IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibashimye ingingo yafashwe na (...)

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibashimye ingingo yafashwe na ONU

lundi 4 Ndamukiza 2016, par egide

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ntiyakiriye neza ingingo iheruka gufatwa n’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ukurungika abaporisi mu Burundi.

Iyo ngingo y’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashikirijwe n’Ubufaransa, mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bakaba bamenyesha ko ari agasuzuguro k’amakungu ku banyagihugu babandanya kwicwa.

Umugambwe MSD umenyesha ko Uburundi budakeneye abarorerezi baza guharura abicwa, ahubwo ko Abarundi bakeneye inteko mvamakungu zibakingira ubwicanyi n’ihohoterwa ribandanya kwibonekeza.

JPEG - 68.1 ko
Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD

Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uwu wa mbere, bamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekanye ko ata cirwa ryakuye mw’ihonyabwoko bwabaye mu gihugu c’Urwanda, kuko ridashobora kubona ibimenyetso biri mu Burundi bifitaniye isano n’ivyabaye mu Rwanda.

N’umugambwe FRODEBU uvuga ko iyo ngingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ata kintu kinini ije kwongereza mu gutora inyishu y’ibibazo vy’umutekano muke uri mu Burundi. Leonce NGENDAKUMANA, umukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko Uburundi bukeneye abasirikare mvamakungu bofasha kurwanya ko Uburundi bugwa mu ntambara, akavuga kandi ko abo basirikare aribo boca bafasha kwaka ibirwanisho ababifise batabifitiye uruhusha.

JPEG - 58 ko
Leonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, barashima iyo ngingo, bakavuga ko ihuye n’ivyo basavye. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE avuga ko Reta y’Uburundi yamye yemera ko harungikwa abarorerezi atari inteko mvamakungu.


IGIHE

Messages

  • None Ga Basha,aba Barongozi Bimigambwe Bipfuza Iki?bagomba kwabarundi tuba mu mahoro canke intambara?jewe mbona bokwemera bakaganira natwe tukibandaniriza ibikogwa vyacu kuko baribuka kwatabuzi bukiboneka atari ukwisumamwo,nibaduhe amahoro gusa.

  • Ibirikobiraba mu kuburundi biteyubwoba nahimana, sikibazo capolitike nicamoko uretseko kinyegezwa. ubwokobumwe ntibushaka kubundi butwra, hakabanukudandazanya kubihugu vyibihangange navyobigafatingingo vyishunze inyunguzavyo atarugukunda uburundi nabarundi. mugabo umunyagihugu muto n’itwetuhasigubuzima. uburundi buhumanize nababubawo. (bible-yesaya 24:5) jenakuz mugihe c’intambara ubumbona haragaherwe nubwatavyerade.

  • Nimutere ivyatsi iyo ngingo ya ONU atakindi igamije Atari ugukora munkovu no gushinyagurira abarundi babandanya kugandagurwa nibintu biteye isoni gose kubona ONU atakintu nakimwe igomba gukora muguhagarika ububisha biriko buragirwa na nkurunziza nahonyene hejuru yoguhonyanga amasezera yarusha igihe twese tuziko iyo ONU nyene ariho yari igihe ayomasezarano yaboneka none ikaba iriko irafasha nkurunziza kuyahamba twebwe ntidukeneye abantu bazakuduhagarikira turiko turicwa arahoho nibapfume bigumireyo kuko arukwicwa twarabimenyereye ico nosaba opposition nuko nayo yohaguruka ikereka uwomwicanyi nkurunziza nanya ONU nubufarasa bamushigikiye Ko nakitagenda yavyaye ikigenda biramaze kugaragara Ko hariho abantu bashaka gusamaza opposition bisa nokubafatira amaboko imugongo bababesha Ngo harivyo bariko baragira ariko arukugira nkurunziza na karwi kiwe babe baritwarira bogera bica abantu baguma bavuga Ko bazofatira ibihano abakora ubwicanyi mugabo igitangaje nuko nkurunziza nakarwi kiwe batarigera babafatira ibihano kandi bamaze amezi namezi bariko barica kumugaragaro ivyo rero bikagaragara kwari ugushaka gusamaza opposition kugira ntigire ico ikora mukwitabara nokwirukana uwo mwicanyi jewe nkabasabako ivyobobivamwo hanyuma batangure birwanire ayo makungu azobarondera mbona numwicanyi nkurunziza birirwa bamwiruka inyuma ubufarasa nabwo turazi kwatakandi kazi kabwo Atari ugushigikira ubwicanyi mugabo banyeko ukobamye batsindwa ariko nububazotzindwa

  • jekubwanj,ekobabihurijekonaretajwabobaporis,ntangoranekwer

  • KURWANYA LETA SIYO NYUNGU NAGATO KURITWEBWE,INCABWENGE UNO MUSI NIZO ZATAKAJE AKARANGA.NON KARASHIZ’INGANI TWONK’IVYIYUMVIRO BITUBAKA?EMW,NTAHO MBONA MUTERA MUJA,KUMBURA MUTEKEREZE!

  • Emwe Abanyeportike Mwapfuye Rumwe Muri Twaza Abanyagihugu Ukamengo Niko Mubakunda Cane Nawe Wohashika Mbona Womera Nkabandi Ugira Weho Inda Yawe Iri Mumugongo Be Mureka Sha

  • IBYA BARUNDI NI HATARI. UMU TERRORISTE SINDUHIJE UTERA GRENADES MUMASOKO NAWE NGO NTIYISHIMYE. UWAMUNYEREKA NANJYE NAMWOTSA KURI BROCHETTE. ABARUNDI BARAGOWE

  • Indorerezi zije gukora bimwe wamurundi yakora muri centre afrique

  • sinduhije we nareke kudemba ayamagorwa abarundi turimwo niwe yayatanguye na reke guhenda abana buburundi abamarira kwicumu mugukurikiza amabwire ya kagame mukudandaza ibiziga aguma aroha abana buburundi kurugamba kugira ungo baronke ico badandaza sinduhije ntakindi ashaka ashaka abasoda baza kumushira kubutegetsi nkuko nyagenze kuri kagame natwe abene gihugu ntituzovyemera kiretse batumaze twebwe abene gihugu reta twatoye ico yemeye natwe turacemera mbe kobanka kohaza barozi siko bazi ko ukuri kwoca kuja ahabona bakabona abariko bamara abene gihugu umuntu wese ashaka gutembagaza iyireta arumurundi arumunyamahanga ntamahoro aronderera uburundi nintambara no kumara abene gihugu nsavye onu ivyi tondere ishishoze ntigendere kumabwire yibihugu bimwebimwe nkububirigi bushigikiye abobicanyi

  • Uyo mugumutsi sinduhije ashaka igigugu?.adatowe natwebwe abanyagihugu?,yarahenzwe nabazungu ngo azogihabwa nkicupa ryi kiyovyabwenge,nawe wiyitaTARI ucutarabona uzokibona aruko umenetse ijisho,igihugu sicana,ubu kirimwo abagabo bijunja nijambo.muzocoka kugira mushiere mungiro ivyo vyiyunviro vyanyu bipfuye,imana ntizovyemera ko shetani yiganzira igihugu cacu,murabanza muhanure uyo mugumutsi wanyu SINDUHIJE abanze yikebuke amwe ubwo bwoya ngo nubwanwa buri kumunwa.arateye isoni.uyo numwihevyi kweri.

  • Nibara kwumva Sinduhije yubahuka kuvuga ngohoza inteko zabasirikare guhagarika iyicwa ryabarundi mugihe wenyene abamaze gutuma kwica kandi bavyivugira bamazekwica abantu bagera mumanama!

    Arongeye arantoneka avuzemwo ivyabereye nurwanda 94 mugihe uwonyene Sinduhije yabwiwe numwicanyi Kagame ukwobabigenje kugira batembagaze uwari president Havyarimana kobahutse kwica abanyarwanda batarobanuye munyuma bamwe mubanyarwanda bagahitamwo kwirwanirira bikaca bivyara genucide , atirero jewe ndi Sinduhije ndaje nshiremungiro ivyo Kagame yangiriye inama nokora nkasuka uburundi mukaga nkako Kagame yadutse ku Rwanda muri 94 !!!
    Yewe uzohumirwa wewe wubahuka gukoresha inzira mbinkiyo Kagame yakoresheje nanubu ibikomere bicacashegeshe abataribake , mwebwe mwarabokwankwa urunuka.

    Iconobabwira witegure ukubitwe nabuzoba wahenze bakenera egindavyemera hariho abomuzoza murahitana ariko abuzoba washohoye bobo bazohanagurwa hanyuma dufatebake bokubara inkuru.

  • Nibareke kuduhenda abobanyeporitike twarabahinyuye ni bansumirinda gusa

  • Muratangaje erega nta Leta tuzi iriho!! Ahari Leta ikingira Abanyagihugu.ikagwanya Amacakubiri. igakingira Itunga ryi Gihugu. ikubahiriza Amategeko yi Gihugu. ikubaha Amakungu. ikaja inama ni ngiro ni Bihugu bibanyi. Ico dukwiye kumenya nuko Mbundabunde abonwa nu hagaze. kandi intabarigwa ibwigwa nuko amaso atukuye!!!

  • Nimureke Buze Tuzoce Aribwotubanza Gutoza Intoke Naburya Atankoho Buzozana Niho Amakungu Yokwemera Ko Atamufyino

  • Ewe mana warataye umwanya kurema ivyo bihwiji vy’abahutu,urabona ivyo vyiyumviro vyabo

  • NONE ABO BA PNB NI ABIKI?NIBAREKE KUDUHENDA

  • NONE ABO BA PNB NI ABIKI?NIBAREKE KUDUHENDA

  • ibiriko biba ngaho iburindi. nibint bizamaho ONU ataco ikoze ngo irungike abasoda mpuzamakungu

  • ikinyamakuru igihe nibiki vyabaye? ejo naranditse ivyiyumviro kuriyinkuru ariko ntimurabishirako, kandi ntabitutsi vyarimo. aaa ivyo sivyiza....nimubishireko kuko harimwo impanuro

  • Ndarishikanye ndaguhanure saba I MANA imbabaz kuk ushats kuyerekak yakoz amakosa mukurema umunt mbere womengo wonayikosor IMANA irema umunt ntiyavuze nguy numuhutu cnk ngo numututsi rer ntimuz mutwagw nagashavu muvuga ivyo mutar kuvuga

  • Leonse,turazi,ivyo,yadukore,yatugize.Impfuvyi,tutaridufise.Abavyeyi?Natuze,nta.Ntante,dukeneye,MUBurundi.Kavuga,ngonizozokwakaibigwanishoababitunzebatabifiyeububasha,ivyobafatiye.Mukamenge.Mukijumbura,izontekonizozabifashe?

  • Leonse,turazi,ivyo,yadukore,yatugize.Impfuvyi,tutaridufise.Abavyeyi?Natuze,nta.Ntante,dukeneye,MUBurundi.Kavuga,ngonizozokwakaibigwanishoababitunzebatabifiyeububasha,ivyobafatiye.Mukamenge.Mukijumbura,izontekonizozabifashe?

  • Inganji zose z’iyi si zigiye gukurwaho n’iz’UWITEKA.Umuhirwe n’uwutunganya ingeso ziwe.

  • Inganji zose z’iyi si zigiye gukurwaho n’iz’UWITEKA.Umuhirwe n’uwutunganya ingeso ziwe.

  • Uyu ararungika abasoda biwe. Amase ya keza ntahoma urutaro Kandi byaramenyekanye ko Cnared ariyo ikerera abantu igashira imigogo mu mabarabara ngo yereke amakungu ko abaturage baheze iriko igira ibakize nuko vyahora mu Rwanda avant 90 fpr ikerera abantu Igaca ishira imitwe amakungu ngo leta Yamaze abantu amakungu yarayifashije ubu ariko ubu yatahuye ko bayahenze. Murekere aho Murekere abarundi bibereho Kandi cimpaye nizo njavyi zose ntimurusha ONU ubwenge nimpuhwe kubanyagihugu

  • Ntamurund Mwiza Ahubwo Warahubutse Aba Bitswa Nimbonerakure Hamw Nakagwi Kayoboka Ikikivagundu Nkurunziza.Sha Rindira Akarer Karapanze

  • @Murundi mwiza:
    1.Ntabwo uri umurundi
    2.Uri iburundi
    NB: vuga ikinyarwanda neza nkizindi nterahamwe zicyihishe mumashyamba ya Congo kandi urye ubika kuko aho bukera naho tuzahabasanga mwongere muzerere

  • Abobantu bashaka vanke barota abasoda mvamakungu nubwenge bakoresha canke nivyipfuzo vyumwana wumuntu.nimugihugu ikihe abasoda mvamakungu boshoboye kugarukana umutenkano wabanyagihugu?igihe bica Ndadaye nabaminitre ,Leonce yasigaye haraheze imyaka 23 none ubu niho ashaka abasoda.gusa Sinduhije na leonce bavuze ko bashaka ababacungera bobabaha kubera iki bashaka abasoda mvamakungu kandi Sinduhije afise basindumuja.

  • Umuhigwe nuwamenye imana igihe kirihafi mweho murakomeye ibibari mumutwe nivyo subiza inkota murwubati ngaho yesu araje icazanhe abanyamisiri tuzokibona-

  • @suredeal

    umviriza kandi uhurundi ubugombaho iki ko uri umunyagwanda? amaraso yabanyagwanda yaseshwe nizo nterahamwe ntiwoyabonye wiyumvirako vyari vyiza kubujyo wufuza ko asesa no mu Burundi? ndaraba ariwewe ufise ivyiyumviro by interahamwe ahubwo, muraha abarundi amahoro bo ata virus y uguhimana hagati y abahutu n abatutsi bafise. ubanse urabe uko basangira neza uburongozi, amashule igisirikare ubutunzi ko ho ubwoko bwose buresha kandi bwumvikana, hama umenye impamvu iyo cnared na ba sindumuja kuzana ivy abatutsi imbere vyabatekukanye, MBA mu ngagara ndi umututsi sokuru yavuye igwanda ahunze 59 ukiyumvira ivyamoko asumba andi niwe afise icibazo kuko ufuye ntagaruka kandi uwakukoresha ashitse Ku burongozi ntamwibuka.

  • Ntacovuga ataruko twosabuwimye!tukarindiramatora ya 2020

  • @murundimwiza: hahahaha, erega nubu uracyandika nabi ikirundi "akaryo"...."by"interahamwe....."guhimana".....etc ok niba iso yarahungiye iburundi muri 59 ukavukira mungangara mbwira uwari ahagarariye umuryango aho avant 94 n’aho wahuriraga kugirango numve ko twoba twari duturanye sinon ayo mateka ntayuzi urimukamenge hamwe nimbonerakure et guhungira iburundi muri 59 ntibikugira umurundi soma constitution y’uburundi urebe umurundi uwo ariwe.
    Petit murikula mubaya polini congo na mutaongeza karibu sanaaa....Dieu n’a jamais ete corrompus (ijisho ryayo riracyabareba nkukwo ryarebaga gahini)

  • @Sinduhije: amazi matirano ntamara imbyiro justement murwanda niba ariho urebera warikumenya ko ONU ntagisubizo izana icree possibilite d’emplois kubadiplomates bayo gusa ahubwo wowe ufite migambi ki? sobanurira abakwumva uhumurize nabari mungorane c’est tout!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.