IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Uko ibirori vya "Um’ Fashion"bitegurwa na "Agence Umuringa" vyari (...)

Uko ibirori vya "Um’ Fashion"bitegurwa na "Agence Umuringa" vyari bimeze

lundi 2 Ruhuhuma 2015

Agence Umuringa yatanguje ibirori bizokwama biba uko umwaka utanguye, intumbero y’umugambi wa "Um’ Fashion" ni kwerekana ku mugaragaro ibikorwa vy’urwaruka imbere y’abagwizatunga.

Ibirori vyo kwugurura incuro ya mbere umugambi "Um’ Fashion"canke "Umuringa Fashion" vyabaye mw’ijoro ry’igenekerezo rya 31 Nzero. Ivyo birori vyuguruye n’umurirmvyi Gaby yavugirizwa igitari na Arnaud Nganji wo mu murwi Moutcho. Ibirori vy’agakura vyateguwe na "Agence Umuringa" vyahuje urwaruka rusanze ruri mu gisata c’imideri muri Agence Umuringa hamwe n’abandi banyamideri bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika nko muri Congo Kinshasa, mu Rwanda na Cote d’Ivoire.

Arielle Bukuru arongoye igisata ca "mannequinat"muri Agence, avuga ko uwo munsi watangujwe ku ciyumviro co guteza imbere urwaruka mu kuruhuza n’abagwizatunga aho abo banyuma bashobora kuba ivyo urwaruka rushoboye hama bagaheza bakarwikorako. Mu birori vya "Um’ Fashion", iruhande y’intambuko n’imideri mishasha (defile de mode), abivuga amazina haherekejwe indirimbo ivyo bitwa "Slam", abatangaza ibicapo vyabo (peintres), abakora ibintu vyo gutwenza (humoristes), abaririmvyi nka Ninteretse Christian yatwaye Primusic 2014, Gaby Igwe hamwe n’umurwi Moutcho.

Ibirori vyitabwe n’abatari bake, naho hari abavuga ko amahera yo kwinjira yari menshi harimwo abaserukiye ubushikiranginji bw’urwaruka inkino n’imicokama n’abandi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.