Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ngo haheze amezi 4 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ngo haheze amezi 4 (...)

Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ngo haheze amezi 4 badahembwa

dimanche 16 Kigarama 2012

Abasirikare b’abarundi bari muri AMISSOM muri Somaliya bavuga ko babajwe no kubona ngo bamaze amezi 4 badahembwa kandi bagenzi babo bo mu bindi bihugu bahembwa. Ngo bituma badebukirwa ku rubuga kw’intambara mu gutuza intagondwa z’aba Al shebab.

Amakuru ava mu basirikare ma AMISSOM bagiye gucungera amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya avuga haheze amezi ane yose abasirikare b’abarundi badahembwa agashahara kabo. Ariko bagenzi babo bo muri Uganda na Kenya ngo barahembwa ukuri kwamye.

Ikinyamakuru Bujumbura.be kivuga ko ishiramwe ry’ubumwe bwa Afirika UA ryamaze gutanga ayo mahera ariko ngo ibintu bindindiriye muri Reta y’u Burundi, mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi hamwe n’ikigega c’abasoda kibika amafaranga citwa CECAD

Ivyo reo ngo bituma imiryango y’abo basirikare yasigaye mu Burundi igira ingoranemu kwikenura.
Abo basirikare babwiye bagenzi bacu ba Bujumbura.be ko bituma badebukirwa bagacika intege mu gikorwa barimwo muri Somaliya. Gushika ubu Reta y’u Burundi ntaco irabivugako.

AMISSOM ifise abasirikare barenga 9000, abashika 400 ni abarundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.