IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatowe mu nama rukokoma y’umugambwe UPRONA

Abatowe mu nama rukokoma y’umugambwe UPRONA

lundi 28 Mukakaro 2014

Mu nama rukokoma y’umugambwe UPRONA yateguwe na Concilie NIBIGIRA, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, haratowe urwego nyobozi ry’uwo mugambwe rugizwe n’abantu batanu. Abo batowe bafise igikorwa co gufasha umugambwe kwitegurira amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015.

Urwego nyobozi rw’umugambwe UPRONA rwatowe mu nama rukokoma y’umugambwe UPRONA yabereye Ku Mugumya, rugizwe na batanu batowe n’abaserukira abandi gihugu cose, nk’uko bishikirizwa na Gaston SINDIMWO, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA. Abo batowe ni NTIGACIKA Michel, BANYIYEZAKO Jean Claude, NDAYIZAMBA André, NIBIGIRA Concilie , na SINDIMWO Gaston .

JPEG - 1.6 Mo
Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA ishami rya Concile Nibigira.

Abo batowe bafise ikiringo c’amezi 18 kugira bazobe bafashije umugambwe UPRONA kuronka inzego ziwurongora zivuye mw’ikoraniro kaminuza. Uwo murwi wahawe kandi igikorwa co gufasha umugambwe UPRONA kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

N’aho uwo murwi washizweho, tubibutse ko Karori NDITIJE yamenyesheje ko bagiye kwitwarira Reta, kubona yemeye ko inama avuga ko ari iyo gusambura umugambwe iba, igatumirwamwo bamwe, abandi ntibabwirwe, akavuga mbere ko n’abo bayitumiwemwo bagizwe n’imbonerakure n’abakenyererarugmba ba CNDD FDD. Karori NDITIJE akamenyesha ko ivyavuye muri iyo nama n’ingaruka zavyo bizobazwa Reta. Kubwa Karori NDITIJE, iyo nama yabaye kuri uwu w’Imana nta kindi yaje gukora atari ugushiraho irindi shami ry’umugambwe UPRONA ukorera mu kwaha kwa CNDD FDD.


Egide Nduwimana

Messages

  • Karori we utamba ugaramye canke wubamye ,hahhaahhaha reka mbanze ndaguseke naho ndi mumahanga,concilie azotwara neza kandi turamushigikiye wewe nugende muba CNDD biwanyKarori we utamba ugaramye canke wubamye ,hahhaahhaha reka mbanze ndaguseke naho ndi mumahanga,concilie azotwara neza kandi turamushigikiye wewe nugende muba CNDD biwanyKarori we utamba ugaramye canke wubamye ,hahhaahhaha reka mbanze ndaguseke naho ndi mumahanga,concilie azotwara neza kandi turamushigikiye wewe nugende muba CNDD biwanyKarori we utamba ugaramye canke wubamye ,hahhaahhaha reka mbanze ndaguseke naho ndi mumahanga,concilie azotwara neza kandi turamushigikiye wewe nugende muba CNDD biwanyu

  • Komesha izo ntunva zabo kwa nditije,kuko ntibunva!!!,bashaka kudusubiza mukaga kugwimo,kandi abo ivyo barimwo kugira nimuntumbero yugukingira amatungo banyaze muri yamyaka72-gushika93.amazu,amatongo,imiduga vyose barishikirije,baguma batera imigere muntumbero yo gukinga ntibisubizwe benevyo!!.

  • UMWAMI ndakwemeye ubivuze neza no muri Africa yepfo abazungu banyaze bari mumazi abira bagomba gusubiza ivyo banyaze rero ndasavye aba Badasigana bagenzi banje bareke dusubize ivyo twanyaze cane cane amatongo

  • @Jean akaneza ufise !akanya ufashe wandika ikintu kimwe !?Nditije urafise ikintu nawe!!!ncerekana ko Nditije ari we yagukurikije tsinda ishavu ukunde murumunawe ico utarya uhabandi bakarya

  • wewe wiyita Umwami, iyo uriko uvuga ngo ivyo batwaye 72 gushika 93 ubu ababitwawe bariko barabisubizwa,benevyo uvuga ni bande?reka kuba murondera aho muca kugira mucanishemwo abanyagihugu ngo 72-93?ahubwo humura amaso urabe imbere, ukaba uriko uravyara urabe Uburundi uriko uvyariramwo, ukaba uri umusore urabe kazoza kawe uko kazomera, ushaka gusubira imbere y’ 72 ntaho uzoba. Mbona usa n’umuntu aja iyo atazi. Uwo Jean nawe ari mu mahanga nyene kuko abari mugihugu barazi ico Nditije azira

  • ibyo ni byiza cyane abarundi mumaze kumenya DEMOCRATIE. NIZERE KO INTAGONDWA NKA
    NDITIJE ZIFITE NOSTALGIE YO KURIMBURA ABAHUTU NKO MURU 73 nta mwanya zigifite i BURUNDI... zishatse zajya kunkoramaraso Hitler kagame akaziha akazi ko kuba intumwa za SHITANI....

  • Wewe wiyise ibihe bibi bizohera,nagira nkwishure kubibazo vyawe wabajije kuko ndabona kurikitazi,utazi nabahekuye igihugu,muga mana uriko wigirisha kuko nibaso nabasowanyu babikoze!!!,1 ibihe bibi vyaraheze kuko ubu uravuga naje nkavuga twisanzuye ata gitsure dutewe nabasowanyu nkuko vyahora aho hambere72-93,ubwaka2 abanyazwe utwabo na BAHUTU na BATWA vyanyazwe na BATUTSI baso wawe nabasowanyu,mbere na basogokuru bawe!!!,uzobaze neza ntamututsi yahunze ngwaje mubihugu duhana imbibe,uko vyose ubizi.bunguruje bavanwa za bururi nazamakamba bazanwa mukiyaya mumatongo yabo bita ngo n’ABAMENJA,(hutu-twa)ivyuvuga ngo turabe iyo tuja ntiturabe iyo twavuye,ahubwo wewe ntukomeye neza,duce rero tubibahebera ivyo binyagano vyacu??bidasubijwe induru nyo iracavuga ndakurahiye!,abo bokwa concilia ntaco biyagiriza muvyabaye mwiki gihugu,ninaco gituma badashaka abashaka kubagira ibikingirizo vyamaronko namatungo vyivyibano,(ibinyagano)turabashigikiye 100%.mukinda mugaramye canke mwicara mbaye nkawawundi ntimukorako,barakingiwe nikiganza c’IMANA na bantu,

  • @Mwami Urumu DD kabisa pee :kuko nibo bahutu bazira umututsi babicishije mukubesha abandi bahutu??kuko nico cabashikanye kubutegetsi .nubu nivyo mwavyuye !!!? Kanyoko @mwami :rumonge ’mugara’ gatete ’kigwena’mabanda’makamba’ etc nabatutsi bariko basohogwa na,Cntb ????sabahutu gusa numututsi kumwe??baryabirirwa baryamye kumuhuza nabatutsi??barya bazosohogwa mu kirundo nabatutsi???? Wesha @mwami wibinyoma uraheba ako kazi baguhaye,ko kwandika ngaha kuko bagushize mumutego abaDD urakajana na waga gwuzuye

  • "Ndangira uwariraye akarigumya, azoriraga umwana ndakurahiye, inanga ntiyibwa ni nk’ingoma ivugirizwa ku nama mubagabo". Mbega abo bagiye muri iryo koraniro ry’ubuta buntu, buca baja mu gihugu kubonana n’intwari z’abadasigana barigumije atari ba mpema yuzuye, ba mpemuke ndamuke? Baraduga bazodusanga.

  • vyose bizoshira hasigare urukundo; reka gupfa ivyo kuri iyisi;
    None ko muzobosiga aha.
    Icabonetse ni uko ata bwoko bwanka ubundi bose bapfa inda gusa.

  • vyose bizoshira hasigare urukundo; reka gupfa ivyo kuri iyisi;
    None ko muzobosiga aha.
    Icabonetse ni uko ata bwoko bwanka ubundi bose bapfa inda gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.