IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amatora y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yahawe irindi sango

Amatora y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yahawe irindi sango

dimanche 19 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD ryariko ribera mu ntara ya Ngozi kuva kuri uwu wa gatandatu risozerewe kuri uwu w’Imana hadatowe uwugiye gusubirira Pascal NYABENDA yahora aramutswa uwo mugambwe. Amatora y’indongozi nshasha za CNDD FDD yashizwe mu mezi abiri ari imbere.

Amakuru dukura i Buye ahabereye iryo koraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD avuga ko ico kiringo catanzwe kugira bahe umwanya umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wo kwemeza amategeko mashasha agenga uwo mugambwe yashizweho muri iryo koraniro. Amwe muri ayo mategeko mashasha akaba ari ukwemeza ko uwo mugambwe utwarwa n’umunyamabanga mukuru, uwo nawe akaba ari umukuru w’inararibonye z’uwo mugambwe.

N’aho ayo mategeko yose ataramenyekana, amakuru dufise amenyesha ko uwo mugambwe ushaka kandi gukuraho ubwinshi bw’abantu bafata ingingo muri uwo mugambwe.

Hashizweho kandi umurwi w’abantu bagiye gutegura mu kiringo c’ukwezi kumwe amatora y’ibisikanya z’indongozi za CNDD FDD mu gihugu cose, kuva ku nzego z’ibanze gushika hejuru.

Abari batumiwe muri iryo koraniro ni abari mu nzego z’umugambwe, abari mu buserukizi bw’umugambwe, abakora mu buzi bahawe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu (nommé par décret) canke bahawe akazi ku ngingo y’umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka (nommé par décision du président du Senat et de l’Assemblée nationale) ariko bakaba bafise amabanga bajejwe mu mugambwe, ba Musitanteri b’amakomine yose agize Uburundi hamwe n’abakuru b’amanama mpanuzwajambo, ariko bakaba ari abanywanyi ba CNDD FDD.

Pascal NYABENDA yahora ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD asubirijwe mu gihe atari bwaheze ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.


IGIHE

Messages

  • None pasikari bamukuriyiki? haringorane yarafise mukazi yakora. kotuzi yarumuntu yitonda none umuntu baramukura mukazi batamumbwiye igitumye bamuhagarika

  • Emwe nibagombe bamuhe nubunyumbakumi bwigihugu cose.kizima namaze kwisohokera mva murukokuzimu ngo nigihugu.mwebwe musigaye muragowe pe!uyo shetani ngo niperezida azobamarira kunkota atora kamwekamwe kugeza agisigaremwarumwe naba-de-de biwe basangiyumugambi mubi.

  • Nkurunziza ni Mandela w’uburundi. Natwe mu Rwanda uwaduha umuperezida umeze nkawe akadukiza Shetani kagame.

  • umva nivyiz ko baza barabisany igihugu kirimwo incabweng nyishi nabis aband gusa harico mumuzizij kuk ntiyar bwarangiz ikiring ciw

  • JEWE NDAKUNDA UMUGABWE ARIKO Mwikoraniro kaminuza sinza gutora ariko icosaba abaza gutora nuko botora uwundi arongora umugabwe atari nkurunziza ariko sukuvuga kwatabisoboye arasoboye ivyoyakoze turabishima twari dukwiye gutora uwundi adafise amabanga yohejuru cane afise umwanya ukwuye kugira yame hafi yabanywanyi buri mwanya bikenewe

  • SHA REKANA NA SNDD FDD BURYA BAFISE AYANDI MABANGA BAMUTEGURIYE AHAMBAYE YAKOZE VYISHI NTIBOMWIRENGAGIZA NUMUGABO

  • Pascal nagira ngukebure hamwe nabandi barundi bavugankawe iyo bajabutse imbibe,none Pascal kumuntu agira umuryango munini warawusohokanye wose kowise uburundi ukuzimu!!???nivyo wobawarababaye nkuko harinabandi bababaye ariko tsindishavu siwenyene.arikoniwaba waratwaye umuryangowawe wose ivugirivyo ushaka igisigaye nukwibaza niba ahuri arimwijuru,kukongaha mwisi ntahoguhungira hariho.none mwenabomusangiye iyomvugo ahomuri nihahungabana ho muzocamuhita ngwiki?? Garuragatima intibagira ntibana uhezagire igihugucawe kuko kiracagukeneye,nibushakako igihugu kimeraneza unigiramwo uruhara mukugorora ibigoramye!hari bashikawe bavyarawe banyokorome benewanyu baracari mucowise ukuzimu.birababaje kwumva harabantu batarabona ahisigeze bakiyambura ivyobambaye vyicubahiro mukwita ubwenegihugu bwabo babitsemwo uruzogi ukuzimu !! Ndateyakamo abarundi barihanze yigihugu ndababwira kiyagise uruharagwo kuvuganeza igihugucabo,canecane abarimurwanda nibigire kubanyarwanda ingenebakundigihugu cabo bibigishe gukundicabo.nabarahandinuko ivyomwipfuriza igihugu canyu nivyo muzoronkera ahomuri-nimwipfuzamahoro IMANA izovibanza kuyabasanzahomuri hanyuma iyongere kuyarimugihugu gicegisesekara amahoromasa kuyomuzoza muzanye nayomuzohasanga.igihugu nicacu nitwebwe abacitirigwa tukigize kandi ntiturabamarayika kohatogiricodupfa ariko bishitse dutegerezwa gukurahivyodupfa tukubaka bishasha tujimbere.IMANA ihezagire uburundi nabarundi bemerakwaribo bakanabigendera ahobarihose ihezagire abapolici nabasilikare ninzegozose zijejwe. umutekano harimwo jewe nawe ninzegozose zigihugo.mwarihanganiye ibihebigoye mwabayabagabo keshi nubumukiriko ntacokubahemba mfise ariko ababakundatwese tubaragiza IMANA irazigikwiriye umuntu wese kandizokimukorera (MUKOMERE)

  • EMW IVYOBINTU BIRAME NZOBONE! MUKABONA BITANDURUTSEMWO IMVURURU MUZOMPINYUZ AYOMATORA ICATUMY ATABA BIRIMWO AMA KODE MENSHI

  • vyasa babanzebamureke aheze mandat yiwe canke bamwongere amategekonayo yatowe hamweyobarayubaka adakoresha kamwana wamama yodushimisha

  • Nyakwubahwa Nyabenda ndabona hariho abariko baramwihendako.
    Umva ndababwire ibivyose biriko birategurwa vyamatora mumugambwe DD mubavyiyumviriye bakabitegura Nyabenda arimubambere , ariko hano hariho abihaye gusa nabashaka kwivugisha utuntu twokuvugako azobakuwe ikiringociwe kitaragera bagashaka kwerekanako aribara riguye muri DD ndabaha akarorero raba amatora yasimvye none kugeza igihe azobera mwibaza kwarinde azoba atara DD ? Ntawundi ni Nyabenda, none mwarumvise kobashizeho uwuzobaratwara DD wimfata kubaza? Oya Ninyabenda azokomeza kuwuyobora paka amatora abaye.
    Nagomba kubabwirako iyaba arugushaka gukura ikitaraganye Nyabenda ntiborindira ivyamakoraniro kaminuza mwokwumva itangazo batangaza koyasubirijwe nimpamvu bakazoduga nizereko mwibuka uwoyasubiriye ukwovyamugendeye.
    Nyakwubahwa umukuru winama nshingamateka Nyabenda arashiririye yabumukuru wumugambwe canke atabawe aguma ashiririye .

  • nimwirambire bagumyabanga.Turinyumayanyu!!!

  • nimwirambire bagumyabanga.Turinyumayanyu!!!

  • reka bitondo kuko nabagabo bijunja nijambo nibirambire bakomere

  • Ewe Nkurunziza Gifate Pe!

  • Nivyiza Ndabishimye Imana Ibajimbere!Komera

  • Nivyiza Ndabishimye Imana Ibajimbere!Komera

  • @mujeri mbazumutima samson. Uri ikijuju cy’igikwangari.

  • Ndagomba ndasubize uwiyese kanyarwanda wa nterahamwe we niwabona Nkurunziza atwara neza uragende i Burundi bazokwakira kuko ngaha i gwanda turazi ingene dukora kandi turamaze gushika kuri vyinshi Nkurunziza atarashikako ngira n’interahamwe iyo ziravye u gwanda aho rugeze baragira amasoni

  • @Mbazumutima Jerome, wewe ushobora kuba urumukozi w’Imana iyobivavyose kuko iyutanze iciyumviro nkunzegusanga kirimwo akanovera.
    Muvyukuri hariho ibihugu vyatewe umvanamwe, nk’igihugu coha indaro umuntu avuye mugihugu ciwe camavukiro ekawanashaka kikamuha nubwenegihugu bwaco maze agasimbira kugasozi akavugango igihugu ciwe camavukiro ngonukuzimu, wumva wewe wamuhaye indaro canke ubwenegihugu mumisi izoza atazogukwegera akarambaraye mugihe azogira akantu kamudidanira kwatagihugu kiburanwo utugorane?

  • Wewe Gahungu , wewe nturi umunyarwanda uri umurundi womurikakarwi kagizwe na Mujeri wewe uri Mujeri imweyikomvyo imweyaturira abantu babona Bujumbura.

  • MUPENDATUWIRIKAMOJA.KARIMUPONYOKA. UMUNTUWESEKUGITICIWE. NAGUMANE.AMABANGA.AFISE.IVYONIVYOBIGUMAVYONAIGIHU.TWIREKUBATANZANIYA. CAMWA.CAMAPINDUZI.PREZIDA.AVAMURIBONYEND. NICOGITUMABABISIKANYA.ATAMVURUZIBAYEMWO. MUBURUNDINTITURATAHURA. IJAMBOKWUBAKA. NTANIGITABOKIRASOHOKA.CITWAKWUBAKA. ABAGUNYABANGAMWESEMUKOME.KWIBANGA. NTIMUHENDWE. UMUGAMBWENTIMUWITIRANYE. NIDINI.GYABAPOROTISTANTI. IYOMYAKATWIFUZAKURONGORA. IKIZOIDUHA. NTAURAKIMENYA .KUKOABANYABWENGE.BABIRI.NTIBOCINYAMA.NGWISE.JIJUKABARUNDI.TWUBAKE

  • Aba dd ntako mutagira mukubumbabumba ivyafyondotse nkurunziza nawe araneganega aho yaneguwe mbe iyomutomorako mwakoranye kugira nkurunziza arage akanyuma mwari kubiki kubijanye nanyabenda navyo burya yabonye kumukura atamuhamvye mucobo bidahagije nkuko yagize adolph na Darius nabandi burya aramwibikiye rindira ayo mezi2 niyahera atamwirahiye azoba agira imana aba dd nimureke kwihera impundu mukigunda ivyanyu vyarahinyutse

  • Hewe K reka ndakubarire ico mutari mwamenye urazi ingene igihugu ca isilaheli ca vutse ngira niko no ngaha iwacu bizogenda kuko abahutu n’abatutsi dutegerezwa kubana canke tukagira ibihugu bibili kandi bizoba ntacibuza nahohoho kunyita mujeli urantwengeje cane gose kuko na Habyarimana yaratwita Inyenzi mugabo uko vyaheze ngira warabiravye none no ngaho nimurindire

  • Jewe nahoranumva aba CNDD FDD bavuga ijambongo bacemwo bacemwo nkagirankagira nukuryoshagusa none ndabonye icobisigura .
    Umva baragiye bariga ukuntu bokwidagadura nkabarongoye abandi nabakunzibabo babona bocabagirizwa kobatanguye kwiyamamariza amatora yomuri 2020 baca bigira inama yigutumiza iyi congeresi idacanzwe basanabafise iconashaka gukora kumbe baribabizi kwataco bazagukora bazakuca bavugako harihibintubisabwako umushikiranganji wintwaro yohagati abanza kuzoreba, noneho kwiginana kwabo bababaragukoze neza, mukabamwimvise ko mumezi abiri nubundi bazokwongera guhura bongere bidagadure, ubwonahonyene bashobora kubisivya kugira bikomereze kwidagadura, Jewe rero ahonihompera mvugako ryajambo bakoresha ngo’ BACEMWO niryo kuko ntakubacamwo gusumba uku kuko bobo babazi icobarikobarakora abandingo Nyabenda ngobaramukuye ikitaraganye ngwibara riraguye muri CNDD FDD !
    Ariko abakurikiranye iyinama yabo ubona Nyabenda iyinama atariyifisemwo uruhara mukuyirunganya mbemubona ivyogushiraho uyundi akamusubirira haricobimunezeko.

  • Igikuru nuko bohagarika ubwicany n’akarenganyo nayo ibindi vyose n’ubusa!

  • Uyumuntu yatanze iciyunviro kigira kabiri kuriyinkuru aca yiyita izina ryanje ngo ni bacemwo ubwo arazi icatumye nitwa uko? Atacazi ntazongere kwiyita bacemwo kuko uwo ndavye ivyoyanditse ndabona ni mujeri nazo zamujeri ziratontoma gusa mugabo ntazo ntizibatere ubwoba kuko ziraziritse benewacu zoulu ngizenti songambere

  • Murahumba basha ntagihugu tufise cogucamwo kabiri mbega mumyaka40 mwatwaye twebwe turi musi yibirenge vyanyu ntitwigumije? Jindira natwe tuyibatware hayuma namwe mushikirwe mugabo sinzi ubwo Yesu ntazoba yaragarutse kujana ishengero ryiwe?

  • None Ko Mutatubwira Amazina Yuwasubiriye Pascal Nyabenda Mumabanga Yo Kurongora Umugambwe Cndd Fdd

  • Nibamukurekuko Inararibonye Nayo Ishoboragutwarahose Mugabo Zamutwibuka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.