IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu basabiwe (...)

Abanyeshure basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu basabiwe ikigongwe

vendredi 22 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi yasabiye ikigongwe abanyeshure bo mu mihingo itandukanye bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Abo bashingamateka bavuga kandi ko kubagirizwa icaha kimwe, ibihano vyatanzwe bitandukanye.

Umugwi wamaho mu nama shingamateka y’Uburundi, ujejwe ibibazo vy’indero washikirije kuri uwu wa kane icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza wakoze, ku banyeshure bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu.

Uwo mugwi uvuga ko mu matohoza wakoze, wasanze ata na kimwe cerekana neza ko abo banyeshure bo mu myaka y’umunani n’icenda aribo vy’ukuri basibanganije iyo sanamu.

Abashingamateka bose bafashe ijambo bahurije ku kigongwe cohabwa abo banyeshure bariko barakurikiranwa n’ubutungane, abamaze guciribwa imanza bapfunzwe nabo bakarekurwa.

N’aho hari bamwe muri abo banyeshure bamaze guciribwa imanza z’umunyororo, bitegekanijwe ko inama nshingamateka itumako umushikiranganji w’inyigisho mu mashure yisumbuye, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, kugira babashikirize ivyasabwe n’abashingamateka.


IGIHE

Messages

  • reta numuvyeyi abo barahenzwe muma tegeko yi mana bivugako tugomba kuba barira abatwanka. mugabo wansubira niyomb I uwusavyikigongw e aragihabwa;

  • MUKORUKO NYENE MUGA ABO BARIMU BABAFATISHIJE AHO BAZOBONERA MWABAREKUJE BAZOMARAMARA KWERI YOMBA KWARUKWITONESHA KURI SNDD FDD BARAMWAWE

  • Muragahora uko ubona nabandi barenganizwe mwoza murabibuka vyobavyiza gusumba

  • Muragowe ko mwubahutse kuvuga ukuri nkurunziza azirana nimvuga kuri mitayanyaze azakubagira nka hafsamosi aherutse kwirenza amuziza ukuri kwiwe nawe nimwumve ngo murabasabiye ikingwe none mubasabira ikigongwe gute kandi muvugako mwasanze ataribo none umuntu arasaba ikigongwe kuvyatakoze ahubwo nibarekukwe bateko bidengenvye mbere bahabwe nindishi zakababaro aho badenderejwe gusa ndashimye ko niryo mwadyiyumviriye igisigaye nuko mumwubahuka mukamubwira akarekura iyo manda yivye kuko niyo nkwezi yingorane zose abarundi turimwo

  • Inama nshingamateka yari ikwiye gusaba ko iyo sanamu ivanwa mu giatabo c’inyigisho. Muri pédagogie ivyo mwabwirizwa kuvyitega nomba mufise abategura inyigisha barize pédagigie.

  • Murantunge ahubwondabashimiye kukomwebwe muravuga mugihugucanyu sicokimwe nongaho hakurya mu Rwanda inkoke zabavyimbiyeko ikivuzwecose arugukomamashigusa.
    Burya niyo dushavuracane abarundi twarasize kanini abanyarwanda, kukobobo nukwiririmbiragusa jonucide, nama etage gusa nivyobashoboye hanyuma bakaja ngaho bagashinyiriza kubindivyose.

  • Non karashiz ingani aho umuntu afungwa azir uburofa?ahubwo ngirango sifoto ya prsdt ahubwo ngirango n’iyimana!abo bashingamateka m
    ibakomere kwibanga

  • Non karashiz ingani aho umuntu afungwa azir uburofa?ahubwo ngirango sifoto ya prsdt ahubwo ngirango n’iyimana!abo bashingamateka m
    ibakomere kwibanga

  • Jewe kubwanje baribakwiyikigomgwe kandi ababijejwe bagaca bahindura ibitabo vyose birimwiyoto yuwomugabo kuko ntacamariye igihugu.

  • Kuva Aho Mwakabereye Muvuga Mugiy Mwavuga Ijambo Ryubugabo Ritosoy Komera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.