Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza casubiye kuvirwa hasi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza casubiye kuvirwa hasi

Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza casubiye kuvirwa hasi

lundi 26 Nzero 2015

Amashirahamwe arenga amajana atatu yo mu Burundi adaharanira inyungu za poritike, yatanguje urugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atohirahira ngo ahonyange ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’amahoro y’i Arusha mu kwitoza mu kiringo ca gatatu. Vital Nshimirimana umwe mu bavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, akaba yasiguye ko umukuru w’igihugu ariko araheraheza ibiringo vyiwe ahabwa n’amategeko bibiri. Bamusaba ko atokwitoza mu kwubahiriza amategeko, ndetse no mu gukinga akajagari ko kwaduka. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akavuga ko ahubwo kugira umukuru w’igihugu akure impari mu bantu, yategerezwa kuba yamaze kuvuga ko atazitoza.

Bakamusaba ivyo, mu gihe abatari bake yaba abo mu migambwe, amashengero, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe no mu mugambwe avamwo nyene CNDD-FDD, hari bamwe bamaze kugaragaza ko badashaka ko asubira kwitoza ubwa gatatu. Aha tukavuga nk’umukenguzamateka Richard Nimbesha, umwe mu batanguje uwo mugambwe.

Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza avuga ko hamwe umugambwe wiwe womutanga, atacobuza yitoza, hanyuma sentare ntahinyuzwa yonyene igaheza ikazoca urubanza. Ariko abo muri ayo mashirahamwe bakaba batizeye iyo sentare, mu gihe abayarongoye, bavuga ko bacibuka n’iyirukanwa ry’abashingamateka 22 ubutarariye mu nama nshingamateka , iyo sentare irorera. Bakabona ko iyo sentare atao itandukaniye n’izindi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ko azi neza ko atabirekuriwe n amategeko ashaka kudusuka mu ndwano gusa!!!None muri kino gihugu nta ba dd bandi bokwitoza nka notre Rufyikiri Gervais, nka Adophe nshumirimana ,nka bunyoni nka ndakugarika !!!HIIII..ni imfyisi nsa pe>>>> Tureke uwo mu pasteur w umu escro !!!!??Ariko si na we arazi ko abesha Imana yo ntikinishwa nk abahutu bato bashaka uduceri n ibindi!!!!Hewe reka gukwega indwano kuo nawe ufise umubiri n uruvyaroko mbona uvyara nka ba so kera>>>>>????Dukure ko induro n ubugome bwinshi ufise

  • yemweyemwe uburundi nabwo bugeze ahatemba aha abavuye kunya booooseeee bashaka kwitavaza kubantu!!!!!mbega uwo vitar we ivyo yadukanye nibiki????genduragirinka ivya poritike ubireke apana kuba mwinyegeza inyuma yamashirahamwe adaharanira inyingu za poritike hama munyuma mukavuga poritike??sonza wigumvye cndd fdd nayo iyireke kuko ntuzi aho yavuye!!!! mukinda mugaramvye mwicara azobatwara tuuuuu mwabijuju mwe!!!

  • Ugusenga no kubesha ntibijana, akaba asenga Imana tuzi RUREMA, ntasukemwo umuriro igihugu, ni amaduke siwe mukene niyaba adakenye umutima. Abarundi ndibaza ko bakanura ubu, agakenera kubanza gusesa amaraso imbere yo kugenda, azoyabazwa, ariko nibaza ko atoba ariko asaba ikigongwe kuvyo yakoze igihe...., ngo agerekeko ibindi. Ndamuhanuye gusenga Imana Rugiravyose, areke kumviriza ibihweba bimukikije, kuko hagasubira guseseka amaraso kubera we, yitege kuzovyishura wenyene.

  • - Nageze aho , mbe yitoza ngo akore iki?
    - Ivyo yakoze muriyi myaka cumi twarabibonye nabise abandi kuko amategeko ntabimurekurira
    - ataraho naho azoba yuguruye LA BOITE DE PENDORE "" azoba yerekanye kwakoresheje inguvu rero nuwundi mu civil , umusirikare canke umupolice azoba arekuriwe gufata ubutegetsi biciye mugikenye , aho rero akwiye kuhagabira si non bazoba bamutaye murudubi
    - Ahubwo narondere VOIES ET MOYENS DE SORTIE IMINSI YAMUJANYE
    - Amenye kandi ko amakungu amucunze kugira apfe kurivuga gusa , NA KABILA VYARAYE BIMWANIKIYE NAWE NYENE NAHEBE ? KANDI AGOWE AKIRIKO AHO MURI REGION DES GRANDS LACS AMATORA AZOTANGURIRA MU BURUNDI rero koba ari akarorero kabi ahaye abandi bimirije guheza Mandats zabo
    - Ivyo vyokuvuga ngo ndahavuye duca dufatwa ntaco bazobagira ahubwo ahagumye ingaruka mbi zizoba urutavanako

  • Yewe nkurunziza bikore nkuko izina ryawe rivyemeza :::NKURUNZIZA:::duhe inkuru nziza yemeza neza ko amategeko atakurekuriye ko wo kwitoza ubugira gatatu,,Iyo sentare ntana kimwe imariye Abarundi kiretse gushigikira amakosa n’ubwicanyi gusa,,mbega hoho iyo Reta niyo yonyene izi amategeko gusumba abateguye ayo masezerano!!!!!CNDD FDD wa twiciye igihugu w’ica nabeneco Urwaruka rugahunga igihugu kubera ubushomeri!!!!ubukene ntiworaba,,nkurunziza genda uri NKURUMBI,,,

  • Intumva .same.organization burundians.

  • Nonega kuvaahoyibiye ntarahaga ahoigituma agumaaterigere nukoaziko ichochubahiro kimuvuyeko azochaatangura kurondegwa kuyvaha yagirizwa ahontimwibaze ngonikindi ariko bachumuganingo ukorichizakigagusangimbere wakorinabinaho kigaguherekeza nagende azowote ivyoyatumariye twrabibonye nokuribuyoya yariyaratwichayeko nivyashikiraho natumvemumaso nadagambagende

  • nabe nkurunziza koko avuge kwatazitoza kandi nikibanza azocajamwo niciza ahandihoho abikora biramukora

  • NGO URI INGABO !!!!NTA BUGABO UI BARIBESHE ..CANKE NTA MATEGEKO UZI..
    ABA ACTEURS SOCIAUX BARAVUGA POLITIQUE NAHO BAHAGAZE NTA KIBUZA NI ABA CITOYENS !!!UBUZIMA BW IGIHUGU BURABARABA PE ..NIWEWE UTAZI ICO UVUGA

  • azokwitoza hama name bandanya uwo mugambi wakajagari mwatanguye nimwagatangura imbonerakure turiteguye tuzobazimya budakeye nakabiri

  • Barundi barundijazi ikishe igihugu cyanyu nuko mwese mushaka kuba ba president kandi bidashoboka,ikindi ni ukuvuga ibyo mushaka nibitaringombwa, aho kuganira kucyabatezimbere ibiganiro byanyu ni amacakubiri n’imigambwe gusa, nimudashyira hamwe ntaho muzagera,ahubwo naho muri muzasubira inyuma, ikindi mukwiriye kumenya nuko Ntanduru ihangana n’Ingoma,mukwiriye kubaha ababayobora,aho kwirirwa mubaha induru bituma nabo batabona umwanya wogutekereza icyatezimbere Igihugu. muzigire kubihugu byayeyimbere murebe uko hose byagiye bigenda.

  • Bavuga ko bazi Imana ariko ibikogwa bakora bikabihakana.Imana si nk’umuntu kuko Yoyo irihorera ariko bidatevye ikavyerekana.Reka nanone nsabe uyu yiyita NDAGIJE yige kuvuga no gushira mugaciro,ibitezimbere igihugu n’ukuri no gushira hamwe;none ukuri kuri muvyo kwitoza ubugira 3 kuri he?NDAGIJE niba uri busome iyi comments yanje ugire ico usiguye muvyo wabariye abarundi nanje ndimwo.ibihugu vyateye imbere nibihe ushaka kuduhako akarorero? Urakoze

  • Enyi Warundi Nani Ariye Turoga?Tuombe Amani Tuombe Amani Tuombe Amani Amani Itaware.

  • Enyi Warundi Nani Ariye Turoga?Tuombe Amani Tuombe Amani Tuombe Amani Amani Itaware.

  • Enyi Warundi Nani Ariye Turoga?Tuombe Amani Tuombe Amani Tuombe Amani Amani Itaware.

  • Jewe uyumuntu Ndagije mbona ivyavuze arivyo gukeburana vyaramyeho kandi mubihuguvyose vyateyimbere harabaho abantu bakebura ama leta yabo ariko ntibabahanura batukuriye nkuku muburundi abavugangobariko barakebura leta usanhamengo vyarangiye bajebiteguye nogukuraho leta ihari ujerero warahiye utatabiza nukuvuga nahonyene mugakurakuranywa burimusi ivyontacobimara mbere kubera kuguma mutatabiza burikunisutashe leta nivyo ibayari bukosore ntihaza ngwironke umwanya wokinikora kubera mugumanwungikanya mugutatabiza muvuga.

  • Ariko Ga mana ko wari warakoze ukaduha Nkurunziza agatwara mandat zibiri. Ntiworaba ayo twabonye ugakora ubucira kandi ukongera ukarushirizaho ukamudukurako.

  • NASUBIRE YITOZE NABNDI BATWAYE IBIHE VYISHI

  • Ngo Mandat ya mbere ntiyari MandAT! Murahumba basha abibaza ko bazohembukira muri 3è mandat ya NKURUNZIZA! Ahubwo ngira ntimuzi gusoma? Nimba mubizi naho mufise agatima ko kwikunda nta gihugu mukunda murabesha ahubwo mukunda inda zanyu kandi abarundi ntibagikeneye abantu bameze uko.Bakeneye abatware bakunda igihugu bakakizamura mu butunzi kikajz=a ku rugero rw’ibindi bihugu biteye imbere .Abipfuza kutugira abaja babo nka Nkurunziza ni bateshwe bate narye nivyo biramaze akuya yabize ari mwishamba yaragerageje kukihanagura kuko amatwi adusumira ari mu batunzi bambere mu ba président bo muri Africa.Ikibabaje n’uko abarundi bamwizeye ariko baruhiye kugogwa ay’ikivumvu bagira ngo démocratie izobakurako urupfu , ubukene n’agacinyizo.

  • mukinda mugaramye,mwubamye,amaso y’ibikere ntabuza abavoma,mupfungwa,mukom’induru,ntaco bintwaye ko nirira inkoko n’ibinyama nkaba mfise abakubitirwa kundarira

  • Urabesha ivyo wigira ikiringo cawe cararangiye ..............genda wimbure ibiraya iwanyu................mubintu vyose wadukoreye twashime kubakira inzu muvyeyi wa Melchiol Ndadaye ...nayahandi ho uri umwicanyi mubiiiiiiiiiii ..............Imana irakurindiriye mwe na Adolphe na Bunyoni muzonyongwa Vuba

  • NGOMBA MBANZE NSHIMIRE UYU MUNYARWANDA NDAGIJE KUKWASABA ABARUNDI KO BOKWICARA HAMWE BAKAYAGA ICOBATEZA IMBERE KIKABAKURA MUBUKENE BWABO.NDANGIJE MBWIRA ABARUNDI KO IKI KIBAZO CIKIRINGO CA 3 CA PETERO NKURUNZIZA ABARUNDI TWESE TUGIFISEMWO INYUNGU ZITANDUKANYE INGORANE NUKO TUGOMBA KUKIGIRA RUSANGI ARIKO KUVYUKURI ABARUDI NTTUGISANGIY KUMWE.DUSEGNIMANA!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.