Reta y’Uburundi imenyesha ko igihugu cose gifise abanyagihugu baco mu Burundi, kandi cipfuza kubakurayo kibifitiye uburenganzira.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe amenyesha ko Reta y’uburundi izobandanya gukora ivyo yiyemeje mu gukingira abarundi n’abanyamahanga bose.
Ivyo reta y’Uburundi ibishikirije inyuma yaho ku musi w’Imana reta zunze ubumwe za Amerika zasohoye itangazo ribuza abanyamerika kuja mu Burundi, risaba kandi abari mu Burundi kuvayo vuba bwango, mu gihe umutekano ubugizi bwa nabi bubandanya bwiyongera.
Alain Nyamitwe amenyesha ko Reta y’uburundi igenzura ibijanye n’umutekano, mu gihugu, harimwo n’umurwa mukuru w’igihugu . Avuga kandi ko atamunyamahanga yagizweko iterabwoba canke yishwe mu Burundi kuva imyiyerekano itanguye.
Ivyo vyashikirijwe inyuma y’aho bimwe mu bihugu bifise ubuserukizi mu Burundi harimwo n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,basabiye abakozi babo badakenewe cane kuva mu Burundi kubera ikibazo c’umutekano muke ubandanya kwibonekeza.
Mana tabar uburundi igihe bumaz mu ntambara kirahagije.