Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Agence Maryline izobashikiriza umuderi mushasha wakozwe n’abahinga (...)
Agence Maryline izobashikiriza umuderi mushasha wakozwe n’abahinga karuhariwe
jeudi 6 Ntwarante 2014
Ishirahamwe "Agence"Maryline isanzwe itunganya ibiteramo vy’inyambaro "Mode" haba i Bujumbura no mu bi ndi bibanza bitandukanye, izokwifadikanya n’iyindi yo mu Rwanda yitwa Rupari Agence muguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Ishirahamwe "Agence" Maryline ryifadikanije n’ishirahamwe ryo mu gihugu c’Urwanda Rupari Agence bateguye igiteramo co kwifadikanya n’abandi bakenyezi. Ico giteramo bacise ’’Et Dieu crea la femme". Marie Claire Panafrica, arongoye MaryLine asigura ico civugo muri aya majambo. Ati:" Twashatse kuvuga uruhara rw’umukenyezi kuva Imana ikimurema gushika aho atanga ubuzima,akaba inkingi y’urugo, n’umushinge w’iterambere".
Panafrica atugira k’umuriri ko kuri uwo munsi batumiye imirwi myinshi y’abantu basanzwe bakora imideri "Mode". Muri giteramo, umurwi "Maryline" aramenyeshako bateguye ibintu bitandukanye harimwo n’imideri y’impuzu. Bamwe mubazobereye mu bintu vy’inyambaro, atanga akarorero k’uwitwaFrédéric Tourrousso umurundi abizobereyemwo kuva kera cane, uwitwa Guy Maza nawe n’umuhinga mu vyo gihungura impuzu mu buryo buhanitse ariko yigana akaranga k’uburundi, na Rupari Agence yo mu Rwanda irongowe na Cyntia Rupari amaze kuja mu mahiganwa y’imideri aho mu gihugu iwabo, azoba aje gutera iteka ico kirori azanye n’umuderi mushasha. Iruhande ya Cynthia, hazoza kandi umuririmvyikazi Lioni wo mu Rwanda ari nawe azoteramisha ibirori.

Ivyo rero, Maryline yabiteguye iri kumwe n’ishirahamwe "Collectif Maoni"ihurikiyemwo abanyamyuga n’utugenene bo mu Burundi. Naho azoba ari umunsi mukuru w’abakenyezi, hazoba harimwo abahungu 4 bazogira "defile de mode" kugira bashigikire abakenyezi. "Defile de mode" "kimwe mubizoranga uwo munsi.
Hazoba ari kuri uwo w’agatandatu igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuri Kiss Club de Bujumbura, kwinjira n’amahera 25.000 mu bibanza vy’iteka. Hazoba harimwo ico kunywa n’ico kurya, hamwe n’ibihumbi 10.000 mu bindi bibanza.
Panafrica arangiza avugako bigenze nk’uko bavyipfuza azoca afasha bamwe muri ba ntahonikora bari mu gisagara ca Bujumbura.




Chérif Nkeshimana
Messages
7 Ntwarante 2014, 13:59, par gicocoro
Turizeyeko bizogenda neza.
9 Ntwarante 2014, 15:15, par gaju
rwose ibibintu nibyiza cyane!