Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Alexandra Lamy yahukanye na Jean Dujardin
Alexandra Lamy yahukanye na Jean Dujardin
mardi 5 Munyonyo 2013
Kwahukana kwabo kwamaze kuvugwa. Ikinyamakuru Voici camaze gutangaza ayo makuru. Ivyo bibaye haheze iminsi binuganugwa ko batakibana, irya vuzwe riratashe, Alexandra Lamy na Jean Dujardin bavyumvikanye kuvana ata manza zigiyemwo.

Ikinyamakuru Voici mukwemeza iyi nkuru, ni uko Alexandra yimukiye i Londres batarikumwe n’uwo bari bamaranye imyaka 10, yijaniye na Chloe Jouannet, umukobwa wiwe w’imyaka 16. Alexandra Lamy na Jean Dujardin bari mu bantu bazwi cane ku mbonesha kure no mu mareresi yo mu gihugu c’Ubufaransa. Bamwe n’abandi bibazako ko kwahukana kwabo kuzoherera mu butungane. Abo bari babeshuje bivuye inyuma ko abavuga ko bagira bahukane bababeshera, ariko amezi cumi yaraheze umubano wabo ucumbagira, kuko umwe wese yigira mu vyiwe, mu misi itari iy’akazi naho, wasanga umwe wese yasohokanye n’abagenzi biwe canke akaba ari kumwe n’abana bavyaranye ku bandi.

Mwomenya ko Alexandra Lamy avukana n’umukinyi w’amareresi Audrey Lamy. Chloe Jouannet yamuvyaranye na Thomas Jouannet, uwo bahukanye mu mwaka 2003. Ico gihe yaciye ahura na Jean Dujardin aho yariko ategura ireresi « Un gars, une fille » yamenyekanye cane kuri Chouchou et Loulou. Dujardin na Alexandra nta mwana bavyaranye.

Chérif Nkeshimana