Accueil > Amakuru > Poritike > Abatwara Imbonerakure bavuga ko batazi urwaruka ruheruka kwandikira umukuru (...)
Abatwara Imbonerakure bavuga ko batazi urwaruka ruheruka kwandikira umukuru w’igihugu
mercredi 15 Ndamukiza 2015, par
Urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD rurenga amajana atanu, rudashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza rwamwandikiye rumumenyesha ko rutamushigikiye. Muri buserukizi bw’Imbonerakure bavuga ko abandikiye umukuru w’igihugu batabazi.
Mw’ikete urwo rwaruka rwarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, rumumenyesha ko igihugu nka cose gitekewe n’ubwoba, bamwe bakavuga ko azokwitoza, abandi bakavuga ko atabifitiye uburenganzira. Urwo rwaruka rukamusaba kudata igihugu mw’isanganya. Urwo rwaruka rumenyesha ko amaraso yohava aseseka yorwitirirwa kandi batabishigikiye, bakavuga ko batewe ubwoba n’ibishobora gushikira Uburundi hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubira kwitoza.
Urwo rwaruka rurenga amajana atanu rumenyesha ko Imbonerakure za CNDD FDD zamaze kwigabura, kandi ko benshi muri urwo rwaruka badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha atotangara abonye imbonerakure zahora zimuyoboka zimukuyeko amaboko. Urwo rwaruka rukamenyesha ko naho bari mu rugendo rwabaye kuwa gatandatu, badashigikiye ivyakozwe n’Abagumyabanga ba CNDD FDD bagenda baravuga ko "bazomesa" abadashigikiye ugusubira kwitoza ka Petero Nkurunziza.
Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba kuva mu gacerere, atomore namba azokitwitoza canke atazokwitoza. Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ko azobona ko ari Imbonerakure, niyavuga ko azokwitoza, kuko nibo bazoja imbere mukurwanya ugusubira kwitoza kwiwe.
Mu kiganiro mu buserukizi bukuru bw’urwaruka rw’Imbonerakure batanze kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko batazi izo Mbonerakure zandikiye umukuru w’igihugu, ko abo banditse ari ababiyitirira.

Egide Nduwimana
Messages
15 Ndamukiza 2015, 13:32, par Minani evariste
Ewe abarundi mwabaye gute?aho murakenyeye muduhende ngo n’imbonerakure zanditse urwo rwandiko? Muraja mwibarabara kuko mwabimenyereye < sans échec > reka kwimaramaza mumaramarira kumbonerakure.
15 Ndamukiza 2015, 14:00, par Nuwera
Numunezerontangere kubona abahora binyegeje muri CNDDFDD ataribo bariko bariyerekana atawurinze kubikeka!.
15 Ndamukiza 2015, 14:21, par Noris
Uti abari binyegeje bamenyekanye?!!!ushatse kuvuga abagize ico bashikirije canke?!! nn wewe uremerako uwutazoba yemera ikiringo ca gatatu uzomumesa. Hama turakeneye udusigurire ingene umugumyabanga aba ameze twumveko ivyo kurahira canke kumesana biri mubimuranga.bitarimwo naho nawe ulaba uriwe canke ukunda umugambwe vyiyamirize uzoba ukoze neza.
15 Ndamukiza 2015, 15:44, par kiki
Nimbonerakure nyene kuko nazone ni ibiremwa kandi birapfa, ziva amaraso nkayo abandi bava. kandi zarabonye ivyabaye mu cibitoke, aho ingabo zi gihugu zakoze akazi zijejwe, rero bumvise ico uwurongoye ingabo yaraye avuze ziti ntituzosubira kwisuka mu ruzi tugwita ikiziba, kandi imbonerakure nkuru zabatumye zitigeze zifatwa kandi bazivuze. erega intabwigwa ibwigwa nuko amaso atukuye, kandi uwupfuye ntagaruka. rero namwe mwari musigaye bihebe mwironderere amahoro hamwe nabandi.
15 Ndamukiza 2015, 17:48, par NDUWIMANA
KOMERA KWIBANGA.....MURABONA KO CNDD FDD IKOMEY KUKO YARI YINYEGEJWEMWO IBIHEMU VYINSHI KABISA....
16 Ndamukiza 2015, 08:25, par JOSSEPF
Nihakorwe Amatohoza Hamenyekane Abobamwandikiye Tubumenye.
16 Ndamukiza 2015, 09:13, par Rupande
Mwa ba dd mwe, mworeka kwisambura uwo mugambwe womara nimyaka ijana utwara, none mu nzego zose gushika no mu mbonerakure mwisambure?
16 Ndamukiza 2015, 11:49, par RICMUZIKO
Murashobora guta umwanya kuri tract? Urwandiko rutagirako izina na rimwe canke umukono rurashobora kubatesh umwanya? Abamenyeshamakuru murahengama ku buryo mushikiriza amakuru mukuye muri tract? Muturiye igihugu mukiriko.
16 Ndamukiza 2015, 22:18, par ndikumwenayo
nibakomere ndabashimye!
17 Ndamukiza 2015, 14:41, par JACK BAUER
TWEBWE TURI BWUMA DUHAGAZE NKA I MUGWARUKA RWACU ABO NABO BAVUGA KO BIGABUYE BAHENDWA NABO MUKIBIRI BARAHENDWA.INTSINZI NI KASH MURI CNDD FDD
17 Ndamukiza 2015, 19:49, par BANDYATUYAGA CELESTIN
Ntacomvuze! Abatware Bacu Bwabarengeye Reka Turindire Nibaza Ko Ari Bazima
19 Ndamukiza 2015, 17:41, par sureman
none imuhuza ntaco bimutwaye ko aco abivugako
20 Ndamukiza 2015, 11:07, par MAYOA
JEWE NIYUNVIRAKO ABOBA BASHAKA KWEKANA AHOBAHAGAZE KUKO BARAMBIWE!!! NONE GAYEMWE NTIMUBNAKO TWARUSHE JEWE MBONA BOKWIGIRA AMAREMBE
29 Ndamukiza 2015, 09:03, par MBONABUCA Thiery
ivy’uburundi vyandambiye. uyo mutware wacu ntaw dushigikiye kuko ahahamiye kurya wenyene. yibaza ko igihugu c’UBURUNDI ari icibare ciwe?