IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abarundi ba nyuma barenga 900 batahutse bava muri Tanzaniya

Abarundi ba nyuma barenga 900 batahutse bava muri Tanzaniya

mardi 11 Kigarama 2012

Nta kambi y’impunzi z’abarundi isigaye muri Tanzaniya Abarundi barenga amajana 9 batashe mu Burundi bava mw’ikambi ya Mtabila muri Tanzaniya , bakaba aribo barundi ba nyuma bari bakiri impunzi muri ico gihugu kuva abarundi batanguye guhunguka ku bwinshi mu 2003.

Harangiye kahise k’imyaka irenga 40 k’impunzi z’abarundi muri Tanzaniya. Abanyuma barenga amajana 9 batahutse kuri uyu wa kabiri italike 11 Kigarama 2012. Coikimwe n’abandi bajr imbere yabo bakwije igitigiri c’abarenga ibihumbi 35 bategerezwa gutahukanwa ku nguvu imbere yuko uyu mwaka uhera.
Abo barundi bavuga ko basigayo amatungo yabo kuko batahukanwa ku nguvu. Bavuga ko hariho n’abantu 2 bahasize ubuzima kuva mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo batanguye kwirukanwa, ngo kuko bakubiswe cane.

Abarundi batanguye guhungira muri Tanzaniya mu mwaka w’1972 igihe haba intambara y’ubwicanyi bwa mbere bukomeye bw’amoko mu Burundi.
Abandi benshi bahungiyeyo kuva mu mwaka w’1993 inyuma y’igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye n’intureka hamwe n’intambara yaciye ikurikira.
Intambara yatanguye gucureha mu 2003 umuhari CNDD FDD umaze gushira umukono ku mazezerano yo guhagarika intambara na Reta yari ihari , abarundi baca batangura gutahuka.

Abo banyuma batahutse bari bagize umugwi w’ibihumbi 35 bari basigaye bavuga ko batumva ko batekaniwe no gutahuka.
Ariko Reta ya Tanzanzaniya n’isahami rya ONU riraba impunzi HCR rirabumvisha ko ata mpamvu bagifise yo kuguma bitwa impunzi baca babaha kuva mu kwezi kw’indwi gushika mu mpera z’uyu mwaka kugira babe batashe. Barabatse n’uburenganzira bwo kwitwa impunzi, basigara ata ruhusha bafise rwo kuba muri Tanzaniya.

Bashikira mw’ikambi y’imfatakibanza mu ntara ya Makamba, mu nyuma umwe umwe wese agaca aja mu ntara avukamwo. Ariko hari abatazi iyo bahunze bava kubera bavukiye muri Tanzaniya. Amakomine nayo akamenyesha ko ata buryo afise bwo gushikana abo barundi ku mitumba bavamwo, basaba HCR gufasha mu kubashikana iyo bahunze bava.

Basanga amatongo yabo asigaye arimwo iyindi miryango bigatuma haba amatati y’umurengera kuko n’abahungutse imbere y’abo bavuga ko batararonswa amatongo yo kurimamwo. Harashizweho umugwi wi’igihugu CNTB wo gukemura ico kibazo ariko nawo uridogerwa ko utatura nabi amatati y’amatongo. Ngo uhengamira ku bahungutse hanyuma abasangwa ntibatunganirizwe.

kw’ifoto : Bamwe mu barundi bahungutse


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.