Accueil > Amakuru > Poritike > Abari bamaze iminsi ku bushikiranganji bwo gufatana mu nda bunguririje ku (...)
Abari bamaze iminsi ku bushikiranganji bwo gufatana mu nda bunguririje ku muhuza Rukara
samedi 18 Gitugutu 2014
Abanyagihugu bari bamaze iminsi bagandagaje imbere y’ahakorera ubushikiranganji bwo gufatana munda, bungururije ku biro vy’umuhuza w’abarundi.
Abo banyagihugu bakizera ko umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara we, azobatunganiriza. Bavuga ko batageza kuzosubira inyuma ikibazo cabo kidatorewe inyishu. Abo banyagihugu barwiriyemwo abagore n’abana, bakaba bavuga ko bavuye ahakorera umushikiranganji w’ugufatana munda, kuko bari bumvise ko Clotilde Nizigama yagira abarungikire abaporisi.
Abo banyagihugu bakavuga ko bagiye kuguma ahakkorera umuhuza mpaka ico kibazo cabo gitorewe inyishu. Basaba amatongo n’amabati. Abo banyagihugu bava muri komine ya Rumonge bakaba bari baje kuri uyu wa gatatu w’iyi ndwi iriko irarangira. Mu bushikiranganji bw’ugufatana mu nda bakavuga ko umurwi uriko wiga ico kibazo wamaze gushirwaho, hakaba harindiriwe ko icegeranyo gishirwa ahabona batunganirizwe.
Aristide Nizigire
Messages
19 Gitugutu 2014, 23:23, par ntiharirizwa isaac
je nukur nibaza kobobatunganirz erega nabon bahaw niyo mw’ijuru
20 Gitugutu 2014, 03:21, par murundi
abo banyagihugu bagize ingorane nki? mumbabarire maze igihe ntaba mu burundi.