Accueil > Amakuru > Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ngo haheze amezi 4 (...)
Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ngo haheze amezi 4 badahembwa
dimanche 16 Kigarama 2012
Abasirikare b’abarundi bari muri AMISSOM muri Somaliya bavuga ko babajwe no kubona ngo bamaze amezi 4 badahembwa kandi bagenzi babo bo mu bindi bihugu bahembwa. Ngo bituma badebukirwa ku rubuga kw’intambara mu gutuza intagondwa z’aba Al shebab.
Amakuru ava mu basirikare ma AMISSOM bagiye gucungera amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya avuga haheze amezi ane yose abasirikare b’abarundi badahembwa agashahara kabo. Ariko bagenzi babo bo muri Uganda na Kenya ngo barahembwa ukuri kwamye.
Ikinyamakuru Bujumbura.be kivuga ko ishiramwe ry’ubumwe bwa Afirika UA ryamaze gutanga ayo mahera ariko ngo ibintu bindindiriye muri Reta y’u Burundi, mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi hamwe n’ikigega c’abasoda kibika amafaranga citwa CECAD
Ivyo reo ngo bituma imiryango y’abo basirikare yasigaye mu Burundi igira ingoranemu kwikenura.
Abo basirikare babwiye bagenzi bacu ba Bujumbura.be ko bituma badebukirwa bagacika intege mu gikorwa barimwo muri Somaliya. Gushika ubu Reta y’u Burundi ntaco irabivugako.
AMISSOM ifise abasirikare barenga 9000, abashika 400 ni abarundi.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
24 Nzero 2017, 11:17, par Habogorimana Vianney
Shaa!Nibabarabire Agahembo Kabo Kuko Bafashije Vyinshi
16 Ntwarante 2017, 09:04, par Bitangimana Aimable
Nibarabe Babahe Nindege Itume Ibagarukana Iwacu Kobabona Batoyabaha.