Abayoboka Karori NDITIJE bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 29 mars 2016 saa 03:11
Yasomwe : 59364
0 0

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yafashe ingingo y’ugukura ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi abashingamateka bari batowe ku rutonde rw’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI bayoboka umushingamateka Karori NDITIJE.
Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yari yituwe n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira yihweze ko abo bashingamateka batarengeje ikiringo kizwi n’amategeko batitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka.
Abo bashingamateka bayoboka Karori NDITIJE bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka (...)

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yafashe ingingo y’ugukura ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi abashingamateka bari batowe ku rutonde rw’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI bayoboka umushingamateka Karori NDITIJE.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yari yituwe n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira yihweze ko abo bashingamateka batarengeje ikiringo kizwi n’amategeko batitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka.

JPEG - 75.4 ko
Karori NDITIJE, umwe mu bashingamateka bakuwe ku rutonde

Abo bashingamateka bayoboka Karori NDITIJE bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi ni umunani barimwo NDITIJE Karori, BUSOKOZA Bernard, Yves SAHINGUVU, Tasiyano SIBOMANA, Evariste NGAYIMPENDA, GASUHUKE Jacques, MIZERO Mireille hamwe na NDIKUMASABO Therence.

Tasiyano SIBOMANA, umwe muri abo bashingamateka bakuwe ku rutonde, akaba n’umuvugizi wa UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE, yamenyesheje ko iyo ngingo ya sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro itaje guhindura aho bahagaze mu ngingo bafashe y’ukutaja mu nzego zitubahirije ibwirizwa shingiro, akavuga ko bari biteze ko iyo ngingo ibafatirwa. Asaba ahubwo ko hotunganwa ibiganiro vy’amahoro vy’ukurondera umuti w’ibibazo biri mu Burundi.

JPEG - 19.5 ko
Tasiyano SIBOMANA, umwe muri abo bashingamateka bakuwe ku rutonde, akaba n’umuvugizi wa UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE

Kumenyekanisha

1
Bigirimana theogene 15-04-2016 à 05:01

Jewe abo bashingamateka barantangaza mbega twoguma muvyiyumviro bidusubiza inyuma kugera ryari batwaye kuva kera ubutegetsi bwababoreye nuko bahemukiye ibijuju vyari inyuma yabo bigiye kubura ikibivugira bari babasize imbere ngira abanyagihugu turakwite kuza turashishoza abobantu basirwa na micombero tukabava inyuma

2
MANIRABARUTA GEDEON 13-04-2016 à 09:20

IVYO BIJUJU NIBIGENDE BIYERERE,UMUNYAGIHUGU ARASHOBORA KUBIZEZA AMABANGA BIKAYANKA KWERI ?

3
UMWAMI 30-03-2016 à 17:22

Mwisaza canke mureka igihugu kirimwo abagabo apana abashingantahe,muzotwagwa mpaka yezu agarutse,uwuzovyanka nawe gutwagwa na bagabo bijunja nijambo azopfa yiruka nka gahini,asanzarire mukirere nkumuyaga utumukana ufu yimijira,inkona yarafashe ikirere,ntizopfa irekuye,sibimwe vya 93 mwivugira ngo rusake bayiciye umutwe,ubuho inkona izobayongobeza nkifu canke umuyaga wimpenshi niwo wisaza caane,mukinda canke mureka,muzotwagwa tu.tekereza mwemere mwa barundimwe mutwagwe muri demokarasi nyayo yumugambwe CNDD-FDD,umugambwe wintwari,basha umwanya tugihema twebwe IBIKONYOZI vyo kukinka na mpanda na nanjororo,na museso nahandi intwari zanyuze ntimuzokorako ndabarahiye:IMANA yo mwijuru niyo cabona,Amen amen...............................!

4
kasim 30-03-2016 à 16:51

NUBUNDI BOSE NI ABAKUKURUKE NIBAJE MUKARUHUKO,BAREKE URWARUKA RUKOMEZE AKAZI, APANA ABOBARIYE AMA RETA YOSE YABAYE MUBURUNDI.

5
tari 30-03-2016 à 12:14

Nakomere kumuheto mutama nditije yaryumyeko yase kwihindukiza mwijambo nka agathon we yahisemwo kuja gutamba kumivyimba aba fnl birirwa baricwa nawe asomera

6
NONE IGIHE BATEMEWE NAMATEGEKO BAGOMBA IKI ?UBURUNDI BAGOMBA KOBWAMA MUNDURU NIBKEBUKE 29-03-2016 à 20:21

SERGES NIYUHIRE

7
Jonathan 29-03-2016 à 18:45

Mbega sindumuja arihenda ngo afise leta ni mukomere mutama Sibomana imana ibitse Ivyiza imbere hogukorana na bajura na bicanyi mbega ubona sindumuja Peter ivyo arimo na kamaramaza agakundi kabicanyi na bajura kayobowe na Nyamitwe na Bunyoni imisi yabo amakungu arayibara kutoki twebwe abenegihugu turabakeje kutaja murako kangwi kiyita leta.isi yose ikamaganira Kure aah UA ibindi bihaano kubigaza vyamahera mbega sindumuja na Nyamitwe muzak uraho ayo mwahora mutanga mwiremetanya bye bye

8
Kagabo 29-03-2016 à 18:38

Futa Izonjavyi. Umuhutu Yarihaye Ijambo. Komera Mutama Peter

9
Juma 29-03-2016 à 16:43

Bwabundi iburundi haracari abagabo nimukomere btakamato kokujamurireta yabicanyi bashaka kumesa isigose

10
Nzoyihaya J.M 29-03-2016 à 16:36

ahubwo bihoyubusa gikuru nibiganiro bidakumira tukaja muntwaro yubahiriza amategeko

11
Turimaso 29-03-2016 à 16:19

Ihagane Batama Ntagukorana Nabameja Igihe Canyu Kirahari Natwe Turabashigikiye Iyoturi Namasuka Yacu Aba Dede Nabo Nibarindire Tuzobazira

12
matana 29-03-2016 à 15:39

Ntimuri basumirinda.
IMANA IBAZIGAME

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha