Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abunguruza abantu ku mapikipiki babujijwe kwinjira muri komine (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Abunguruza abantu ku mapikipiki babujijwe kwinjira muri komine (...)

Abunguruza abantu ku mapikipiki babujijwe kwinjira muri komine Mukaza

mardi 16 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu nama y’umutekano yagirishijwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA yafashe ingingo ko ata pikipiki izosubira gushika mu gisagara ca Bujumbura muri Komine ya Mukaza. Iyo ngingo ikaba yafashwe ku mvo y’uko, kubw’abajejwe intwaro, abatera amagerenade mu gisagara ca Bujumbura biyunguruza kuri izo pikipiki.

Muri iyo nama yagirishijwe abakuru b’amazone, abakuru b’amakaritiye hamwe n’abakuru b’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yamenyesheje ko kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2016, abunguruza abantu bakoresheje amapikipiki batarekuriwe gushika mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Mukaza.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yasavye abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura kuza barakorana n’abajejwe umutekano, mu kudoma urutoke ku bantu bahungabanya umutekano muma zone n’amakaritiye barongoye.


IGIHE

Messages

  • NIBAREKE ABAKORA BAKO UWO SI UWO MUT UMUT NUKO ABANTU NDANYAGUKO UMURYAMBWABUMWE AGATUKISHA UMURYANG

  • Nibagire Turabe Ko Umutekano Wogaruka Mugisagara.

  • Abagendesha Amapikipiki Bose si abagizibanabi. Ahubwo ingorane zica ziyongera Solution nuko umunyagihugu wese yodomako urutoke abobicanyi kuko mukwica ntibacagura nincuti barajaniranya.

  • Ejo bundi abo bunguruza abantu ku mapikipiki nibo bari imbere mu myiyerekano ngo yogutera ivyitsi Kagame!!! Ngo niwe ahungabanya umutekano w’u Burundi none nabo babashize mu bawuhungabanya kandi bibaviriyemwo kuzimirizwa imbabura

  • We are ready,abasore mutibwire ko mwiteguye tubereke,Injugu ingene zivuga hemwe!!!!ntabwo muzi intambara mwebwe,try to cross our boundry you will see.

  • @ X, abonyene ntubigereranyeko barazi akamaro kokwitwa abene Burundi icociyumviro cokubabuza gushika ahuvuze babifisemwo urahara kuko imbere yokubishiramugiro bananje kwicarahamwe bareba ikibereye nubobitarivyiza kubamotari barevye igisumba ikindi, ntugasubire kubakinako rero nejobundi mukwiyamiriza umwasi wuburundi bazoba abambere ineza yigihugu cabo imbere hagakurikira kunezerwa.

  • Serekali yagize nezape gufata ico cemezo kuko abarundi dushaka amahoro mugihugu cacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.