha
8 Ruhuhuma 2014, 20:19, par Kirinyota
le métier de policier est le plus maudit des autres métiers au Burundi. Babakoresha nki robot, mbe ntimube mugira examen de conscience iyo babahaye mission y’uburofa.