IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Alexandre Niyungeko yasubiye gutorwa ngo arongore sendika y’abamenyeshamakuru

Alexandre Niyungeko yasubiye gutorwa ngo arongore sendika y’abamenyeshamakuru UBJ

dimanche 2 Kigarama 2012

Ku burongozi bw’umuryango uhuza abamenyeshamakuru bose bo mu Burundi UBJ hasubiye kwizerwa Alexandre Niyungeko yaramaze imyaka itatu muri ico kibanza, icegera ciwe yabaye umukenyezi Marie Claire Ndikumana mugihe ico kibanza cahorana umugabo.

Abamenyeshamakuru bari basidukanye n’iyonka gutora umukuru w’ishirahamwe ari nayo sendika ibahuza UBJ kuri uyu wa gatandatu mu kigo c’abamenyeshamakuru Maison de la Presse.
‘’Nzokwihutira guharanira ubwigenge bwo kumenyeshamakuru, nzoba hagufi umumenyeshamakuru agateke kiwe kazoba kahohotewe, nzokurikirana aho ikigega co go gufasha abamenyeshamakuru kigeze,……’’ ayo niyo majambo Alexandre Niyungeko yashikirije amaze gusubira kwizerwa n’abamenyeshamakuru bagenzi we ngo arongore UBJ, yaramaze ikiringo c’imyaka itatu muri ico kibanza. Asanzwe ari umumenyeshamakuru ku mboneshakure y’igihugu. Marie Claire Ndikumana, umumenyeshamakuru wo kw’iradiyo yigenga RPA yatowe kuba icegera c’uwurongoye UBJ. Ico kibanza cahorana umugabo Jerome Niyonzima umumenyeshamakuru wo kw’iradiyo yigenga Isanganiro, nawe nyene yari yasubiye kwitoza naho ataronse amahirwe. N’ikibanza c’umunyamabanga mukuru catahiye umukenyezi. Abamenyeshamakuru b’abakenyezi n’abakobwa barashima ko bagenzi babo bagiye mu nzego zigiye kurongora UBJ.

Hategerezwa gusubiriza inzego nshasha zigizwe n’umukuru wa UBJ, icegera ciwe, umunyamabanga mukuru, umunyabigega hamwe n’abakenguza ibikorwa vy’uwo muryango.

Indongozi nshasha ziyemeje kandi gukurikira integuro y’itegeko rigenga abamenyeshamakuru rigeze mu nama nshingamateka. Abo ryega bararyiyamirije bavuga ko rije kubacinyiza kuko ata vyiyumviro bigeze baterera. Muri iyo nteguro nshasha bitegekanijwe ko umumenyeshamakuru yerekana iyo yakuye inkuru ageze imbere y’ubutungane ico bita mu gifaransa ’’revelation des sources’’. Aho abamenyeshamakuru n’abahinga bavuga ko iyo ngingo ije gusubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyeshamakuru kuko ata muntu n’umwe azosubira kwizera ngo ahe inkuru amaradiyo n’ibinyamakuru kugutinya ko borengutswa imbere y’ubutungane. Bavuga ko kw’isi nzima umumenyeshamakuru ategerezwa gukingira aho yakuye inkuru, ico bita ‘’Potection des sources’’.

Umuryango w’abamenyeshamakuru UBJ uramaze igihe usaba ko hovaho ibihano vyo gufunga abamenyeshamakuru, ico bita ‘’Depenalisation des delits de presse’’, indongozi nshasha ziyemeje kubandanya urwo rugamba. Ikindi biyemeje gukurikiranira hagufi n’icerekeye ikigega co gufasha amamenyeshamakuru cemewe na reta kirimwo amafaranga angana n’imilioni cumi.

Inzego zatowe zifise ikiringi c’imyaka itatu hanyuma zigasubirizwa.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.