Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigisha bafashe ingingo yo guha amanota abanyeshure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abigisha bafashe ingingo yo guha amanota abanyeshure

Abigisha bafashe ingingo yo guha amanota abanyeshure

dimanche 13 Nzero 2013

Amasendika 4 y’abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye CONAPES,STEB,SLEB na SYNAPP amenyesha ko yemeye gutanga amanota y’abanyeshure y’igice ca mbere. Ariko ngo yatanze ikiringo c’indwi zitatu kugira Reta ibumvirize, ataraho ngo bazoca basubira guhagarika akazi. Biyamiriza ingene kunganisha imishahara mu bakozi ba Reta biriko birakorwa.

Hari haheze hafi ukwezi abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye bahagaritse akazi, baca banka no gutanga amanota y’abanyeshure y’igice ca mbere. Biyamiriza ingene igikorwa co kunganisha imishahara kiriko kirakorwa na Reta. Iyo nayo yavuze ko izohagarika ku bakozi bahembwa menshi uturusho twahora duhabwa abakozi iyo umwaka uheze hanyuma utwo turusho duhabwe abakozi Reta ivuga ko bahembwa umushahara mutoya. Amasendika y’abigisha mu mashure matomato n’ayisumbuye nayo akavuga ko ataho vyabonetse ko umukozi agabanirizwa umushahara canke akareka gushimirwa iyo umwaka utashe kandi ata makosa yakoze. Bari basavye ko hoba ibiganiro na Reta kuko ngo batagishijwe inama.

Reta yari yamenyesheje ko igiye kubafatira ibihano kuko banse guha amanota abanyeshure. Mu nama abo bigisha bagize, bumvikanye ko bagiye gutanga ayo manota kugira bereke Reta ko bafise ugushaka kwo kuganira. Mu gihe indwi zitatu zohera ngo Reta itarerekana ko ishaka kuganira n’ayo masendika, Emmanuel Mashandari arongoye imwe muri ayo ma sendika CONAPES avuga ko bazoca basubira guhagarika akazi ngo bongere bafate n’izindi ngingo ruhasha.

Ingaruka mbi z’iyo yegereyegere y’abarimu zari zatanguye kwibonekeza. Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye mu ntara ya Bururi bari bahagaritse ivyigwa kuko batararonswa amanota y’igice ca mbere.

Vyatanguye ku wa gatatu italike 9 Nzero aho abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye ry’i Bururi banse kwinjira mw’ishure ngo kuko bataronkejwe amanota y’igice ca mbere. Kubw’abo banyeshure ngo biragoye kubandanya wiga utamenye umwimbu wakoreye igice cose. Mugihe abarongoye iryo shure babakoresheje inama ariko abo banyeshure ntibisubireko,kuri uyu wa kane abarongoye Lycée Bururi bahisemwo gufata ingingo yo kwirukana abo banyeshure kugira ngo ntibabandanye bagaburira abanyeshure batariko bariga.

Abo banyeshure bemeza ko bopfuma bataha aho kwiga batarabwirwa amanota, ntibatevye kuva mu bigo vy’iryo shure baca bisubirira iwabo.

Kiretse abo banyeshure b’i Bururi eka n’abanyeshure bo kuri Lycée Matana nabo nyene bahisemwo guhagarika kwiga, aho bazindukiye kukibuga c’i Matana baca bavuga ko atagikorwa na kimwe bashobora gukora bataronkejwe amanota yabo y’igice ca mbere. Umuyobozi wa Lycée Matana akaba yariko arabajenama ko bosubira kwiga mukurindira ko abigisha bafata ingingo yo gutanga amanota.

Mugihe abo banyeshure bahisemwo kutinjira mw’ishure abigisha bobo batonda ukuri kwamye mbere bakigisha eka n’ugukosora bakabikora, ico badakora n’ukwereka amanota abanyeshure.

Kw’ishure ritoya ryo mu Gakora muri zone kizuka komine Rumonge aho nyene mu ntara ya Bururi hoho n’abigisha bahisemwo guhagarika imirimo ngo kuko umuyobozi wabo yabatukiye imbere y’abanyeshure ngo kubera baterekanye amanita.

Ivyo vyose bikava ku ngingo abigisha bari bafashe yo kudatanga amanota kugira bagondoze Reta ibumvirize ku bijanye n’icirwa cakozwe n’umuhinga kubijanye no kunganisha imishahara y’abakozi ba Reta. Ariko rero abo bigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye bahurikiye mu masendika ane CONAPES,STEB,SLEB na SYNAPP bumvikanye ko bazotanga amanota kuva kuri uyu wa mbere italike 14 Nzero 2013 mu kurindira ko Reta yobumviriza kugira ibibazo vyabo bitoregwe umuti.


Pierre Claver Niyonkuru na Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.