Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Amafoto yaranze indirimbo ‘Babby Girl’ ya Happy Famba na Jay Fire
Amafoto yaranze indirimbo ‘Babby Girl’ ya Happy Famba na Jay Fire
jeudi 5 Nyakanga 2013
Indirimbo ’Babby Girl’ ya Happy Famba na mugenzi we Jay Fire igiye gukorwa ku buryo izoboneka amasanamu, inyuma yaho iyo ndirimbo bigaragariye ko yakunzwe n’abantu benshi.
Abo baririmvyi bari bayikoze mu buryo bwo kwumva ( Audio) mu mwaka w’2012, inyuma y’uko imenyekanye cane, abo baririmvyi bafashe intumbero yo kuyikora mu buryo bufise n’amasanamu.



Amasanamu yayo bakaba bayakoreye ahantu hatandukanye, harimwo nk’aho bita Ubuntu Residence no kuri Bora Bora. Happy Famba yamenyeshejeko amasanamu y’iyio ndirimbo azoba yagaragaye mu minsi ya vuba hatarenze ikiringo c’iminsi 10.



Joel Sengurebe