Accueil > Amakuru > Poritike > AMIB ihamagarira abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira kwitaba (...)
AMIB ihamagarira abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira kwitaba ibiganiro
mardi 23 Ruheshi 2015
Umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu Burundi,uhamagarira abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi,kwitaba ibiganiro bitegekanijwe gutangura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,mu nyubakwa z’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.
Mw’itangazo ryateweko umukono kuwa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini Ibrahim Fall,abahuza mpuzamakungu basaba ko ibiganiro bihuza abarundi bisubira gutangure kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.
Ivyo biganiro bitegekanijwe gutangura isaha zitanu,ariko abo ku ruhande rwa Reta bakaba baramaze kwerekana ko hari ibidategerezwa kuggirwako ibiganiro,ivyo navyo bikaba ari ibishobora guhonyanga ibwirizwa nshingiro.
Mwomenya ko ibiganiro bihagarariwe na Abdoulaye Bathily,intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU,inyuma yahoo Said Djinnit yari yatanguye ico gikorwa atangiye imihoho.

Messages
23 Ruheshi 2015, 10:56, par MBONI
NONEKORETA IVUGA.KOHARIVYO BATAZOKWIGAKONIKUKI AYONAMANYANGA AHUBWONIBIGEKWI BWIRIZWASHINGIRO NAMASEZERANO.YA ARUSHA.NTAKINDI NIVYOVYAZANYE. INGORANE.NTAKINDI BAREKEKUDUHENDA
23 Ruheshi 2015, 11:00, par jonathan
Numva bitoroshe noni abarundi twaremwe gute??
23 Ruheshi 2015, 12:25, par Mbonimpa Nicolas
Yooh ubu opposition iremeye ayo matora vya kweri saw ariko bamenye ko ari théâtre Kuko
barayahejj ku yamesa aba CNDD ebana ce fini
23 Ruheshi 2015, 14:22, par BIG
IKIBAZO MFISE"ABAGABO BABIRI BAGIYE KUBURANA HARAHO VYARIBWAKABONEKE KUMWE ACABWIRABASHINGANTAHE NGO HARIVYO MUTAJEJWE KUVUGAKO.
23 Ruheshi 2015, 18:13, par Emmanuel
abanyeporitike iyaba ubwambere bose bakunda IMANA bagakunda abene gihugu nk’abavukanyi isi iba ifise amahoro.uwo n’umugambi wa satani kandi no mu banyeporitike harimwo abakozi biwe(abafise imigambi mibi).abanyamakuru mwese mufise vyinshi vyo kuvuga kugeza yesu agarutse.iyi si yacu yamanukiwe n’wahoze ar’incuti y’Imana agahinduka umwansi wayo munyuma kugeza n’uno munsi(ivyahishuwe12:1-17)
23 Ruheshi 2015, 18:27
AHUBWO LE MEDIATEUR DOIT ETRE PUISSANT DE METTRE EN APPLICATION LES DECISIONS PRISES COMME REMEDE DE LA CRISE POL4TIQUE AU BDI.ALORS NS ALLONS VOIR LES EFFETS DE CETTE AVEUGLETE ETATIQUE BDAISE.