Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abigisha yagiriza Reta kudindiza umugambi wo kunganisha (...)
Amasendika y’abigisha yagiriza Reta kudindiza umugambi wo kunganisha imishahara
lundi 15 Nyakanga 2014
Ingingo yafashwe na Reta yo kuzana abahinga bandi mpuzamakungu basubira kwiga ingene ubusumbasumbane bw’imishahara bwokosorwa bisa no kwinyegezanya n’abanyamasendika, kugira Reta ntishire mu ngiro ivyo yari yiyemeje nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES.
Umwaka w’ishure wundi uratanguye abigisha bagifise ya myidogo nyene, na cane cane yerekeye ca kibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Nyakanga, Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES (Conseil National du Personnel des Enseignatns du Secondaire) yagiriza Reta ko ivyo iriko igira ata kindi bigamije atari kudindiza umugambi wo kunganisha imishahara, aho ni mu gihe iherutse kuzana abandi bahinga mpuzamakungu baza kwiga ikosorwa ry’ubwo busumbasumbane.
- Emmanuel Mashandari umukuru wa sendika CONAPES
Kubwa Emmanuel Mashandari, hari ibimenyetso vyinshi bigaragaza ko Reta ata gushaka ifise kugira iteze imbere uwo mugambi. Insiguro ya mbere atanga n’uko hari uwundi muhinga mpuzamakungu yari yakoze icigwa, inyuma y’aho barashoboye gushika ku cegeranyo bise "Scénario consensuel à présenter au gouvernement pour analyse et pour adoption", ndetse cari cateweko igikumu n’impande zose kuwa 24 Rusama 2014, ariko ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta bukaba butigeze bwemera kugishikiriza mu nama nshikiranganji, Reta ahubwo yashimye kuzana abandi bahinga. Kubona kandi Reta iriko itegura amafaranga izokoresha mu mwaka w’2015 mu gihe ata cegeranyo kirasohoka, n’uko no mu mwaka uza ivyerekeye gukosora ubwo busumbasumbane bitazoshoboka.
Emmanuel Mashandari umukuru wa sendika CONAPES asaba Reta gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, aho kwama ikoresha imvugo itajana n’ingiro.
Floxella Karire
Messages
16 Nyakanga 2014, 07:23, par Kezumutima Ladislas
ivyokunganisha imishahara biragoye kandi ntivyokunda abantu batari mubisata bimw henshi usanga namasaha yakazi atandukanye.
16 Nyakanga 2014, 20:41, par Kwizera Audace
Intereranoyanje Niyi N’uko Reta Yokura Icokibazo Munzira,kubera Kidaheze Nkatwebwe Abanyeshu Biducako Bikadusigako Imvune.Reta Nibishirimbere Nkuko Ishirimbere Kwitegurira Igihe C’amatora,vyodushimisha Cane Kandi N’abandi Vyobanezera.Murakoze