Accueil > Amakuru > Poritike > Anicet Niyongabo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza
Anicet Niyongabo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza
mercredi 5 Ruhuhuma 2014
Mu gihe Jean Claude Ndihokubwayo, uwariko aravugwa ko ashobora gusubira mu kibanza ca Bernard Busokoza yahakanye ko atarota afata ico kibanza, amakuru ava mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ico kibanza cahawe Anicet Niyongabo yahora ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Anicet Niyongabo agenywe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza mu kurindira ikizova mu badasigana b’umugambwe UPRONA.

- Anicet Niyongabo (hagati), icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza
Ingingo y’128 y’ibwirizwa shingiro imenyesha ko iyo bishitse icegera c’umukuru w’igihugu agatanga imihoho, akitaba Imana, canke ikindi kintu cose comutuma atakaza burundu amabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu, hategerezwa guca hagenwa ikindi cegera c’umukuru w’igihugu, agategerezwa kuva mu bwoko bumwe hamwe no mu mugambwe umwe n’uwo asubiriye mu kibanza, ivyo bigakorwa mu kiringo kitarenga iminsi mirongo itatu, bakaba batangura guharura kuva uwahahora avuye mu mabanga.
Mwokwumva ngaho ko gushika ku genekerezo rya 2 Ntwarante 2014, umukuru w’igihugu ategerezwa kuba yamaze kugena icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akazotegerezwa kumukura mu mugambwe UPRONA, kandi akava mu bwoko bw’abatutsi, nk’uko vyari kuri Bernard Busokoza yahahora.

- Bernard Busokoza yakombowe n’umukuru w’igihugu amaze amezi atatu gusa mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Anicet NIYONGABO yahora ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagenywe kugira abe arakora ibikorwa bibayabaye vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mw’ikete ryateweko umukono ku munsi w’ejo igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2014 na Commissaire de Police Alain Guillaume BUNYONI, umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Muri iryo kete, Anicet Niyongabo yamenyeshejwe ko agenywe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza.

- Anicet Niyongabo (agira gatatu uhereye i bubamfu). Aho hari umunsi Terence Sinunguruza yabisikanya na Bernard Busokoza mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Egide Nduwimana
Messages
5 Ruhuhuma 2014, 10:18, par Pierre
Ngo ABA Tutsi ntibahemuka, hari kera. Nakare Ngo ubwambure bwi Inkoko ubwerekwa numuyaga. Karashize ingani niyoyankana ahemukire ubwoko bwiwe kubera inda? FNL Rwasa niyo solution yibigoye uburundi
5 Ruhuhuma 2014, 10:38, par Muhoza
Yemwe abakunda uburundi hagurukira rimwe twerekane akababaro dufita kubiri kubera mugihugu cacu.Abarundi baho hambere bari bafita ubwe bo bavuze bati:"Ngw’agasozi kamarere kahiye abagabo babona"None igihugi vyukuri kibe inzu y’umuntu aho avuga iryo agomba agakora ico ashaka kimushimish
a?Turamabaye ibara mu makungu pe!Mana tabara uburundi udukize bansumira inda
5 Ruhuhuma 2014, 11:05, par tharcisse
Aho bariko barabinyarutsa kugire rya bwirizwa shingiro bikunde baritore,ariko naho bimeze uko,ntibibaze ngo biraheze kuko akari inyuma karahinda.
5 Ruhuhuma 2014, 12:49, par Bwitonzi
Ivy’uburundi bigeze aho Imana yonyene imurikira abagifise iteka,ubuntu n’ibanga na cane cane akaranga ingabo za Mwezi zari zifise kugira bahagurukire Uburundi bwacu ntibugwe mw’isanganya. Ndumva hasigaye akanya gato n’ubwo karura ngo uwu mukorane utamanzure. Humura Burundi!
5 Ruhuhuma 2014, 16:11, par jjjjjj
Muzemurinda ajambo ateye ubwoba NGO akarinyuma karahinda
5 Ruhuhuma 2014, 21:25, par Dison
Nkurunziza nareke kurenga amategeko bo nyene basigne I harusha hama ayakurikize yubak igihugu cank ademisione abandi bubake niba gusambura bitanguy kuba
6 Ruhuhuma 2014, 04:10, par Mama
Nanjendabisubiyemwo muzemuririnda kuvugibintu biterubwoba abenegihugu, mukwirinda kuzamurakoresha ijambo ngo AKARINYUMA KARAHINDA.
6 Ruhuhuma 2014, 06:25, par Freddy
Barata baratora!!!! Abaporona biranse kabisa,,aho izo strategies zose muguma muhindura musubira Ngo mushak’igihugu???? Imana iyo yatse nti yisubirako,,,,ivyo mwakoreye abarundi yarabibonye Ni maco gituma yakibatse kandi uko ndabibona mukabandanya muter’induru n’iyo vice-Présidence murayibura musubire inyuma ya ya miguta yanyu kabisa.
6 Ruhuhuma 2014, 10:40, par tharcisse
None ko uwategerezwa gusubirira busokoza ko yari gutangwa nurya niyoyankana bagabiye umugambwe,vyagenze gute baciye bishirirahouwundi kugira bikunde rya bwirizwa shingiro bikunde rirengane!nakamunaivyo bintu nubwambere biba murico gihugu cacu,twariko turitegurakuzohava dutaha ariko ntacizere.
6 Ruhuhuma 2014, 12:00, par Karikurubu
Hasigaye ko intwaramiheto nako indarangavye zagiye muri SOMALIA zitaha narirya numva ngo zimase iminsi zitumvikana hagati yazo. Amakuru ava i Mogadiscio aravugako ku munsi wa gatanu umusoda wo ku rwego rwo hasi yashatse kurasa abasoda bagenzi biwe haca haza umu Lietenat wo muri uganda kubangurukanya. AYO MAKURU YAKOMEJE KUGIRWA IBANGA KUGIRA AL SHABAB NTITERE IBIRINDIRO BYA AMISOM