IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Agence Umuringa : "Abanyarwanda bipfuza ko dukorana kubera babona (...)

Agence Umuringa : "Abanyarwanda bipfuza ko dukorana kubera babona dushoboye"

mercredi 8 Gitugutu 2014

Ikigo c’abanyamideri "Agence Umuringa" kirashimishwa n’ubutumire cahawe ku munsi urangiza indwi yahariwe imideri mu Rwanda. Kujabukana imbibe akaranga k’Uburundi, kwerekana ico Abarundi bashoboye mu gusubiza itoto akaranga, vyabereye inyungu ihambaye abahurikiye muri "Agence Umuringa".

JPEG - 34.4 ko
Ketsie

Indwi yahariwe akaranga n’imideri yo mu Rwanda "Rwanda Cultural Fashion Week" ku ncuro ya kabiri yatumiye abanyamideri n’intambuko bari mu kigo "Agence Umuringa" bo mu Burundi. Ubwo butumire bwabaye akaryo keza ku banyamideri bo muri "Agence Umuringa" ko kwerekana kandi uko Abarundi bashaza bakaberwa mu mideri bonyene birondereye.

Abigeme batanu n’umuhungu umwe, batambuka birebanga imbere y’ishengero ry’Abanyarwanda n’abandi batumire, bambaye ubundi bwoko bushasha bw’umuderi bwerekana ubwiza bw’umukenyezi w’umurundi. Abo bigeme baserukiye Uburundi ni Vanessa, Josianne, Sarah , Cadette, Ketsia hamwe n’umuhungu Ray Willson.

Alice-Anny Akingabiye arongoye "Agence Umuringa" ati:"Ni mu ntumbero yo gukomeza ubucuti bwa "Agence Umuringa" n’ama "Agence" y’i Kigali. Twatumiwe kuko badukurikiranira hafi, bakunda ingene dukora ari navyo vyatumye basubira kudutumira kuko badukunda. Bipfuza ko twokorana nk’abavandimwe. Ku ruhande rwacu ni mu ntumbero yokwerekana akaranga k’i Burundi tubicishije mu nyambaro. Twemeye kujabuka uruzi Kanyaru kugira dutere iteka amabara y’igihugu cacu i Kigali kandi tukaba twishimiye ivyabaye kuko Uburundi burashoboye."

Mwomenya ko "Rwanda Cultural Fashion Week 2014" ku ncuro ya kabiri hatumiwe Abarundi gusa mu gihe mu mwaka w’2013 n’ibindi bihugu vyari vyatumiwe. Ikindi n’uko "Agence Umuringa" igiye kwitegurira gutunganya indwi nk’iyo yahariwe imideri.

JPEG - 87.4 ko
Vanessa

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbega akaranga k’uburundi n’ako? ehe ntimwambaye. Ntimuzosubire kubeshera akaranga k’uburundi. Uyu munyamakuru canke uwariwe wese yavuze ngo aho berekanye akaranga k’uburundi: arabesha. Umwigeme canke umukenyezi w’umurundikazi arambara akikwiza. None ehe.. Murabesha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.