IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abaserukiye abandi muri CNARED babonanye n’intumwa ya Barack (...)

Abaserukiye abandi muri CNARED babonanye n’intumwa ya Barack OBAMA

jeudi 7 Ndamukiza 2016, par egide

Intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello yabonanye na bamwe mu bayobozi b’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi, mu biganiro vyabereye mu gisagara ca Bruxelles, mu gihugu c’Ububirigi.

Thomas Perriello yabwiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ko Amerika ibandanya gukora ibishoboka vyose kugira ibiganiro bihuza Abarundi bitangure mu maguru masha.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA, umwe mu bari muri uwo mubonano wa Thomas Perriello, intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini yamenyesheje ko bimwe muvyo baganiriye muri uwo mubonano ari aho ikibazo c’Uburundi kigeze.

JPEG - 191.7 ko
Bamwe mu ndongozi za CNARED zari mu mubonano wa Thomas Perriello

Ku nsamirizi ijwi rya Amerika, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yavuze ko ikibazo c’Uburundi kiraje ishinga Abarundi ubwabo, yaba abari ku butegetsi canke abatavuga rumwe nabwo, agashima ko igihugu ca Reta Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyose yaba ivyo muri Afrika canke i Buraya, ko bibandanya kwerekana ko bishaka gufasha ingene Uburundi bwotera intambwe mu kurondera inyishu y’ibibazo biri mu gihugu, kugira ikibazo Uburundi burimwo ntigitandukire akarere kose.

Mu biganiro abaserukiye abandi muri CNARED bagiranye na Thomas Perriello intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko bamumenyesheje ko bashigikiye ibiganiro vyamye bisabwa, kandi ko babirondera mu nzira y’amahoro.

Abaserukira abandi muri CNARED babwiye Thomas Perriello ko abariko barafasha bose bobandanya bahimiriza kugira Reta y’Uburundi itahure ko ibiganiro atabo bikumiriye arivyo vyonyene bishobora gutuma Uburundi buronka inyishu nziza, kandi ishimisha bose.


IGIHE

Messages

  • SENARADE NTIMUKIMENYAKO AMATORA YAHEZ ZMWIRI MUKIMAZAMAGURU NGOMUCHAKA IBIGANIRO ABARUNDI TWARATOYE GANIRA NABOBAZUNGU UMENGA NTABWENGE BAKIGIRA NTIBANTUNGANYA UBWO URIBUKA IGITEGA WANBURABWENGEWE BAMURASARIRIYO MUSEGA UDUKOROSTE BACHA MUZOHEROYO FORODEBUYAWE KWITAZOGARUKA WUNVA UKIJEMUBURUNDI NTACO UMUTIWAKAGIYE NUGUHEBA

  • Komera batama bacu guma kwivora gushika aho abivye ubutegetsi bazoteba bagateshwa bagata bakomoka murabe mutibagiye nukumusaba Ko amerika yozobafasha nokumwotsa umuriro wamasasu igihe yobandanya anana

  • Uwuziko atagize uruhara mukugerageza gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabenegihugu, akabaziko mubagize uruhara muguturira abantu babona, uwontagirikibazo ivyobiganiro usaba urabijamwo ntakibuza. Ariko nahonyene mugabanye urukweganekwegane nakiryacago cateye mubiyaga binini ngoni Kagame.

  • Ewe, Ni Vyo Biganiro Biraramye! Ubwo Koko Abarundi Tuzo komeza Kwicwa Kugeza Ryari? Mana Tabara Uburund N’abarundi

  • MB MANA TUZIKUKIRA RYARI?IGIH GUSA UZIMA INGOMA YAW .UMUTI URONDERERWA AHATARIHO KUKO UDASUKIRANYA N’IMANA ARASANZAZA.MANA TABARA UBURUNDI JUBWO ABAKWIZERA.

  • baguma batarataza ngo leta iganire nabicanyi birigwa badutera amagrenade hama uwupfuye bakaba baronse ikiziga cokudandaza sha murarushe!

  • ariko leta iganire nande? uyo Thomas ivyo bapanze n amabi bakoreye abarundi yose ntaraba ko vyatekurutse, coup d etat, kuroha abana mu migumuko, gukerera abanyagihugu bagata ibiziga mu ma barabara no mu binogo, guturira ikiduga n amamoto, gukuramo imitima abanyagihugu, guturira abantu mu mapine, imigwi igwana ivuye mu gihugu cibanyi, gutera amakambi, kurima amabarabara, kwica abarongozi mu ntwazangabo babahutu n abatutsi icarimwe NGO bateranye abanyagihugu, gushaka gukorora umukuru w igihugu mu ndenge na missile nkingene babikoreye havyarimana na ntaryamira na john garang na samora machel. twarabahinyuye muragaherera iwanyu n abagome b ingigwa ba president babafasha mu mabi yanyu, ubushinwa n uburusiya bitanga amahera meza afasha abanyagihugu at a conditions nibo tuzokorana. uyo Thomas azatembere igihugu cose nbigisagara cose arabe uurundi ni amahoro

  • Aaaaahh agaca ka cakiye agahori agahori gati uburyarya bwaraje akaguruka ntikoriyakandi,,,,aho mwaniz utwo dukoti Ngo murondera ibiganiro mumahoro nimutitandukanya na forebu red tabara niyindi mirwi ntabiganiro bizana God froid mugihugu bizigera bihaba kugera yesu azoba agarutse kandi America ikijandika kwiyingoma imenye Ko igiy gutegura icunamo nkigiheruka kubera mububiligi ntimukomakome ikiciyunviro nimpanuro muyireke.

  • non harahandi mwoja kuganirira atari mububirigi?

  • Batama Ntibantunganya, Rufyikiri, Ntavyohanyuma n’abandi bahutu mushigikiye ba Sindumuja, n’iho bayamaze bati " Uwushaka Umuhutu umutuma uyundi." Uwo mugani niwo koko, abatutsi bawuciye ntibabeshe namba. Kugirango muvyemere none Buyoya, Pacifique, Busokoza, Sinduhije, Bagaza n’abandi batutsi ntiriwe ndondagura amazina y’abo mwibaza y’uko arimwe mubasumba politique? Mwibaza y’uko muzi vya diplomatie kubatusha? Nimurabe akarorero kuri Bizimungu Pasteur hamwe na Alexis Kanyarengwe ingene inkotanyi zabahenze bamaze kuzishikina aho zishaka muzi babakoreye ibiki? Mbe Ntiba, urupfu rwa Zebiya wawe n’arya mavyi baguteye i Bugendana ntaco birakubwira nakimwe. Kuva isi iremwa nta mukuru w’igihugu araterwa AMAVYI atari wewe Ntiba! Abo ba Rufyikiri na Piyo zozo n’intama, ubabonye no mu maso ubona ko vyimereye nk’intama birundi. Nimwikubite agashi muve ibuzimu muje ibuntu. Abavuze ko Abahutu ata bwenge bafise nivyo, kubera abatabufise aribo benshi, niho baciye babifata ikivunga. N’ayo Abahuntu batari ibijuju bariho, nibarya bashigikiye NKURUNZIZA. Mbe mwoba musumba mutama Rwasa kumenya Umututsi? Akataretse kaba gasema, ahubwo muriko murisema.

  • Wewe karorero ahubwo ni ba kurondere bagufate kuko urazi abatumye haba icunamo mu bubiligi urumva ko uzi ko no mûri américain buca haba icunamo ahubwo ukwiye ku bohwa

  • aba bantibantunganya ntibabona koko kobakorehsa .IBICUCU.
    ibiganiro vyaremewe kuramwo redtabara-forebu hama twicarane.
    mbe ntimubona ko kuganira na red tabara ,na forebu ari ukuganira nurwanda?!!
    abo bagabo baraborewe!!!none igihugu mwamye muririra since 1961 nkurunziza yakibashikiriye .
    kandi ubwo samacakubiri abahutu na batutsi turibamwe .
    ariko ntimwemereke ko droit zaba minority ziba arizo zija hejuri kuri droit za majority
    You america,belgium , will never and never again make minority to be majority. simple as that.
    There is no genocide plan in burundi we love our brothers tutsi so much but there is a plan of autogenocide by some extremist tutsi against themself which keep avoiding and you do not help!!

  • Ariko gayemye!!! mbega Ntibantunganya aracayebayeba yibaza yuko Abarundi bibagiye ugutwara nabi kwiwe, nacire birarura ntazosubira kuba président w’uburundi. Umwanya wiwe waraheze.
    Igihe ciwe cari kirya nyene igihe Buyoya amukuye k’ubutegezi nk’umuhimbiri agaca anyaruka kwinyegeza muri Ambassade.
    Ntiba niyaba acipfuza kuramba nasubize amero mw’isaho nta présidence azosumbira kuronka kiritse CNDD-FDD itakiriho. Baca umugani ngo akataretse kaba gasema.

  • Ariko abandi sekuriyinkuru benshi mufise ingengabitekerezo mbi nimwihane mugire nisoni ntimugereranye abobahutu babamububirigi nabobucanyi ba Nkurumbi oyaa murakuze jewenandise ndumututsi ariko abobomuri cnard bose ndabubaha nabashingantahe ntibagiwe Minani Jean odifax nabandi benshi leonse Bazoopha nkabagabo ibintwamaraso bibabeshesha amafranga minsiyose vyabatayekuwamazi ba Ntamwana bamvunginyumvira Mbonimpa mukomere kumuheto iconkuru ashaka ntikizoba aratwica akaducanishamwo arikontituzokwicana twaramumenye courage barayebanatwirukanye murifrancophonie mubandanyemusemerera na twanyamitwe ntidusubire guhonyoza ikirenge iburaya dufanenatwo ngaha murakoze

  • Muli aba bose umuntu wujuje ubuziranenge bwo kuganira numwe NULIYA MUTAMA UKEYE CYANE WUMUTUTSI naho biliya bitatu BYA NTIBANTUNGANYA BISA NIBIKOKO ntibizi iyo FRODEBU YABYO KO YAMAZE ABATUTSI IBURUNDI !!!!

    Kubera ARUSHA ivuga 50 % HUTU 50 % TUTSI nkurunziza wumuhutu nabamulinyuma bagomba kubahiliza arusha bagabana banasaranganya ubutegetsi NABATUTUTSI KANDI bubaha amasezerano y ARUSHA . naho biliya binyamazuru bindi ntawe bihagaraliye NINDA ZABO GUSA !!! leta ya NKURUNZIZA IGOMBA GUHARANIRA inyungu za NYAMUKE ALIWE MUTUTSI

    NIBIMUNANIRA ABAHUTU BABE BITEGUYE GUSUBIRA TANZANIA , NGARA NAHANDI , MURWANDA HO BAHIBAGIRWE kuko bakozwe amahano !!!

    KUGIRANGO ABAHUTU BABARUNDI BAJIJUKE BAGOMBA KONGERA GUHUNGA IGIHUGU NIBURA BAGARUKA BARACIYE AKENGE !! ABO BAJYINGA BABAHUTU GUSA .

  • turashaka ko hatwara umupresident w’umuhutu abanyaburaya batwarisha telecomande, vyanse turasubizaho intwaro y’abatutsi izomara 100ans. naburya bo imbere y’amakungu bagenza buhoro.

  • we Ntibantunganya naPiyo Ntavyohanyuma hamwe na Rufyikiri, abarundi bumutima baramaze guhinyurako mwembwe mumaze kwihutura nikimenyamenya eheraba nimwebwe bashizimbere kugirango muhotore benewanyu, ruriyabandi rutabibagiye muzomera nkawamugani wayankware ninzoka...ayomahera yaboBAZUNGU muriko murasakira kugirango mumare benewanyu azobahumire...abarundi bumutima ntituzokwigera twibagi icambwenge mugisonda numuriporitike mumazekwicisha....uryincuti ukinovora intuntu.....

  • Wewe wiyise Claude, nta mututsi azosubira gutwara mu Burundi, Abatwaye bamye bakora génocide, nta bazosubira kugaruka gushika Yesu agarutse kw’isi canke atamuhutu akiriho. Nube urasubiza amero mw’isaho.
    Burarindira RNC yirukane Kagame nawe ku butegetsi hanyuma ibintu bica bigenda neza mu karere kose k’ibiyaga bigari.

  • Mbegako mbona atamagunira bitwaje yogutora infashanyo zintete zibigori? ngira bazakuzitwara murayo mukoti murahumba uburundi burimwo abagabo mufuruguta mwareka nta mututsi azopfasubiriye kutwara uburundi nibakumbure basubire mu misiri iyo bazananye canke kwa kagome

  • Umuti Wibibazo Biri Mu Burundi Uzotorwa Nimana Kuko Naho Ihoze Irazi Ukuri Kandi Iratubabaye Nukuri Pe!

  • Izontinwa zagiye kugirantee?abade tuzobasya nmuce hejuru tubatume inku murakanyana ibiratp

  • Mube muretse abarepublicain nibaza bizohera gusa mwitegure gufata uburundi ubu ntibigoye nabasoda ntibahuza mm les politicien bafise ubwoba kandi mubuze sinduhije kubandanya akomara amadiscours vide ntaco ariko yungura abamwumva et puis mushake site web yerekana plan d’action yanyu mucree possibilite za correspodance nabashaka kwumva intumbero yanyu kandi mushire hamwe.

  • Ahubwo abo batama babahutu ntabwenge bagifise,ubwenge bwaramaze kuyoka,nakare ngo uyu mutama ashaje nubwenge burazimira.ntabiganiro birimwo izombura bwenge zabatama turiko turagiriranira nabo,bazoshake biyahure,mbega ubwo gamwabatamamwe aho mwafunguriye igihugu ntimurahimba??.ibiganiro vyubu bikwiye kujamwo abantu batarenza imyaka 50ans,nayo mwebwe nimuruhuke mwararushe.mwariye vyinshi.

  • BACAUMUGANIBATI.UMURYANGOWUBAKWANABENEWOUGAKOMEZWANABENEWO

  • wapi,hariho ibintu bigoye kuriyisi.ubu rero Ntiba arikumwe na Buyoya???

  • TUGOWE TUKIRIKO NIMBA TWE ABAHUTU B IMVUGAKURI AANDI BAHUTU BABITA IBIJUJU NTIZOKIRA..ABA DD BABONA ABANDI BAHUTU B ABA FRODEBU N ABANDI KO ARI IBIJUJU KUKO BARENGERA IVYUBUHUTU BAKAVUGA IBIKIZA IGIHUGU,,HAA YEMWE AHUBWO IYO ATABA NKABO IGIHUGU KIBA CARAHIYE...

  • AHUBWO NIBAZE MUGIHUGU CABAVYAYE BAREKE KUGUMA BAZWIRAGIRIRA HANZE,HANYUMA NIHAGIRA UWUKUBITWA INTAHE MUGAHANGA YEMERE ARYE IMPIMBA ,NYAMBA BASHAKA KUJA KUBUTEGETSI NIBARINDIRE AMATORA YA 2020 KUKO TWEBWE ABANYAGIHUGU NI TWEBWE DUTANGA UBUTEGETSI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.