IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abarundi 5 bahohotewe bituye sentare ya ONU

Abarundi 5 bahohotewe bituye sentare ya ONU

mardi 4 Kigarama 2012

Abarundi batanu bahohotewe barituye ubutungane bw’u Burundi ariko nta matohoza yabaye. Inyuma yaho, bashimye kwitura sentare mpuzamakungu ica imanza z’abahohotewe.

M.T. yemeza ko yahohotewe n’abajejwe intwaro mu mwaka w’2006. Nta vyinshi yashimye kuvuga ariko yemeza ko yasinzikarijwe ubuzima gushika aho uwamuhohoteye yamutamitse ikibuye kiriko imicafu myinshi.’’Nico gituma nashimye kwitura muri ONU kuko ubutungane bwacu ataco bwamariye’’.

M.H. nawe nyene avuga ko yasinzikarijwe ubuzima mu mwaka w’2009.’’Naritwaye ariko ubutungane ntaco bwamariye’’. Yifuza ko comite ya ONU iraba ibijanye n’ihohoterwa yofatira ibihano ubutungane bw’u Burundi kuko butaranguye akazi k’abwo.

M.F. n’uwundi agira gatatu avuga ko yakubiswe arashaya n’inzego za reta mu mwaka w’2010. Ati ‘’Baranyambuye impuzu barankubita inkoni amasaha menshi. Naritwaye ariko vyabaye akamizwe n’ingoma. Ndizeye ko ubutungane mpuzamakungu buzontunganiririza, abampohoteye bagahanwa’’.

Abo bantu bahohotewe bavuga ko bariko bafashwa kwitura ubutungane mpuzamakungu n’ishirahamwe rigenga TRIAL ryo mu gihugu c’u Buswise rigwanya ukudahana ivyaha. Gushika ubu rimaze gufasha abantu barenga 300 kw’isi.

Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT y’abakirisu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu rirashima iyo gendo yo kwitura ubutungane mpuzamakungu. Kuri we ngo imanza z’abahohoteye abantu ntizitera imbere mu Burundi kuko abakora ivyo vyaha baba bari mu nzego za reta. Ahamagarira reta gushiraho ikigega co gufasha abahohotewe.’’Reta itegerezwa gushumbusha abahohotewe hanyuma igaca ihana abakoze ivyaha nk’ivyo’’.

Dean Grossman atwara CAT, komite mpuzamakungu ikinga ihohoterwa rya kiremwa muntu, aremeza ko abantu batanu b’abarundi bamaze kwitura urwo rwego. Dean Grossman asigura ko iyo komite yakira ibirego vy’abantu basanzwe.’’Twakira umuntu aba abona ko yaburabujwe mu mateka yiwe’’. Amenyesha kandi ko kugira CAT ice urubanza n’uko nyene kwitwara abanza agaca ku nzego zose z’ubutungane bw’igihugu ciwe hanyuma ntatunganirizwe. Yongerako ko uwitwaye adashobora kubizira.’’Uwitwaye afise uburenganzira bwo kwandika ibirego vyiwe vyose ataco asize inyuma’’.

Jean-Luc Marx aserukira Burundi igisata c’agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko abarundi bokwijukira iyo ngendo kuko u Burundi bwavyemeje ata gahato.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.