Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi bataramenyekana ntibubahirizwa mu ma studio kandi aribo bariha (...)
Abaririmvyi bataramenyekana ntibubahirizwa mu ma studio kandi aribo bariha amahera
mardi 26 Ruhuhuma 2013
Hirya no hino mu mazu bahinyanyuriramwo umuziki ariyo ma Studio hano I Bujumbura usanga abaririmvyi bataramenyekana abo bita aba under ground bidogera abahinyanyuzi batandukanye kubera kutabubahiriza mu gihe baba bariko barakorana.
Kenshi na kenshi iyo ubajije abahinyanyuzi b’indirimbo bakubwira ko amahera baronka bayakura mu baririmvyi batarakomera cane kuko abamaze gukomera usanga bitwaza ko bamaze kumenyekana ivyo bigatuma batariha abahinyanyuzi.
Twabajije bamwe mu bahinyanyuzi batubwira ko iyo bakoze indirimbo y’umuririmvyi rurangiranwa bituma baronka abandi baza kubasaba ko babahinyanyurira umuziki.
Ngo ivyo bigatuma abaririmvvyi bakomakomeye usanga kenshi bakorewe indirimbo ataco barishe.
Ivyo bikababaza abataramenyekana kuko usanga amasango bahanye n’abahinyanyuzi atubahirizwa, ngo wicaye mu buhinyanyuriro ukabona haje umuririmvyi yamenyekanye agaca akorerwa uwundi bakamwigizayo adahejeje kandi ariwe azoriha canke yaramaze kuriha.
Aha rero abahinyanyuzi barakwiye kwisubirako bagahora bubahiriza bose kandi bakabafata kumwe kuko nabo bakomeye batanguye ari aba under ground.
Abaririmvyi bakomeye nabo barakwiye guhora bubahiriza abari inyuma yabo kuko burya kuba under ground ntibisigura ko uba udashoboye eka no kuba
waramenyekanye sivyo vyemeza ko uruta abandi canke ko utoriha abahinyanyuzi kuko mbere naho wahora uhabwa ivya gusa kubwo kumenyekana ivyo ntivyogutera kuba rurangiranwa.
Joel Sengurebe
Messages
27 Ruhuhuma 2013, 13:33, par hope
abo bakomeye se bo ntibatanguye nkatwe mani media mujew mutuvugira mbere mwe babumva