Accueil > Amakuru > Amashuri > Akamo kabandanya guterwa abanyeshure ntikakirwa neza
Akamo kabandanya guterwa abanyeshure ntikakirwa neza
lundi 8 Ruheshi 2015
Mu gihe akamo ko guhamagarira abanyeshure yaba abo muri kaminuza y’Uburundi canke abo mu mashure yandi gusubira kwiga vuba, ako kamo ntikitabwe nk’uko vyari vyitezwe.
Mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, abana bariko barakinira mu mabarabara, abakuze nabo, ukababona mu turwi turwi. Bamwe mu bavyeyi bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bavuga ko batorungika abana babo, mu gihe atawukimenya iyo amasasu aje azananye, co kimwe n’amagrenade asigaye aterwa abariko baradandaza n’abahita, ndetse umwanya uwariwo wose, ukumva ziraturaguritse. Yatubwiye ko, uko igihugu kimeze atawopfa kurungika umwana wiwe kw’ishure.
Mwomenya ko no mu ntara hagati ahariko harabera imyiyerekano, naho nyene abategetsi baho n’imvukira bagaragaza ugushaka kw’abana babo baja ku mashure, ivyo bikaba vyavugiwe mu ntara ya Bururi, ahari hahuriye na bamwe mu mvukira z’iyo ntara, bari kumwe n’abategetsi b’intara n’amashure. Basavye abanyeshure batashe bavuye mu ndaro canke abanyeshure biga bataha, bose gusubira ku mashure vuba.
IGIHE
Messages
8 Ruheshi 2015, 13:08, par NZOJIYOBIRI
mbega icatumy imirimo imw imwe ihagarara coba catorew inyushu?mbe icatumy abanyeshure bataha mungo zabo abandi nabo bakabirukana igikubikubi bamaze kugitorera inyishu? MURIMAKE NUBU BIRAGARAGARA KO ATAMUTEKANO UKWIYE URI MUGIHUGU CACU.Muvyukuri:"NTAAWO KWITA MURUZI ARWITA IKIZIBA! "
8 Ruheshi 2015, 14:13
Babwire None Izontara Muvuga Zohagati Mufatira Mubwinshi Ni Izihe Ko Basigaranye Umurindi W.Inkoko Kitayibuza Kunya Imbere Y.Inzu Bazohinyuka
8 Ruheshi 2015, 15:01, par kankuze emery
mbe dusubrayo gukora iki?imyiyerakano yatumye dutaha yarahez?abo badutumako nabashaka kutwica!
8 Ruheshi 2015, 15:02, par kankuze emery
mbe dusubrayo gukora iki?imyiyerakano yatumye dutaha yarahez?abo badutumako nabashaka kutwica!
8 Ruheshi 2015, 16:24, par googles
muzosanga uwo bita VUGANEZA abarindiriye n imetero ipima izuru utari umuhutu ntiwinjira
8 Ruheshi 2015, 21:50, par Coco bi
Mbega abavyeyi bubu ntimugikunda abana banyu!Cnk babateye uruhuni,ubwo sese ndababaz,nigik catumy bataha?Caratorew inyishu?Nyishura murakoze.
9 Ruheshi 2015, 03:57, par ongeya
jewe abo barundi barantangaza cane...ni murabe nka CENI yasohoye horaire y’amatora mugihe hari hakwiriye gusohoka ico abatavuga rumwe na CNDD FDD aribo ba opposant ico bafunditse mubiganiro bazogagirana,ubu naho umva uwundi umengo ariko ararazirana ahamagaza abanyeshure gusubira kwumashura mugihe ataranegeranya abarimu ngo abakwize mumashure yose,nayo ubundi ntamuvyeyi yokwubahuka kurungika umwana kw’ishure wenyene atanzira akironka yokuja kukazi..muraraba neza mwosanga CNDD FDD bafata akamogi sigusa