Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi basaba Reta ko yobareka bagakamisha ingabirano zabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi basaba Reta ko yobareka bagakamisha ingabirano zabo

Abaririmvyi basaba Reta ko yobareka bagakamisha ingabirano zabo

mardi 30 Nyakanga 2014

Abaririmvyi bo mu Burundi baracibwa intege n’uko bafatwa mu gihugu iwabo, aho babona ko Reta yibagira ko kuririmba ari umwuga ubatungira ubuzima. Bidogera cane ikurwaho ry’ibiteramo vya karaoke bahora bakuramwo uburyo bubafasha kwibeshaho, eka na Reta yarahahombeye.

JPEG - 35.2 ko
Umuririmvyi Elly’s Boy

Bamwe mu baririmvyi baridogera cane ikurwaho rya "karaoke". Umuririmvyi Elly’s Boy yibaza icoba caratumye ubutegetsi bwiyumvira gukuraho ivyo biteramo. Ati : " Birababaje kubona Reta idafata abaririmvyi ku rugero rumwe n’abakinyi, kandi nabo basohokona ibendera ry’igihugu iyo bagize amahigwe bagasohoka mu biteramo vyo hanze". Uwo muririmvyi arashimika cane kwikurwaho rya Karaoke. Ati :" Nyakwubahwa mumenyeshamakuru urigera ubona aho umuririmvyi w’umurundi aririmba ari gusa canke batamba ibiterasoni?".

Si Elly’s Boy gusa avuga ko abibona uko, Rally Jo, ati : "Ubutegetsi bw’Uburundi bwari bukwiye gufata abaririmvyi nk’abandi bakozi, bakububahirizwa mu kazi kabo. Jewe narahejeje amashuri, Reta nta kazi yampaye nca nikora ku ngabirano yanje. Kuririmba niko kuntunze kukantungira umuryango, nsaba Reta ko yotureka tugakora umuziki, tukibeshaho".

JPEG - 25.4 ko
Rally Jo

Eka na Ashley avuga nk’uko, yongera avuga ko naho izo karaoke zibera haraho bishika bakabona barabahagaritse giturumbuka nk’uko womenga nta mategeko ahari. Ikindi kimutangaza n’uko hari ubunywero bumwe bumwe izo karaoke zirekuwe na bamwe mu baririmvyi bafitaniye amasezerano n’ubwo bunywero.

JPEG - 33.4 ko
Ashley Girukwishaka

Abo bose bahuriza gusa ko Reta yoreka abaririmvyi bagakamisha ingabirano biherewe n’Imana, hama Reta nayo ikibanda cane ku mutekano kuko niyo ijejwe gukingira abanyagihugu. Ikindi bavuga n’uko izo karaoke zitunga umukozi akora mu bunywero, zigatunga umuririmvyi, zigatunga nyene ubunywero, zikabombora n’ikigega ca Reta.

Mwomenya ko ibiteramo vy’ama karaoke vyatanguye guhagarikwa kuva mu ntango z’umwaka w’i 2013. Naho biri uko, nta tegeko rirekura ivyo biteramo ariko hari ubunywero bivugwako karaoke zoba zitigeze zihagarara.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.