Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi batari bwahurire ku ruhimbi, mu giteramo kidasanzwe
Abaririmvyi batari bwahurire ku ruhimbi, mu giteramo kidasanzwe
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Urunani rw’abaririmvyi bo mu Burundi ruguma rw’ibonekeza bafashijejwe n’abamenyeshamakuru n’ibinyamakuru vyihaye intumbero yo guteza imbere umuziki w’i Burundi. Hasigaye haboneka ibiteramo vy’imboneka rimwe aho ibihangange vy’abaririmvyi bihurira mu giteramo kimwe.

Umuhora wa Great Lakes Mix"GLM" ufise ikinyamakuru "Indundi" warateguye igiteramo ca gakura kizohuriramwo abenshi bashoboka mu baririmvyi b’Abarundi, no mu ntumbero yoguteza imbere umuririmvyi w’umurundi n’umuziki wiwe nk’umwuga umutunze.
Inyuma yaho twabonye ibiteramo bihuriyemwo abaririmvyi benshi kandi b’ibihangange inyuma ya rya segenyenya ryatikiza ibintu n’abantu mu Gatunguru, kimwe cabereye muri Musée Vivant ikindi kibera mu nzu y’ingenzi "Star Hotel", ngico ikindi giteramo c’umunezero kirashitse. Isango rwashitse. Ni ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 20, hazoba ari ku munsi wa Pasika, kw’Itaba kwa Vyisi aho bamwe bita Kany Empire canke mu Kanyosha.
Ikibanza ni kw’Itaba kwa Vyisi aho bamwe bita Kany Empire canke mu Kanyosha.Kuva igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, ibintu ibirori bizoba bitanguye gufata isi n’ijuru, kwinjira ni nko k’ubuntu, inoti y’amahera 2000.
Ariko rero naho biruko, GLM (Great Lakes Mix"GLM"), yabategriye igiteramo kidasanzwe, urutonde rw’abaririmvyi bakora k’umutima w’Abarundi n’amakungu, urutonde rw’abaririmvyi batari bwigere bahurira mu giteramo kandi gusubira kubahuza hataje abahinga bizobagora gusubira kubabona bose k’uruhimbi rw’umuziki. Mbega ni bande?
Ehe urutonde rw’abaririmvyi GLM yabatoreye:

Chérif Nkeshimana