IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > "Agati k’Imana"mu birori vy’igabanurwa ry’ibiciro muri Econet

"Agati k’Imana"mu birori vy’igabanurwa ry’ibiciro muri Econet

vendredi 6 Kigarama 2013

Ibirori vyo guheraheza uruganda rwo kumenyesha ibiciro bishasha vy’ishirahamwe Econet "Vyemere Nivyo", vyasozerewe n’indirimbo n’intambo n’utundi tugenegene twagizwe n’urwaruka rwatumiwe kwifadikanya na Econet kuryosha ibirori.

Hari nk’igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo ine n’itanu (15h 45), aho umurwi w’urwaruka werekana intambo zitandukanye, n’utugenegene. Hari hagati mu gisagara ca Bujumbura, imbere yahakunzwe kwitwa “BATA”. Abantu isinzi bari bishikiye kuratira ijisho ivyo birori. Abo batamba barimwo abahungu n’abakobwa, bambaye imipira ya Econet, eka n’abandi batari bayambaye babonetse muri izo ntambo zitandukanye.

Icashoboye kumenyekana n’uko urwo rwaruka ruhurikiye mu murwi “Agati k’Imana”. Abo batamba rero ryari ishami ry’uwo murwi ryitwa” Agati dancing”. Nk’uko Kefa Jean Claude ari muri uwo murwi ugizwe n’urwaruka 35 abimenyesha, uwo murwi wavutse kugira bashire inguvu hamwe maze barondere kwiteza imbere. Abandanya amenyesha ko n’ivyo bariko batamba, babitumwe n’ishirahamwe Econet kugira bafashanye naryo iyugururwa ry’ibiciro bishasha.

Tubibutseko uno munsi hiriwe ibirori vyaho iryo shirahamwe rymenyesha ku mugaragaro ibiciro bitari bimenyerewe muri uwo muhora w’itumatumanako ry’amakuru, eka no ku yindi mihora. Izo ntambo n’indirimbo zariko zibera muri ico ikibanza, zahamagaye abantu benshi bamwe basa n’abatazi ivyabaye, ababimenye nabo, bavuga ko n’iyindi mihora yogira nk’ukwo. Bakabivuga bafatiye k’ubukene bubugarije n’akamaro ko gutumatumana kw’amakuru.

Abanyagihugu rero bakipfuza ko ivyo biciro bitohinduka inyuma y’iminsi mike, ngo bisubire kuduga, bongera kandi basaba ko ngendanwa zagabanijwe igiciro c’ikiguzi ko butoca kabiri ngo ziraheze mu maduka, hokwongerezwa kandi bimwe bita”Reseaux” kugira iryo gabanuka ntiritere impambamyi zo kubura umurongo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.